Yoya Jamal mu rugendo rwo kugaruka mu muziki vy'igihe kirekire

    • Umwanditsi, Robert Patrick Misigaro
    • Igikorwa, BBC, London

Inyuma y'imyaka hafi itatu ata ndirimbo nshasha asohoye, umuririmvyi y'Umurundi aba mu Bwongereza, Yoya Jamal, avuga ko ubu abakunzi b'indirimbo ziwe bokwiruhutsa.

Inyuma yo gusohora indirimbo ikunzwe cane, Nyakabiga, mu kwezi kwa Ntwarante (3), muri kuno kwezi kwa Myandagaro (8) naho yasohoye iyindi nayo iryoheye ijisho n'amatwi yise Tina.

Yoya avuga ko akumbuye guteramisha abakunzi b'indirimbo ziwe bo mu Burundi no mu karere, akavuga ko hari umugambi uriko urategurwa.

Yoya yemeza kandi ko umwuga wo kuririmba udashobora kubuza uwubishaka kubandanya amashure, kuko nawe ubwiwe yayashikanye ku rwego rwa Kaminuza.

Kubera iki imyaka itatu ata ndirimbo?

Yoya yavuze ko yatwawe umwanya n'ubuzima busanzwe bwa minsi yose, nk'uko yabibwiye BBC Gahuzamiryango.

Yagize ati: "Nari naragiye mu vyo kurera abana kubera ndafise abana tubana. Urumva nagomba kubitaho kuko bari bakiri ku myaka [ku kigero] mike cane."

Avuga kandi ko inyuma yo gusohora indirimbo Nyakabiga, vyamutwaye ayandi mezi atandatu kugira akurikizeko Tina.

Impamvu ngo ni uko ko atashaka gusohora indirimbo y'amajwi gusa, yashaka ko izanana n'amasanamu.

Ayo masanamu y'indirimbo Tina agaragara ko akoranye ubuhinga, akaba yafatiwe mu miji ya London na Manchester mu Bwongereza, nk'uko Yoya avyivugira.

Gukumbura Uburundi

Yoya yemeza ko akumbuye Uburundi na cane cane aho yabaye nko mu ntara ya Muyinga hamwe na karitye [quartier] ya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura, ari nayo yitiriye imwe mu ndirimbo aherutse gusohora.

Yagize ati: "[Ndakumbuye Uburundi] Cane. Cane! Igihugu wabanyemwo imyaka mirongo ibiri n'iyindi, uciye umara imyaka ubu igiye kuba umunani utahagera, urumva biba bigoye.

"Ahantu wakuriye, ahantu ufise abagenzi, ahantu ufise abantu mwiganye, ahantu ufise abantu bavyaye abana utarabonye, ushaka kubona nkumbure aba neveux n'aba niece [abana b'abo muvukana] ntibiba vyoroshe."

Yoya avuga ko afise umugambi wo kuja guteramisha abakunzi b'umuziki wiwe mu Burundi mu gihe hari benshi bibaza iyo yagiye.

Avuga ko hari abariko barabitegura, ko hasigaye gusa ko vyumvikanwako hanyuma akaza guteramisha abarundi.

Gufatanya ishure n'umuziki birashoboka

Yoya avuga ko adategera abavuga ko bahevye kwiga kubera umuziki kuko ku bwiwe yasanze bishobora kubangikanywa.

Abavyeyi benshi barabuza abana babo guhurumbira umuziki batinya ko bota ishure, umuziki nawo ukabankira bakazosanga ataco bimariye.

N'umuvyeyi wa Yoya yari afise izo mpungenge, ariko Yoya we avuga ko yari afise uko abigenza.

Yagize ati: "Nagiye i Bujumbura mama adafise icizere c'uko nzobandanya ivy'amashure kandi ari vyo vyanjanye. Rero naho nakora ivy'umuziki nkabona abantu barankunda, narashatse kumwereka ko ivyo nemeye ngiye kubishitsa.

"Kuko navuye i Muyinga nza kwiga i Bujumbura, projet [umugambi] ari imwe ati 'genda wige amashure'."

"Ivy'umuziki nari ndabifise ku mutima, narabesha mama nyene kugira ndamwumvishe andeke ngende. Nari mfise inyota yo kuririmba [n'ivyuma vya kijambere]."

Ku bavuga ko amashure atabangikanywa n'umuziki, Yoya avuga ko atari vyo. Atanga akarorero k'abari mu mwuga w'umuziki mu Burundi kandi barize amashure bagaheza.

Yagize ati: "[...] turafise aba 'ingenieurs' nka Emery Sun, turafise ba Sogo barize, turafise ba Africa Nova, simvuze ba Nikiza David na bande... abantu barashobora kwiga amashure baririmba.

"Nta na hamwe bihuriye ivy'amashure n'umuziki. [Umwuga] ntugutwara umwanya uwo ari wo wose."