Minova yigaruriwe na M23 muri Kivu y'Epfo ya RD Congo

Ahavuye isanamu, AFP
Umuhari w'abitwaje ibigwanisho wa M23 muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo wigaruriye igisagara ca Minova mu ntara ya Kivu y'Epfo.
Ifatwa rya Minova ritumye M23 yegereza gusumba igisagara ca Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, uri ku birometero hafi 40 uvuye Minova.
''Minova iri mu minwe yacu,'' niko Reuters yemeza ko yabwiwe na Corneille Nangaa, umukuru w'urunani Alliance Fleuve Congo (AFC) mu barugize harimwo M23.
Hari n'umwe mu banyagihugu baba mu muji wa Goma, yavuganye na BBC, yemeza ko Minova iri mu minwe y'abitwaje ibirwanisho.
Ifatwa rya Minova riremezwa kandi n'umukuru wa Kivu y'Epfo, Jean-Jacques Purusi, ku bw'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Riremezwa kandi na Radio Okapi, ikinyamakuru c'aho mu buseruko bwa Congo gishigikiwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ku rubuga rwayo rw'amakuru, Okapi ivuga ko n'igisagara ca Bweremana naco ubu kiri mu minwe ya M23.
Okapi ivuga ko ivyo bisagara vyafashwe mu gitondo co ku wa kabiri, hafi isaha cumi na zibiri, inyuma y'intambara zikomeye zamaze hafi umunsi wose wo ku wa mbere mu misozi ya Bahunde muri Kivu ya Ruguru na Bukavu muri Kivu y'Epfo.
Kubera iyo ntambara, ibitaro vyo mu mugwa mukuru w'intara vyakiriye igitigiri kinini c'abantu bakomeretse, nk'uko bishikirizwa na AFP, isubiramwo amajambo y'abategetsi b'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge.
Ababa muri Minova bagereranywa hagati ya miriyoni imwe na zibiri z'abantu. Hafi y'ico gisagara hari amakambi y'abateshejwe izabo baharurwa mu bihumbi amajana bahunze intambara.
Umuhari M23, bivugwa ko ushigikiwe n'Urwanda, wongeye kuvyura intambara mu buseruko bwa RD Congo mu mpera za 2021. Kuva ico gihe umaze kwigarurira uruterere twinshi muri Masisi, Nyiragongo na Rutshuru.
ONU ivuga ko mu ndwi zibiri za mbere z'uko kwezi kwa mbere kw'uwu mwaka, abataye izabo bagahunga barenga 230.000 muri ako karere karangwamwo intambara.
Ku bw'ishami rya ONU riraba impunzi, HCR, intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo zari zisanzwe zirimwo abantu barenga miriyoni 4,6 bateshejwe izabo, ibituma igihugu ca Congo kiba mu vya mbere kw'isi bifise abantu benshi bahungiye imbere mu bihugu vyabo nyene.
Ikibazo c'umutekano muke mu buseruko bwa Congo, aharangwa imigwi yitwaje ibigwanisho irenga 100, kimaze imyaka hafi 30.
Ariko muri iyi myaka ya vuba, havugwa cane cane intambara iri hagati y'umuhari M23 bivugwa ko ushigikiwe n'Urwanda, n'ingabo za reta ya Congo FARDC n'imigwi izishigikiye nk'aba Wazalendo.

Ivyegeranyo vya ONU bivuga ko Urwanda rwoba rwarungitse muri Congo ingabo zishika ibihumbi bine kurwana ku ruhande rwa M23.
Urwanda ruvuga ko ingorane ziri muri Congo ari iz'abanye-Congo ubwabo, ko rwo rufata ingamba zo kwirinda ingaruka ziva kuri iyo ntambara.
Narwo rwagiriza Congo gukorana n'umuhari FDLR ugizwe n'abagirizwa ko bahunze bahejeje kwica abantu muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Ibaganiro bihagarariwe na Angola hagati y'Urwanda na Congo mu mpera z'umwaka uheze vyari vyitezwe ko bishika ku masezerano y'amahoro akemezwa n'abakuru b'ivyo bihugu ariko inama yabo yari kubera Luanda ica irasiba ku munota wa nyuma.
Urwanda rwavuze ko ataco yari kuba imaze mu gihe reta ya Congo yarahiye ikarengwa ko idashobora kuvugana n'umuhari M23.













