Umunsi wahariwe isi: Umurundi Yves Kami mu bakoze indirimbo iwuhimbaza

Umuririmvyi w'Umurundi Yves Kami ari mu bandi 200 bo hirya no hino kw'isi bahinyanyuye indirimbo Resolution Song, igamije guhimiriza abatuye isi kuyikingira.

Itariki ya 22/04/2022 ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kwita ku si dutuye mu gukingira ibidukikije, ukaba wahuriranye n'ishirwa ahabona icese ry'umugambi Resolution Project.

Uwo mugambi ni uw'indirimbo yiswe Resolution Song yerekeye gukingira ibidukikije, yagomba kuririmbwa mu ndimi 200 zo hirya no hino kw'isi.

Umugambi Resolution Project watangujwe n'ikigo Tackroom Theatre, gifadiganije n'ibigo bihinyanyura umuziki hamwe n'ivy'imbuga hwaniro birimwo Deccca Records, WWF International, Tik Tok, Acccenture n'abandi baririmvyi batandukanye bo kw'isi yose.

Muri abo baririmvyi, harimwo Umurundi Yves Kami, akaba ari we yatowe mu Burundi ngo akore iyo ndirimbo ashizemwo ikirundi akanayiha umudiho w'ikirundi.

Ku bw'ukwo gutoranywa, Kami yabwiye BBC ati: "Jewe ndi umu 'artiste' akora umudiho wisunze imidiho yo ngaha iwacu. Nkora afro ndayicanze n'ingoma nzo ngaha mu Burundi.

"Burya ivyo umuntu aba ariko arakora barabikurikirana. Nagiye mbona umuntu andondeye, arambarira umugambi nanje numva neza ko ari umugambi mwiza.

"... umuziki wacu tuwukoresha kugira [duhimirize] abantu [...] tuwukoresha kugira ngo ushobore gufasha [ikibano] tubayemwo."

Umugambi Resolution Project watangujwe mu 2019 ku cicaro ca ONU, ukaba ushigikiwe na ba rurangiranwa ba Hollywood nka Emma Thomson, Naomi Harris, Keira Knightly, Marc Rylance na Bill Bailey.

Intumbero yari uko itariki ya 22/04/2022 ishika izo ndirimbo zose 200 hamwe na video zazo vyamaze gushirwa ahabona bishobora kwumvirizwa.

Izo ndirimbo zose zifise amajambo amwe hamwe n'injana (melodie) imwe, ariko buri muririmvyi akaza arashiramwo akiwe kajanye n'umuco wiwe.

Kami avuga ko bitari vyoroshe guhindura mu kirundi indirimbo isanzwe iriho ngo ariko baroroherejwe.

Yagize ati: "Cabaye igikorwa kitoroshe ariko baraduhaye umwidegemvyo wo gukora irya ndirimbo twisunze ama 'realites' yacu yo mu Burundi.

"Nico gituma muri irya ndirimbo murumvamwo inanga y'ikirundi, murumvamwo ingoma, murumvamwo akazehe, murumvamwo umudiho w'amayaya."

Urashobora kwumva ukanaraba amashusho y'indirimbo Resolution Song ya Yves Kami ngaha.