Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Abaririmvyi ntibashima amahera bagenerwa ku ndirimbo zabo zivugira mu materefone
Abaririmvyi bo muri Uganda ntibashima amahera bagenerwa n'umugambi wa Ring Back Tone (CRBT) ku ndirimbo zabo zikoreshwa mu materefone iyo uhamagaye.
Uburirimbo buvugira muri terefone iyo baguhamagaye, kenshi bukunzwe cane, bwinjiza amahera menshi cane - gushika nko ku miliyoni 20 z'amadolari muri Uganda mu 2019 - nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'igihugu rijejwe imico muri Uganda.
Ayo mahera agabura amashirahamwe y'itumatumanako, reta hamwe n'abaririmvyi bakoze izo ndirimbo.
Ariko abaririmvyi babona ko bahenzwe, bavuga ko amahera bahabwa ari make cane, ishirahamwe ry'abaririmvyi ryo muri Uganda rikaba ryandikiye reta risaba ko bobaha menshi.
Phina Mugerwa, umuririmvyi akaba ari na we munyamabanga mukuru w'iryo shirahamwe yabwiye radiyo BBC Focus on Africa ati:"Iyo hageze gutoza ikori, uwuritoza atwara 50% y'ayo twaronse."
Yasiguye ati:"Amashirahamwe y'itumatumanako atwara 35%. Umuririmvyi, aba ari we yakoze igikorwa cose aronka 1.8".
"Dutera akamo ubushikiranganji bw'ubutungane kugira ngo n'imiburiburi turonke 60%.
"Ubona abaririmvyi ari rurangiranwa ariko nta mahera bafise."