Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa bwatanguye kwubaka urugomero rwa mbere runini kw'isi, ibiteye ubwoba Ubuhindi
- Umwanditsi, Tessa Wong
- Igikorwa, BBC News, Singapore
Abategetsi b'Ubushinwa batanguye kwubaka ikizoba urugomero rw'umuyagankuba rwa mbere runini kw'isi mu ntara ya Tibet, umugambi wateye ubwoba Ubuhindi na Bangladesh.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa Li Qiang yahagarikiye ibirori vyo gutanguza ibikorwa vyo kwubaka urwo rugomero ku ruzi Yarlung Tsangpo ku wa gatandatu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo mu Bushinwa.
Urwo ruzi ruca mu misozi ya Tibet. Uwo mugambi uranegurwa kubera ingaruka ushobora kugira kuri miriyoni z'Abahindi n'Aba-Bangladesh baba iyo rutemba ruja, co kimwe no ku ibidukikije hamwe n'abanya-Tibet.
Ubushinwa buvuga ko uwo mugambi, uzotwara amafaranga angana na miriyaridi 167 z'amadorari y'Abanyamerika, uzoshira imbere gukingira ibidukikije no guteza imbere abasanzwe bahaba.
Ni rwarangira kwubakwa, urwo rugomero ruzwi kandi nk'urugomero rw'umuyagankuba rwa Mutuo - ruzosumba urwa Three Gorges rwari rusanzwe ari rwo rwa mbere runini, hanyuma rutange umuyagankuba ururuta incuro zitatu.
Abahinga hamwe n'abategetsi berekanye amakenga ko urwo rugomero rushasha ruzoha Ubushinwa ububasha bwo kugenzura canke gucisha ahandi urwo ruzi rwa Yarlung Tsangpo rusanzwe rutemba ruca mu ntara za Arunachal Pradesh na Assam mu Buhindi hamwe no muri Bangladesh aho rwisuka mu nzuzi za Siang, Brahmaputra na Jamuna.
Icegeranyo casohowe n'ikigo c'abihweza ibintu n'ibindi co muri Australia, Lowy Institute, kivuga ko ''kugenzura izo nzuzi (zo mu misozi ya Tibet) bituma Ubushinwa bushobora kuniga ubutunzi bw'Ubuhindi''.
Umukuru w'intara ya Arunachal Pradesh muri uku kwezi yashikirije amakenga ko inzuzi za Siang na Brahmaputra zishobora ''gukama cane'' niyo urugomero rwaheza kwubakwa.
Yavuze ko ivyo ''bizotera ibibazo vyo kubaho imiryango yacu. Birakomeye cane kuko Ubushinwa bushobora no kurukoresha nka 'bombe y'amazi'''.
Avuga ko hamwe umusi umwe borekura amazi bukwi na bukwi ibintu n'abantu vyoyogera iyo atemba aja.
Mu kwezi kwa mbere umuvugizi w'ubushikiranganji w'Ubuhindi bujejwe imigenderanire yarashikirike amakenga Ubushinwa ku vyerekeye ingomero za rutura aca anasaba ko hokwubahirizwa inyungu z'ibihugu inzuzi zitemba zijamwo
Ubuhindi butegekanya kwubaka urugomero ku ruzi Siang, rwoca rufasha mu gutegera amazi y'urwo rw'Ubushinwa hamwe vyoshika akaza giturumbuka gutyo rubuze ko haba imyuzure mu ntara zabwo.
Imbere y'aho Ubushinwa bwari bwarishuye buvuga ko bufise uburenganzira bwo kwubaka ingomero ku nzuzi zabwo kandi ko buzirikana ingaruka ku bihugu vy'iyo zitemba zija.
Na Bangladesh yarashikirije Ubushinwa impungenge zayo.
Abashinwa bari bamaze imyaka myinshi biyumvira kwubaka urugomero kuri urwo ruzi rwo mu ntara ya Tibet yigenga.
Ruri mu manga ivugwa ko ari yo ya mbere ndende kw'isi.
Itororokanirizo ry'amakuru ry'Ubushinwa Xinhua rivuga ko umuyagankuba urwo rugomero ruzotanga ahanini uzoja gukoreshwa ahandi, ariko ko n'intara ya Tibet itazokwibagirwa.
Ubushinwa n'ibinyamamakuru vyabwo bivuga ko bene izo ngomero zigirira akamaro impande zose mu kugabanya ibihumanya ikirere hamwe no guteza imbere abanya-Tibet.
Ariko abaharanira uburengenzira bavuga ko izo ngomero ari akandi karorero k'ingene Ubushinwa bwifatira abanya-Tibet n'isi yabo - imyiyerekano yo muri kahise ikaba yaragwanijwe cane.
Mu mwaka uheze, reta y'Ubushinwa yaregeranije abanya-Tibet amajana bari bagize imyiyerekano yo kwanka urundi rugomero. Biciye ku masoko atandukanye no guhinyuza amasanamu, BBC yamenye ko vyarangiye hari abafashwe barakubitwa, bamwe bamwe barakomereka bikomeye.
Hari n'impungene ku bidukikije zifatiye ku myuzure mu biyaya vya Tibet biziwi cane kuba birimwo ibinyabuzima vyinshi, hamwe n'ingorane zishobora kwaduka ku kwubaka ingomero mu ntara zikunze kubamwo nyamugigima.