Ramaphosa yamiriye kure ikori rya 30% rya Trump ku gihugu ca Afrika y'Epfo

    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Prezida wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yiyamirije ico yise "iduzwa rirenze urugero" rw'amakori yashizwe ku gihugu ciwe na Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Prezida wa Amerika Donald Trump yamenyesheje kuri uyu wa mbere ko azoshira amakori ku bintu biva mu gihugu ca Afrika y'Epfo agera ku bice 30% kuva kw'itariki 1 Myandagaro(8).

Ni co gihugu conyene co musi y'ubugaragwa bwa Sahara Trump yatunze urutoke mw'itangazo ryiwe, bikaba bigaragaza imigenderanire itameze neza na reta Ramaphosa.

Mw'ikete yarungikiye Ramaphosa, Trump avuga ko imigenderanire y'ubutunzi hagati ya Afrika y'Epfo na Amerika "iri kure cane yo kuba magiriranire". Mu nyishu yiwe, Ramaphosa yongeye kuvuga ko ibice 30% vy'amakori "bitajanye n'uko ibiharuro vyerekeye ubudandaji bihari vyifashe".

Ingingo ya Trump n'incamugongo ku gihugu ca Afrika y'Epfo. Amerika n'igihugu kigira kabiri muvyo bifitaniye imigenderanire y'ubudandaji, kandi ibisata vy'ico gihugu bikora imodoka, uburimyi hamwe n'ibikora impuzu ntivyatangishwa amakori muri Amerika nk'uko biri mw'itegeko rigenga ukwiyongera k'umwimbu no gutanga amahirwe ku mugabane wa Afrika (Agoa).

Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe uburimyi, John Steenhuisen yavuze ko n'aho Trump ataduduriyeko, itangazo ryiwe risigura ko Agoa ifuswe.

"Ubu ibi bije kwerekana ko ari nkenerwa ku buryo bwihuse ko haba impunduka mu gihugu ca Afrika y'Epfo kugira ubutunzi bwacu bube buhuye n'ivyo abo dufitaniye ubucuti mu budandaji baba bakeneye", ni ko John Steenhuisen yavuze mu nama nshingamateka.

Trump yarungikiye amakete igihugu ca Afrika y'Epfo hamwe n'ibindi bihugu 13, abimenyesha umugambi wiwe w'amakori aheritse gushiraho.

Prezida yavuze ko ayo makori ashobora guhinduka "aduge canke amanuke, bivanye bivanye n'ubucuti dufitaniye n'igihugu cawe".

Trump yavuze mw'ikete ryiwe ati: "Twaramaze imyaka tuganira ku bucuti bwacu bw'ubudandaji na Afrika y'epfo, kandi twashitse ku ciyumviro c'uko dutegerezwa kuva kuri ivyo bibazo vy'ubudandaji vy'igihe kirekire, kandi bikomeye cane, vyatewe n'amakori ya Afrika y'epfo, n'ibitari amakori, politike n'intambamyi z'ubudandaji za Afirika y'epfo."

Yongeyeko ati: «Guhera kw'igenekerezo rya 1 Myandagaro(8) 2025, tuzosaba Afrika y'Epfo amakori y'ibice 30% gusa ku bidandazwa vyose vyo muri Afrika y'Epfo birungikwa muri Amerika».

Trump yavuze ko mu gihe Afrika y'Epfo yokwongereza amakori yayo mu kwihimura kuri iryo tangazo ryiwe, ayo bazoba badugijeko azoca yongerezwa hejuru y'ivyo bice 30%.

"Nimba wipfuza gufungura amasoko yawe y'ubudandaji yari yarafunze muri Amerika, no gukuraho amategeko yawe y'amakori n'ayatari ayo amakori n'intambamyi z'ubudandaji, kumbure tuzokwiyumvira guhindura ibiri muri iri kete."

Mu kwishura, Ramaphosa yiyamirije ayo makori mashasha, avuga ko ico kibazo cari kikiri mu migwi ya Afrika y'Epfo na Amerika iriko irakiganirako.

Ramaphosa yavuze mw'itangazo ryiwe ati: «Iryo kori ry'ibice 30% rishingiye ku nsobanuro yihariye y'uburinganire bw'ubudandaji hagati ya Afrika y'epfo na Amerika».

Yongeyeko ko ibidandazwa birenga igice Afrika y'Epfo ikura muri Amerika bidasabwa amakori, amakori na yo asabwa ku bisigaye yoba ashika ku bice 7.6%.

Yavuze ko Afrika y'Epfo izobandanya utwigoro twayo two kuganira kugira "habe uburinganire mu budandaji n'inyungu ku migenderanire y'ubudandaji" na Amerika.

Mu kwezi kwa Ndamukiza (4), Trump yashizeho amakori y'ibice 30% kuri Afrika y'Epfo, nk'igice c'amakori yiwe y'isi yose "y'ugusubizanya", imbere y'uko yemera guhagarika ishirwa mu ngiro yayo vy'agateganyo mu misi 90.

Vyari vyategekanijwe ko amakori ari hejuru atangura kuja mu bikorwa kw'igenekerezo rya 9 Mukakaro(7),imbere y'uko ahagarikwa, abategetsi ba Amerika bavuga ko bazorondera kubanza kurondera amasezerano y'ubudandaji.

Igihe umunyamakuru yamubaza nimba itariki nshasha yo muri Myandagaro ari ntabanduka, Trump yishuye ati: "Novuga ko ari ntabanduka ariko ko atari ntabanduka 100%. Nibahamagara bakavuga ko twokora ibintu mu bundi buryo butandukanye, ivyo tuzovyemera."

Igihugu ca Afrika y'Epfo hamwe n'ibindi bihugu hirya no hino kw'isi vyarahatiwe kuganira ku masezerano y'ubudandaji na Amerika mu kwirinda amakori ya Trump ahanitse.