Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Umunyeshure w’umwigeme yari yapfunzwe bikababaza bamwe bamwe yarekuwe
Ubushikiranganji bw’ubutungane mu Burundi bwatangaje ko umunyeshure yiga mu wa gatatu w’amashure yisumbuye mu Kirundo yari amaze imisi apfunzwe yarekuwe “ku muhingamo w'ejo hahise igenekerezo rya 15 Mukakaro 2023”.
Uyu munyeshure w’umwigeme, eka n’umuyobozi wa Lycée Communal Mugendo, bagirizwa kumena amabanga y’umwuga no kwiba ibibazo vya leta nk’uko biboneka mu nyandiko zatangajwe n’ubushikiranganji bw’indero.
Abantu batari bake baraneguye ubushikiranganji bw’indero eka n’abacamanza bari barapfunze uyu mwigeme kuri ivyo birego.
Kuri Twitter ubushikiranganji bw’indero, ku wa gatandatu bwanditse ko bwumvise “amakuru asa n’ayavuga ibihushane” kuri iyo dosiye “ko hari abanyeshure batabaza bavuga ko abigeme bakora ibibazo babizi” harimwo n’uwo mwigeme yerekuwe ejo nyene.
Uyu mwigeme atatangajwe imyaka yiwe, yahakanye ivyo yagirizwa. Ntabwo bizwi neza na neza igihe uyu munyeshure yari yahagaritswe.
Mu ndwi iheze, abanyeshure batanguye ibibazo cya leta baisozera ivyiciro bitandukanye vy’amashuri yisumbuye.
Inyandiko zatangajwe n’ubwo bushikiranganji zerekana ko abacamanza Benoit Ntisumbwa, Jean Pierre Sikubwabo, na Joël Nibizi, kuwa gatatu w’indwi iheze bafashe icemezo gitegeka ko uyo munyeshure aja gupfungirwa mw’ibohero rya Ngozi inyuma y’iminsi apfungiye mu gasho ka ‘parquet’ ya Kirundo.
Abo bacamanza banditse ko uyo mwigeme yagirizwa icaha cotuma apfungwa hejuru umwaka umwe ko kubera “ibintu (circonstances) bikomeye kandi bidasanzwe bitumye ari ngombwa ko apfungwa” kandi ko iyo ngingo “ifashwe ku nyungu z’umutekano rusangi”.
Ipfungwa ry’uyu munyeshure ryaravuzwe cane na benshi mu Burundi aho bamwe bamwe bavuze ko ritari rikwiriye.
Ivyavuye mu kibazo uyu munyeshuri yakoze vyarateshejwe agaciro, nk’uko biboneka mu nyandiko ‘yiwe’ yanditse agipfunzwe yatangajwe n’ubushikiranganji, aho avuga ko aramutse arekuwe azokwunguruza kuri ino ngingo.
Naho uyo mwigeme yarekuwe, ubushikiranganji bw’ubutungane buvuga ko Oscar Nemeyimana umukuru wa Lycée Communal Mugendo muri Komine Ntega abandanya ahagaritswe muri ayo mabanga “kuko hari ivyo agitohozwako”.
Abatandukanye baneguye icemezo co gupfunga uyu mwigeme, eka basaba ko naho arekuwe hari ingingo zikwiye gufatwa.
Kuri Twitter aba banditse bati:
@Ykaiusi: Imana ishimwe kubona hakiriho abagitahura ico arico umwuga w'ubutungane. Ariko dusabe ko karya kagwi k'abacamanza batobanze rurya rubanza bashirwa cini ya ulinzi bakabazwa ayo bariye uko angana.
Viateur Habimana: Iyo ngingo iradushimishije kuko umunyeshure afatwa n'a règlement scolaire muma cas de tricherie, kumupfunga ntivyari vyo yarakwiye gukurikiranywa naba psychologue ashobora no guhungabana yarahungabanye.
Odyphax BUFEF: Abacamanza bafata ingingo mwen'izo z'agahotoro biraheze bigaca biherera ngaho nyene? Kuko mu biboneka babanguka mugukora inabi aho kubanguka mu gukora ibijanye n'ubutungane?
Fifijoe: Nivyiza cane ko yarekuwe ariko turasavye dushimitse nk'abarundi bakunda igihugu cabo abo bacamanza bahiritse amategeko kunyungu zabo ntibiherere ngaho kuko ntaco mwoba mudufashije mugihe bobandanya akazi kabo mwiyo nzira yo kudasoma amategeko nimubakure mukazi.