Ububirigi bwahamwe n'icaha co guhohotera abana bavyawe n'abakoroni ku banyekongokazi

Batatu mu bagore batanu bareze leta y'Ububiligi kubahohotera mu kubaka ku nguvu ba nyina b'abanye-Congo
Insiguro y'isanamu, Sentare yemeje ko aba bagore (Tavarez Mujinga [i bubamfu], Monique Bitu Bingi [hagati] na Simone Ngalula [i Buryo] mu rubanza rwo kw'itariki 09/09/2024) bahohotewe mu kwakwa ba nyina b'abanye-Congo
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles

Leta y'Ububiligi yagiriwe n’ivyaha vyibasiye iteka rya muntu (crime contre l’humanite) mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo bwahoze bukoronije, mu guhisha abana bavyawe n'abakoloni ku bagore b'abanye-Congo.

Simone Ngalula, Monique Bitu Bingi, Léa Tavares Mujinga, Noelle Verbeeken na Marie-José Loshi bavukiye muri Congo hagati ya 1945 na 1950 ni bo bari bitwariye leta y’Ububiligi, baregera kuba barakozweko n’iyi "politiki y'amacakubiri".

Abo bagore batanu bafise uruhu ruvanze bavuka ku bavyeyi b'abirabure n'abazungu (abo bakunze kwita abadimudimu) bavutse kuri ba nyina b’abanye-Congo na ba se b’Ababiligi mu gihe c’Ubukoroni.

Abo bagore bavuga ko baserukira abandi bavutse muri ubwo buryo, bagiriza leta y’Ububiligi ivyaha bikorewe zina muntu birimwo:

  • Kubanyuruza babivye abavyeyi babo mu mitumba ya Congo;
  • Kubajana mu marerero y’impfuvyi ya Ekleziya Gatolika aho muri Congo nyene;
  • Guhindurirwa amazina kugira ntibazokwigere bamenya ba se canke ba nyina babo.

Sentare y’iyungururizo yo mu gisagara ca Bruxelles rero, uyu munsi yemeje ko leta y’Ububiligi yagiriwe n’ivyaha vyo guhonyanga iteka rya muntu mu kunyuruza abana bavutse muri ubwo buryo.

Yategetse kandi ko leta y’Ububiligi ibishura impozamarira y’amahera ibihumbi 50 vy’amahera y’abanyabulaya (euros) kuri umwe umwe uko ari batanu.

Michèle Hirsch, umunyamategeko w’abo bagore bitwariye Ububiligi, avuga ko ari intsinzi ikomeye.

Aganira na BBC Gahuramiryango yagize ati: "N'intsinzi ikomeye, n'urubanza rw'amateka, n'ubwa mbere Ububiligi buhanywe ku vyaha bwakoze mu gihe c’ubukoloni."

Abitwariye leta n'ababaserukiye mu mategeko hamwe n'imiryango yabo bashimye icemezo ca sentare
Insiguro y'isanamu, Abitwariye leta n'ababaserukiye mu mategeko hamwe n'imiryango yabo bashimye icemezo ca sentare (ifoto y'urubanza rwo kw'itariki 09/09/2024)

"Ivyaha bigayitse bihonyanga iteka rya muntu"

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo mushingwamanza yemeje ko mu nyandiko ya sentare bahawe biciye mu butumwa bwa email, sentare yemeje ko abo bagore batanu, bakuwe kuri ba nyina babo batabanje kubihererwa uruhusha, imbere y'uko bakwiza imyaka indwi.

Sentare ivuga ko ivyo vyakozwe na leta y’Ububiligi mu gihe c’ubukoloni, aho abana bavyawe na ba nyina b’abirabure na ba se b’abazungu, baca banyuruzwa bagatwarwa mu Bubiligi kugira bahishire Ababiligi bavyaye ku birabure.

Sentare isubiramwo imanza y’i Buruseli isobanura ko iki ari igikorwa kigayitse leta y’Ububiligi yakoze co kunyuruza abana, kubahindurira amazina no kubibagiza iyo bamuka kugira ikingire inyungu z’akarwi k’ababiligi bavyaye ku bagore bo muri Congo.

Sentare yavyise ivyaha bigayitse bihonyanga iteka rya muntu (crime contre l’humanite).

Urwo rubanza rwashinzwe ubwa mbere mu 2021, sentare y’intango y’i Buruseli ikaba yari yavuze ko imburano z’abarushingishije zitagira ishingiro.

Ariko uwari umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi mu 2018, Charles Michel, yaremeye ko hari amakosa ubukoloni bw’Ububiligi bwakoreye abana b’abadimudimu muri Congo, yongera abisabira n’imbabazi kw’izina rya leta y’Ububiligi n'aho yirinze kuvyita ivyaha.

Aba bagore bakwa ba nyina bakiri abana bato kugira kubaho kwabo ntikuze kumenyekane
Insiguro y'isanamu, Aba bagore bakwa ba nyina bakiri abana bato kugira kubaho kwabo ntikuze kumenyekane

Hagati ya 1948 na 1961, leta y’Ububiligi yatanze itegeko ryo kuvana abana b’amoko avanze mu miryango yabo bakiri bato, babashinga ibigo vyegukira Ekleziya Gatolika aho mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo.

Bashitse muri ivyo bigo amazina yabo yarahinduwe bimurirwa mu tundi turere twa kure kugira imiryango yabo ntizopfe isubiye kubakubita ijisho.

Congo imaze kwikukira, abana bamwe barungitswe mu Bubiligi kurererwayo abandi baratereranwa baba abana bo mw’ibarabara.

Uyu munsi sentare isubiramwo imanza ikaba yavuze ko ata nkeka ko abana bavutse muri ubu buryo bahohotewe n’Ububiligi aho yanamenyesheje ko uru rubanza rutagira iyungururizo.

Ikigereranyo c’igitigiri c’abana bavutse muri ubwo buryo mu gihe c’ubukoroni muri Republika ya Demokarasi ya Congo kiri hagati y’ibihumbi 15 ni 20.