Umushikiranganji wa mbere wa Australia yaraye atangaje ko agiye kwubakana na Jodie Haydon

    • Umwanditsi, Tiffanie Turnbull
    • Igikorwa, BBC News, i Sydney

Umushikiranganji wa mbere wa Australia Anthony Albanese yaraye atangaje ko agiye kwubakana n’umukunzi wiwe bari bamaranye imyaka ine, Jodie Haydon.

Yamusavye ko bokwubakana bari mu nyubakwa ya Lodge – ahasanzwe haba umushikiranganji wa mbere mu karere ka Canberra – ku musi w'abakundana witiriwe Umweranda Valentin (Saint Valentin/Valentine's Day), mu kumwambika impeta yateguye.

Albanese w’imyaka 60 hamwe na Haydon w’imyaka 45, bahuriye mw’ikoraniro ry’ubudandaji i Melbourne mu 2020.

Ni we mutegetsi wa mbere wa Australia areheje ari ku butegetsi.

Albanese yatangaje iyi nkuru ku mbuga hwaniro mu kwerekana ifoto yifashe (selfie), ifise ubutumwa buvuga ngo: "Yavuze ati ‘ndavyemeye’".

Mu nyuma basohoreye itangazo hamwe bavuga bati: "Turahimbawe cane kubasangiza iyi nkuru kandi twiteze kubana ubuzima bwacu bwose dusigaje. Ni amahirwe kuri twebwe kubona twaramenyanye.”

Abagenzi mu nama nshingamateka, umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle-Zélande Christopher Luxon hamwe na Nigella Lawson azwi cane mu biganiro vyo ku mboneshakure bijanye no guteka, bari mu bantu bakeje uno muryango mushasha.

Penny Wong, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Australia, yanditse ati: "Urukundo ni ikintu ciza. Ndabanezererewe cane mwempi.”

Albanese afise umwana w’umuhungu w’imyaka 23, Nathan Albanese, yavyaranye n’uwahoze ari icegera c’umushikiranganji wa mbere wa reta ya New South Wales, Carmel Tebbutt, yatandukanye nawe mu 2019 inyuma y’imyaka 19 bari bamaranye bubakanye.

Imbere y’aha, Anthony Albanese, umukuru w’umugambwe w’abakozi Labor Party, yari yasobanuye ingene we n’umupfasoni Haydon yahoze akora mu gisata c’amafaranga, bahuye hanyuma bagakundana haciye umwaka umwe, bahujwe n’urukundo bafitiye umurwi wabo wo mw’ihiganwa rya Rugby muri ico gihugu.

Hari igihe yariko ashikiriza ijambo mu birori vyo mu 2020 igihe yabaza abari bahari nimba muri iyo nyubakwa bari bakoraniyemwo harimwo abakunzi ba South Sydney Rabbitohs, ari ho Haydon yaterera ijwi hejuru ati: "Rabbitohs, oyeeee".

Mu misi ya mbere y’urukundo rwabo bariyoroheje, imbere y’uko umupfasoni Haydon yifatanya na Albanese mu myiyamamazo yo mu 2022, no mu ngendo mpuzamakungu ziwe nk’umushikiranganji wa mbere kuva ico gihe.