'Ntidupfe tutaronse ubutungane'-abatandukanijwe n'abavyeyi babo b'Ababiligi n'Abanyekongo ku gihe c'ubukoroni

Abagore bitwariye reta y'Ububirigi bari kumwe n'abashingwamanza babo hanze ya sentare isubiramwo imanza ya Bruxelles, mu Bubirigi, Nyakanga 2024

Ahavuye isanamu, Alain Magesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Abashakashatsi bavuga ko hashobora kuba haravutse abadimudimu bashobora gushika ibihumbi 20 hagati ya 1940 na 1958
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles

Bamwe muri bo mu gutambuka bishimikiza utubando (becquille mu gifaransa), abandi nabo baseguwe n’abo mu miryango bagizwe ahanini n’abana n’abuzukuru babo bari bitavye ku bwinshi urwo rubanza.

Ariko bose bari bashitse muri sentare ya Bruxelles isubiramwo imanza mu rubanza bashingishije ku vyaha bavuga ko bakorewe na reta y'Ububiligi igihe bavuka mu gihe c'ubukoroni. Bamwe haheze imyaka irenga 80.

Urubanza vyari vyitezwe ko rutangura isaha zitatu zo mu gatondo, isaha zibiri abaje kurwumviriza bari bamaze kuba benshi imbere y’icumba ca sentare isubiramwo imanza yi Buruseli.

Abandi bari bitavye urwo rubanza n’abigisha ba kaminuza n'abanditsi bakoze ubushakashatsi kuri kahise k'Ububiligi muri Congo.

Abagore batanu b’abafise uruhu ruvanze bavuka ku bavyeyi b'abirabure n'abazungu (abo bakunze kwita abadimudimu) bavutse kuri ba nyina b’abanyekongo na ba se b’Ababiligi mu gihe c’ubukoroni, ni bo bitwariye leta y’Ububiligi.

Abo bagore bavutse hagati y’imyaka yi 1940 ni 1955 bavuga ko baserukira abandi bavutse muri ubwo buryo.

Bagiriza leta y’Ububiligi ivyaha bikorewe zina muntu mu

  • kubanyuruza ikabiba abavyeyi babo mu mitumba ya Kongo,
  • bakajanwa mu marerero y’impfuvyi ya Ekleziya gatolika aho muri Congo nyene,
  • aho bavuga ko baca bahindurirwa amazina kugira ntibazokwigere bamenya ba se canke ba nyina babo.

Abo bagore uko ari batanu, Lea, Monika, Josee, Noella na Sopphia bitwariye leta y’Ububiligi kw’izina ry’abandi ibihumbi.

N’aho igitigiri c’abana bavutse ku bavyeyi b’Ababiligi n’abagore b’abanyekongo mu gihe c’ubukoloni kitazwi neza, abanditsi b’ababiligi nka Colette Breackman babigizeko amatohoza bavuga ko bari hagati y’ibihumbi i 13 na 20 kuva mu 1940 gushika mu 1958.

Sentare yari igizwe n’abacamanza batatu b’abagore, yatanguye guha ijambo abunganira abitwariye leta y’Ububiligi bari baserukiwe na Maître Michele Hirsch aho yagize ati :

''Namba turi ngaha ni uko leta y’Ububiligi yakoze ivyaha bikorewe zina muntu. Hariho Ababiligi bavyaye ku bagore b’Abanyekongo, umugabo w’umubiligi avyaye ku munyekongo baca bamusubiza mu Bubiligi.

''Abana bavutse nabo baca bakwa ba nyina babo bunyagano mu mitumba iyo baba bakajanwa ku nguvu bakiri impinja mu bigo vyegukira Ekleziya gatolika, kandi ivyo vyakozwe n’Ababiligi batwara Congo ico gihe ku mategeko bakura i Buruseli.''

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Maître Hirsch yabandanije avuga ko muri ivyo bigo vya katolika abo bana bahahinduriwe amazina kugira ntibazopfe bamenye ba se canke ba nyina.

Yavuze ko ivyo vyose babigira kugira ntibazoce ikanda amamuko yabo canke abavyeyi babo.

Umushingwamanza Hirsch yavuze ko ''ubukoloni buheze batereranywe bamwe bicwa n’indwara, inzara hamwe n’akabonge.

''Mwumva ivyo atari ivyaha bikorewe zina muntu?''.

Yavuze ko Ububiligi bwosaba ikigongwe icese kandi bukemera ku mugaragaro ko bwakoze ivyaha muri Congo, bwongere butange impozamarira ku babikorewe.

Léa Tavarez Mujinga w’imyaka yababa 80 yaserukiye abo bagore b’imvange bitwariye reta y’Ububiligi, mw’ijwi ryuzuye agahinda n’amarira, vyanse ko ahagarara kubera ubumuga.

Yagarutse kuri ayo mabi yose umushingwamanza wabo yari ahejeje kudondagura aca avuga ati:

''Umutima wacu ni ibisebe gusa. Turiko turapfa murabona ko dufise abuzukuru, turasavye ubutungane bwemere ko twakorewe ivyaha kuko haciye imyaka irenga 40 tubisaba''.

Umushingwamanza yaserukiye leta y’Ububiligi Clémentine Cayet we yasavye sentare ko itovyita ivyaha bikorewe zina muntu ahubwo ari amakosa asanzwe yoherera mu biganiro.

Sentare imaze kwumviriza impande zose yaciye ishira urwo rubanza mu mw’iherero rukazosomwa italiki 2 z’ukwezi kwa Kigarama(12) uyu mwaka wa 2024.

Urwo rubanza rwashinzwe ubwa mbere mu 2021, sentare y’intago y’i Buruseli ivuga ko imburano z’abarushingishije zitagira ishingiro.

Ariko uwari umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi mu 2018 Charles Michel yaremeye ko hari amakosa ubukoloni bw’Ububiligi bwakoreye abana b’abadimudimu muri Congo yongera abisabira n’imbabazi kw’izina rya leta y’Ububiligi naho yirinze kuvyita ivyaha.

Ivyo ariko abadimudimu n’amashiramwe adaharanira ivya politike mu Bubiligi bavuze ko ari ukworosha amabi yakozwe.