'M23 yategetse abateshejwe izabo gusubira mu mihana yabo ku nguvu i Goma' - Human Rights Watch

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ihirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw'isi, Human Rights Watch rivuga ko umuhari wa M23 ufashwa n'Urwanda wategetse ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bateshejwe izabo kuva mu makambi ari mu micungararo ya Goma mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.
Kuva umuhari wa M23 wigaruriye igisagara ca Goma itariki 27 z'ukwezi kwa Nzero (1) 2025, benshi mu bateshejwe izabo barasubiye mu mihana yabo canke barahungira i Goma, aho bari mu buzima butoroshe, ahantu hakaba hatagira n'imfashanyo canke zikaba zike.
Mu ntango z'ukwezi kwa kabiri M23 yabwiye abarongoye amakambi ari mu burengero bwa Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, ko bahawe amasaha 72 ngo babe bahavuye.
Amategeko mpuzamakungu agenga n'imigwi igwanira mu buseruko bwa Congo, arabuza ko abasivire birukanwa aho bari kiretse ari ku mpamvu y'umutekano wabo canke za gisirikare.
Clémentine de Montjoye, umushakashatsi wa Human Rigts Watch mu rwego rwo hejuru ku mugabane wa Afrika agira ati:"Itegeko rya M23 ryo kwirukana ku nguvu ibihumbi n'ibihumbi vy'abateshejwe izabo mu makambi bakaja aho badashobora kuronka imfashanyo ni ubugome n'igishobora kuba icaha co mu ntambara.
"Urwanda n'ibindi bihugu bifise ububasha kuri M23 bitegerezwa guhatira uwo muhari kwisubirako."
Umuhari wa M23 uvuga ko impunzi zitaha ku bushake kuko iwabo hari amahoro, ugasaba amashirahamwe atanga imfashanyo ko nimba akeneye kubandanya gufasha, yosanga abanyagihugu iwabo mu mihana.
Mu kwezi kwa kabiri, Human Rights Watch yaravuganye n'abahoze baba mu makambi y'abateshejwe izabo, abarongoye amakambi n'ivyabona vy'amabi yahakorewe, iranihweza amashusho y'ibigendajuru yerekana ingene amakambi yasambuwe mu buraruko bwa Goma.
Igihe haba igitero ca M23 n'ingabo z'Urwanda i Goma mu kwezi kwa mbere, ico gisagara carimwo abantu barenga umuriyoni hamwe n'igice c'umuriyoni c'abateshejwe izabo, benshi muri bo bakaba bari mu makambi ari mu buraruko no mu burengero bw'ico gisagara.
Muri izo ntambara z'i Goma, abagwanyi n'abasivire bababa 3000 barishwe abandi ibihumbi n'ibihumbi barakomereka, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu.
Abakozi babiri batanga imfashanyo hamwe na benshi baba mu makambi bavuze ko itariki 9 z'ukwezi kwa Ruhuhuma (2), M23 yabwiye ababa mu makambi ya Bulengo na Lushagala, mu burengero bwa Goma, yose yari ahaye indaro abantu barenga 100.000, kuzivamwo bitarenze amasaha 72.
Kuva M23 itanze iryo tegeko, ikambi ya Lushagala yarasambuwe, amashirahamwe na yo atanga imfashanyo ntiyasubira gukorerayo, nk'uko umukozi umwe n'ababibonye babibwiye Human Rights Watch.
Ababa muri ayo makambi bavuga "twaragerageje kubasigurira impamvu twoguma ngaha.
"Benshi muri twebwe ntitukigira aho tuba, bamwe bagendana ubumuga kandi bakeneye ubufasha kugira bafate ingendo, abandi bafise imiryango minini.
"Nta ndya dufise zo kudufasha ku rugendo. Ariko M23 yishuye kuri ayo makenga yacu yose ivuga ko 'icavizwe cavuzwe. Ku musi wa kane mwese mutegerezwa kuba mwagiye.'"
Umugabo umwe yahunze intambara z'i Goma mu mpera z'ukwezi kwa Nzero (1) agira atiL"Turazi ko iyo M23 ishitse ahantu, itegeka abantu bose kuva mw'ikambi no kuyugara. Uko ni ko babikora aho bashitse hose."
Itariki 12 z'ukwezi kwa Ruhuhuma (2), ikambi ya Lushagala yarasambuwe. Human Rights Watch ivuga ko yaronse amafoto n'ama video, hamwe n'uwabonye ivyabaye itariki 13 z'ukwezi kwa Ruhuhuma, vyerekana abanyagihugu baho basambuye inzu z'impunzi n'ibibanza vyo kuvuriramwo abantu baca bava i Goma. Uwabibonye avuga ko abategetsi ba M23 n'abarongoye amakambi ari ho bari bari, ariko ata co bakoze mu gihe ikambi yariko irasamburwa.












