Muri Botswana habonetse 'diamant' ya kabiri mu bunini kw'isi

    • Umwanditsi, Farouk Chothia
    • Igikorwa, BBC News

Diamand igira kabiri mu bunini mu zimaze kuboneka kw'is i- ibuye ry'agaciro ry'ama carat 2,492, ryazuwe muri Botswana mu kirombe c'ikigo c'abanya Canada Lucara Diamond.

Ni ryo buye rya mbere rije rikurikira mu bunini iryari ryaratowe muri Afrika y'Epfo mu 1905, ryapima ama carat 3,106, rigacibwamwo ibihimba 9, ivyinshi muri vyo n'ubu bishinguwe mu bubiko bw'ibitako vy'agaciro - British Crown Jewels (ibitako bihora bikoreshwa mu minsi mikuru ikomakomeye nko kwimika).

Iyo diamant yatowe i Karowe, ikirombe kiri ku birometero 500 mu buraruko bwa Gaborone, umurwa mukuru wa Botswana.

Leta ya Botswana imenyesha ko iyo ari yo diamant ya mbere nini itowe muri ico gihugu c'ubumanuko bwa Afrika.

Irindi buye ry'agaciro rinini ryaheruka gutorwa muri kahise ka Botswana, ryari rifise carat 1,758 muri ico kirombe nyene, hari mu 2019.

Botswana ni kimwe mu bihugu vyimbura diamant nyinshi kw'isi, aho yinjiza ibice 20% vy'umwimbu wa diamant yo kw'isi yose.

Mw'itangazo casohoye, ikigo Lucara cavuze ko iryo buye ry'agaciro ari 'rimwe mu ma diamant manini atarahingurwa, amaze kwimbwa'.

Umukuru w'ico kigo William Lamb yagize ati: "Dufise akanyamuneza karenze gaturutse ku gutora iyo diamant idasanzwe y'ama carat 2,492."

Ico kigo ariko nticatanganje amakuru ajanye n'agaciro canke ubwiza bw'iryo buye ry'agaciro.

Iryo buye ryabonetse hakoreshejwe ubuhinga bw'ico kigo, Mega Diamond Recovery X-ray' nk'uko umukuru wa Lucara, bwana Lamb, abisobanura.

Ubwo buryo bwakoreshejwe kuva mu 2017, mu kurondera no gukingira amabuye ya diamant y'agaciro ko hejuru, kugirango ntamenekere mu gikorwa co kwimba no kumena ibihongo biba birimwo amabuye y'agaciro atandukanye (ores), nk'uko vyemezwa n'ikinyamakuru 'The Miningmx.'

Lucara ciharije 100% amabuye y'agaciro yo muri Karowe.

Leta ya Bostwana yasavye ko hojaho itegeko, risaba ibigo bihawe uburenganzira bwo kwimba amabuye y'agaciro mu gihugu kugurisha ibice 24% vy'imigabane y' umutahe wavyo ku mashirahamwe yo mu gihugu hagati, mu gihe leta ubwayo yoba iramutse itiyemeje kuba umunyamugabane, ibi bikaba vyanditswe mu kinyamakuru Reuters mu kwezi guheze.