Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ifise impungenge kuri M23
Abagize Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi basubiriye gushikiriza impungenge bafise kw’ivyuka ry’umuhari w’inyeshamba wa M23 n’iyindi mirwi y’inyeshamba irangwa mu buseruko bwa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo.
Mw’itangazo iyo Nama yaraye isohoye, yasubiye kwiyamiriza yivuye inyuma imirwi y’inyeshamba ikiyogoza muri ico gihugu, yaba iyo hagati mu gihugu canke iyiva hanze.
Amakuru ava mu karere k’Ubuseruko bwa Congo avuga ko intambara zibica bigacika hagati y’ingabo za Congo (FARDC) n’umuhari M23 mu micungararo ya Rutshuru no mu bindi bisagara.
Abagize iyo Nama basaba imirwi yose yitwaje ibirwanisho guhagarika ubugizi bwa nabi idatevye hanyuma imihari y’inyeshamba ya Congo nayo ikitabira, ataco irinze gusaba, umugambi wo gusubiza ibirwanisho no gusubira mu buzima busanzwe.
Isaba kandi imirwi y’inyeshamba iva hanze gushira ibirwanisho hasi idatevye hanyuma igasubira mu bihugu yaje ivamwo.
Basubiye kumenyesha ko bashigikiye « ubwigenge, ubumwe n’ubusugire bw’igihugu ca Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo ».
Ni mu gihe intambara zibica bigacika mu turere tw’intara ya Kivu, aho amakuru avuga ko intambara zabandanije mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu mu micungararo y’igisagara ca Rutshuru na Kiwanja mu ntara ya Kivu ya Ruguru, nk’uko vyandikwa n’iradiyo Okapi y’aho muri Congo.
Isubiramwo ababibonye bavuga ko izo ntambara zibera kw’ibarabara No 2 rihuza Rutshuru n’igisagara ca Goma ritakirengana kuva ejo ku wa gatanu kubera intambara.
Abasirikare bavugwa ko babonywe bariko basubira inyuma bava mu gisagara ca Kiwanja, mu gihe abanyagihugu bafise ubwoba ko ico gisagara gishobora kuba camaze gufatwa n’umuhari M23, ibitarashobora kwemezwa gushika ubu n’abategetsi.
Gushika ejo ku wa gatanu, nk’uko vyandikwa na Radio Okapi, M23 yari yamaze kwigarurira uturere hafi twose twa Busanza, Jomba, Bweza et Kisigari, hamwe n’ibigwati bimwe bimwe vy’akarere ka Rugari, kari ku birometero 30 mu buraruko bw’igisagara ca Goma.
Gushika ubu, ntaco abategetsi ba gisirikare barashikiriza ku kungene ibintu bimeze kuri uno wa gatandatu muri Rutshuru.