Korea ya Ruguru yarashe igisasu rutura cikekwa ko ari ICBM

Korea ya Ruguru yarashe igisasu ca misire cambukiranya imigabane, kizwi mu mpfunyapfunyo na ICBM (Intercontinental ballistic missile/ Missile balistique intercontinental), gishobora gutera umwansi yoba ari ku rundi ruhande rw’isi, nk’uko abategetsi ba Korea y’Epfo babitangaza.

Igerageza ry’iki gisasu ca ICBM kuri Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Rugugu) rigize indwi muri uno mwaka, rikaba ribaye mu gihe hari impungenge ko vuba igerageza ikirwanisho ca nikleyeri.

Ribaye kandi mu gihe Korea zompi zarashe ibisasu vya misire vyatumye icuka kibi kihasanzwe cunyuka.

Uku kurasa ibi bisasu bahanahana kwatumye Korea ya Ruguru irekura igitigiri ca mbere kinini c’ibisasu vya misire ku musi umwe.

Korea ya Ruguru igerageje ibisasu vyinshi mu gihe Amerika na Korea y’Epfo biri mu myimenyerezo rusangi minini yo mu kirere itari bwigere ibaho, imyimenyerezo Pyongyang yaneguye bikomeye ikayifata ko ari “agasotoro”.

Kuri uno wa kane, Korea ya Ruguru yarekuye igisasu ca misire kiraswa kure hafi y’isaha imwe n’iminota 40 (7:40) zo mu gatondo mu masaha yo muri ico gihugu, nk’uko itangazo rusangi ry’abakuru ba gisirikare ba Korea y’Epfo ribivuga. Isoko rivyemeza ryabwiye BBC ko cari igisasu ca ICBM.

Cashitse ku ntera y’ibirometero 760 kiguruka gushika ku birometero 1.920 uja hejuru.

Ariko gisa n’icananiwe kikiri mu nzira, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Yonhap risubiramwo amasoko yaryo.

Pyongyang yararekuye kandi ibisasu vya misire biraswa ku ntera ya hafi.

Ibi bikorwa vyo kurasa za misire vyatumye muri kano gatondo ko ku wa kane reta y’Ubuyapani isohora itangazo ryo kugabisha, ibisanzwe bishika gake, isaba abanyagihugu bo mu turere tumwe tumwe two mu buraruko kuguma mu mazu.

Mu ntango, Tokyo yavuze ko ico gisasu caciye hejuru y’Ubuyapani, ariko mu nyuma umushikiranganji wo kwivuna abansi Yasukazu Hamada akaba yavuze ko kitarenze “amazinga y’Ubuyapani, ariko cazimanganiye hejuru y’inyanja y’Ubuyapani”.

Umushikiranganji wa mbere Fumio Kishida ariyamiriza ibikorwa vya Korea ya Ruguru vyo “kubandanya irekura ibisasu vya misire”, akavuga ko ari “akaga”.

Hagati aho, icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire wa Korea y’Epfo Cho Hyun-dong hamwe n’icegera n’umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Wendy Sherman bavuze ko ibi bikorwa vyo kugerageza ibi bisasu "bibabaje kandi bikaba ivy’ubupfamutima”.

Ibi bibaye haciye ukwezi kumwe gusa Korea ya Ruguru irekuye igisasu ca misire kiraswa kure kigaca hejuru y’Ubuyapani – rikaba ryari irya mbere ikoze ivyo mu myaka itanu.

Korea ya Ruguru imaze kurekura igitigiri c’ibisasu vya misire ca mbere kinini muri uno mwaka mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera.

N’aho yafatiwe ibihano vyamugaje ubutunzi bwayo, Pyongyang yaragerageje ibirwanisho vya nikleyeri incuro zitandatu hagati ya 2006 na 2017 ikaba izwi ko iriko itegura igerageza rigira indwi.

Ibandanya ikomeza ubushobozi bwayo bwa gisirikare – ihonyanze ivyemezo vy’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi – mu ntumbero yo gutera ubwoba ibihugu bibanyi ndetse mbere igire n’ubushobozi bwo gutera ubutaka bwa Amerika.

Irekura ry’iki gisasu ejo ku wa gatatu ryatumye kimwe mu bisasu vya misire vya Pyongyang kirenga umurongo w’urubibe wa NLL (Northern Limit Line), urubibe rwo mu mazi ruteje impari hagati ya Korea zompi.

Caguye hanze y’amazi yegukira Korea y’Epfo, ariko nico gisasu ca mbere ca Korea ya Ruguru cegereye urubibe.

Seoul yaciye yihora n’indege zitatu z’intambara zaciye zirasa ibisasu vya misire na vyo nyene vyambukiranije uru rubibe rwo mu mazi.