India: Umukoresha yanebaguwe ku ciyumviro co gukora amasaha 18 ku musi

Umukuru w'ikompanyi imwe mu Buhindi yanebaguwe inyuma yo kuvuga ko abakozi bashasha mu kazi akari ko kose bategerezwa gukora amasaha 18 mu myaka yabo ya mbere ine canke itanu bakironka akazi.

Shantanu Deshpande, yatanguje kompanyi yo kumwa ya Bombay Shaving Company, asaba abakozi bakiri bato "gukunda akazi" no kutaguma bidoga nk'uko yavyanditse ku mbuga hwaniro.

Abantu bashavuye banditse ku mbuga hwaniro bamwagiriza gukokeza "umuco w'akazi k'uburozi".

Ubuhindi bufise amategeko genga akazi akaze cane, ariko abaharanira agateka k'abakozi bavuga ko abategetsi bakeneye gushiramwo inguvu nyinshi kugira ashirwe mu ngiro.

Mu 2020, umwe mu batanguje ikompanyi ya Infosys yaranebaguwe cane aho yavuga ko abahindi bategerezwa bakora amasaha 64 buri ndwi mu myaka ibiri canke itatu mu ntumbero yo kuzibira igihengeri c'ubutunzi catewe n'iyugaranwa rivuye kuri coronavirus.

Urugero rw'icizere c'abakozi rwa LinkedIn mu 2020 ruvuga ko abakozi babigize umwuga babiri kuri batanu mu Buhindi baramaze kugira ikibazo co kugira umutima uhagaze n'umwitwarariko.

Ku rubuga rwa LinkedIn ku musi wa kabiri, Deshpande yavuze ko "hakiri kare" ku bakiri bato kumenya ingene bokwifata hagati y'akazi n'ubuzima igihe ari ho bagitangura akazi.

Umwe mubakoresha urubuga rwa Twitter yavuze ko Deshpande yariko arashigikira "umuco w'akazi k'uburozi" igihe "vyari vyabaye ibisanzwe ko amakompany menhsi agitangura yirukana abantu benshi."

Uwundi wo kuri Twitter nyene yavuze ko Deshpande atigeze avuga ko "yoriha amahera y'agasunuzo" abantu bakoze amasaha menshi.

Yagize ati:"Amakompanyi afise intumbero yo kurya imitsi abantu bakora amasaha menshi. Kenshi na kenshi bigatuma baruha kare bakiri bato, bigatuma bashira mu kaga akazi kabo."

Kubera inebagurwa ryakwiye hose kubera ivyo yanditse, Deshpande yongeyeko ati:" Urwo rwanko rwose ruvuye ku masaha 18 y'akazi?" Yongeyeko ko abo biyumvira ku muco wo gukora muri kompanyi yiwe bahawe ikaze kubiyaga n'abakozi biwe.

Ivyo Deshpande yavuze vyakurikiye igihe ijambo "Hagarika mu mutekano" ryakwiragira ku mbuga hwaniro. Iryo jambo risigura gukora ivyo ujejwe gusa ata kindi urengejeko. Ryatangujwe muri video y'umunyamerika ari ku rubuga rwa TikTok ahanura "akazi si ubuzima bwawe".

Umumenyeshamakuru wa BBC Perisha Kudhail yanditse ko iryo sekeza rishobora kuba ryatanguriye mu Bushinwa , aho ijambo ubu ryabujijwe gukoreshwa #tangping risigura "ryama urampije" ryakoreshejwe mu kwiyamiriza umuco wo gukoreshwa amasaha menshi.