RD Congo: Intambwe yose iterwa na M23 isiga imiryango mu kangaratete

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
- Umwanditsi, Orla Guerin
- Igikorwa, BBC News, Goma
Heshima ari mu bubabare mu gihe ariko yinanata kugira ngo avyuke, icuya camurenze mu maso. Uno mwana w'imyaka 13 yicaye ku gitanda mw'ihema ryo mu bitaro vyarengewe n'abarwayi mu gisagara ca Goma mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Ukuguru kw'ukubamfu kwa Heshima gusigaranye agace kaboshe na pansuma (pensement), mu nda haboneka ibimenyetso vy'ubushe, kandi abavyeyi biwe bompi barishwe.
Incuti yiwe, Tantine, aratubwira uwo yagiriza: inyeshamba za M23 zishigikiwe n'Urwanda ziriko zirwanya igisirikare ca Congo, FARDC. Izi nyeshamba ubu zigenzura ibisagara bibiri binini vyo muri ako karere k'ubutunzi bw'ubutare bw'agaciro, gahana urubibe n'Urwanda.
Tantine agira ati: "Hari ku wa Mungu. Hari intambara hagati y'izi nyeshamba na FARDC. Bateye ikibombe, nkaba natakaje batandatu mu muryango wanje".
M23 yiyita umuhari urwanira ubwigenge, kuzana amahoro n'ituze mu gihugu capfuye, kirongowe n'umukuru w'igihugu ivuga ko yananiwe, Perezida Félix Tshisekedi.
Uno muhari ugizwe ahanini n'Abatutsi, umaze igihe utanguje intambara kuva mu mpera za 2021, aho wagiye wigarurira uturere – ufashijwe n'ingabo z'Urwanda zishika 4.000. Ibi bivugwa n'abahinga ba ONU bavuga ko Urwanda ari rwo "rufatiye umuriro" uno muhari, ivyo Kigali na Perezida Paul Kagame bahakana.
Amakuba abanyagihugu bajamwo uko M23 ikomeza kwigarurira uturere urayabona ushitse ku bitaro vya Ndosho, aho Heshima ariko aravurirwa.

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
Abaganga ntiborohewe mu kuvura igitigiri c'umurengera c'abasivire n'abasirikare bakomeretse mu mpera za Nzero (1), igihe izi nyeshamba zafata Goma. M23 ivuga ko yabohoje iki gisagara.
ONU ivuga ko abapfiriye muri iyi ntambara bababa 3.000.
Abarwayi bariko bavurirwa mu vyumba bine bikorera rimwe, umusi wose, rimwe na rimwe no mw'ijoro.
Myriam Favier wo mw'ishirahamwe CICR risanzwe rifasha ibi bitaro agira ati: "Ni ibintu biteye ubwoba ku baganga".
Avuga ko abaganga baryama mu vyumba vyo kubagiramwo.
Ati: "Ibikoresho vyacu vy'ubuvuzi vyarasahuwe igihe nyene ibintu vyatangura kuba nabi. Kandi twakiriye ibitigiri tutari bwigere turonka imbere y'aha - hagati y'abantu 100 na 150 ku musi mu kiringo c'amayinga atari make".
Ibi bitigiri vyaragabanutse gushika kuri 10 buri musi, nk'uko bivugwa na Favier, avuga ko "ubu abantu bariko bagerageza gusubirana ubuzima".

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
Uriko urazunguruka muri Goma, uhura n'amapikipiki yuzuye amabarabara. Amaduka menshi aruguruye, n'abacururiza ku mabarabara baragarutse n'imirundo yabo y'ibitunguru, amavoka n'inyanya.
Nta kimenyetso kinini ubona c'abarwanyi ba M23 bafise ibirwanisho bikomeye. Ntibahagarara ku mabarabara. Ntibikenewe. Bose barazi ko ari bo bafise ibintu mu minwe.
Umugabo umwe avuga ko abantu bokwemera na shetani mu gihe bobona ko yozana amahoro.
Ariko abandi barinengesera. Umunyamakuru umwe avuga ko ibinyamakuru "vyisuzuma" mu vyo bitangaza, mu kurindira kugira babone ingene abategetsi bashasha bazovyifatamwo.
Umwe mu baharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko benshi "babayeho mu gacerere kenshi" kubera gutinya ko inyeshamba zokwihora.
Ati: "Iki ni co gihe c'ubwoba kitari bwigere kibaho muri kahise ka Goma. Mfise ubwoba, kazoza ntigatomoye na gato".
Ariko si ko bimeze kuri M23.
Willy Manzi, buramatari mushasha aherutse kugenwa na M23 akaba yari aherutse gutahuka avuye muri Canada , yanditse kuri X ati: "Nimwitege amahoro, umutekano, iterambere, ugutanga akazi... kazoza katagira impunzi, ata ruswa, ata nzara".
Ariko ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bahungiye mu makambi ya Goma muri ino myaka ya vuba bahawe ubutumwa butandukanye.
Bahawe amasaha 72 yo kuhava. M23 ishaka ko aya makambi afutwa, co kimwe n'iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho yoba iyinyegejemwo.
Divine w'imyaka 19, ateruye umwana, uwundi ahagaze iruhande yiwe agira ati: "Baraje batubwira bati: 'Mufise imisi itatu yo gutaha'.
"Twaragize ubwoba bwinshi cane kuko ntitwagira iyo tuja. Amazu yacu yarabomowe. Inzara iratwishe, none wosubira gute muhira ataco dufise?"
Uko avuga, niko isinzi ry'abantu badukikuza. Bazunguza umutwe mu gacerere baboneka mu maso ko batekewe n'ubwoba.
Umugabo asaba ko izina ryiwe ritomenyekana, agira ati: "Bari abansi bacu, none ubu ni bo babanyi".
Divine aba mw'ikambi ya Bulengo – akarere kuzuye amahema yera ashinze ku mabuye y'urutare rw'ibirunga yirabura, gakikujwe n'imisozi y'icatsi kibisi.
Twinshi muri utu tuzu ni nk'ibisigarira vy'amahema. Ariko iyi kambi ni yo yari ubukiriro - gushika aho M23 itangiye iri tegeko.
Igihe twabagendera, benshi bariko baratekera, begeranya udukwi, uduhema n'udusaswa.

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
Inyuma yo gutegeka abanyagihugu kuva mu makambi, mu nyuma M23 yavuze ko yariko ibasaba "gutahuka ku gushaka kwabo".
Ariko benshi muri izi mpunzi ntibabona ko ari ku gushaka kwabo.
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko ibi biri mu rwego rw'ihohotera rikorwa n'izi nyeshamba yagiriza gutera ibisasu badatoranya, gufata ku nguvu mu kivunga, hamwe n'ubwicanyi ndengerabutungane.
Ibi ni vyo birego vyagirizwa igisirikare ca Congo n'abagifashe mu mugongo.
Iyi ntambara imaze imyaka mirongo, ahanini ifise inyanduruko kuri jenoside yo mu 1994 mu Rwanda, igihe abantu bababa 800.000 bagandagurwa, benshi muri bo Abatutsi, bicwa n'Abahutu b'intagondwa.
Inyuma y'aho inyeshamba za FPR zifatiye ubutegetsi mu Rwanda, Abahutu benshi bahungiye muri Congo, harimwo na bamwe mu bagize uruhara muri iyo jenoside. Urwanda ruvuga ko babandanya babangamiye umutekano warwo.
Ariko abayinegura bavuga ko Kigali ata kindi irondera atari ubutare bwinshi cane buharangwa, bukaba ari nkenerwa cane mu guhingura ibikoresho vy'ubuhinga bwa none harimwo imashini nyabwonko ngendanwa (laptops) n'amaterefone ngendanwa.

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
Hariho ubwoba bugenda bwiyongera ko intambara zo kugenzura aya matungo zishobora kuvamwo intambara nshasha y'akarere, ishobora kugira ingaruka gushika no kure cane ya Afrika.
Uko biri kwose – umuntu afatiye kuri kahise – amatungo yo musi y'ubutaka asa n'uko ata nyungu azanira abanyagihugu baho.
Dusubiye mw'ikambi y'i Bulengo twahuye na Alphonsine yariko arasohoka ari kumwe n'umuryango wiwe wagutse, afise n'intekera ku mugongo.
Avuga ko rwari urugendo rw'imisi ibiri kugira ngo ashike iyo yaja, kandi ko ataco yari agiye kuronderayo. Inzu yiwe yarabomowe.
Namubajije nti: "None uzobaho gute?"
"Naje mu mubabaro", ni ko avuga, "none ngiye mu mubabaro".
Abanyamakuru ba BBC Wietske Burema na Göktay Koraltan baterereye muri iyi nkuru.














