Umunsi ntarengwa ku bihugu vyifuza gusaba kwakira Can 2025

Na Oluwashina Okeleji

Yandika ku nkino

Urwego rw’umupira w’amaguru muri Afrika (Caf) rwashinze itariki 11 Munyonyo(11) nk’umunsi ntarengwa ku bihugu bishaka kumenyesha ko vyifuza kwakira inkino z’igikombe ca Afrika, Can 2025.

Hategerezwa kuboneka igihugu gishasha cakira izo nkino inyuma y’aho Guinee (Conakry) yakiwe uburenganzira kubera amakenga ku bikorwa-remezo vyo kwitegurira izo nkino.

Urwo rwego rushaka ko bitarenze itariki 16 Kigarama (12) rwoba rwaronse ku cicaro carwo i Cairo integuro zuzuye z’ibihugu vyifuza kwakira izo nkino zirimwo inyandiko zikenewe, ibisagara vyoberamwo inkino hamwe n’icemezo c’uko reta ibishigikiye.

Abagenduzi ba Caf bazogendera ibihugu bizoba vyatanze integuro z’uko bishaka kwakira inkino kuva itariki 5 gushika kuri 25 Nzero (ukwezi kwa mbere) mu mwaka uza mu butumwa bwo kuja kuraba uwubereye gusubirira Guinee.

Ivyo abagenduzi babonye bizoshikirizwa komite nshingwabikorwa ya Caf igizwe n’abantu 24, iyo nayo izoca itangaza igihugu kizokwakira inkino canke ibihugu bizofatanya mu kuzakira ku wa 10 Ruhuhuma (ukwezi kwa kabiri).

Umwe mu bategetsi bo hejuru ba Caf yabwiye BBC Sport Africa ko urwo rwego rushaka kwirinda gusubira kumaramara mu guha izo nkino ibihugu “bidashobora kwubaka ibikorwa-remezo n’aho kwakirira abashitsi vyo kwereka amakungu”.

Cameroun niyo yakiriye inkino za 2021 uyu mwaka mu gihe Cote d’Ivoire ariyo izokwakira iza 2023, zizokinwa mu ntango z’umwaka wa 2024.

Maroc yitezwe gusaba

Hari ibihugu bimaze kwerekana ko vyifuza gusaba kwakira izo nkino z’igikombe kigira 35, ariko hasigaye ko bibitangaza icese.

Moroc, ari nayo yakiriye inkino za nyuma z’igikombe ca Can mu rwego rw’abagore muri Mukakaro(7), ishaka gusaba kwakira inkino z’igikombe c’abagabo naco, nk’uko vyavuzwe n’isoko ryo mu rwego rujejwe umupira w’amaguru muri Maroc.

Iciyumviro ca Nigeria co kwakira izo nkino ifatanije na Benin ntaco giherutse kuvugwako kuva Amaaju Pinnick avuye mu mabanga yo kurongora urwego rujejwe umupira w’amaguru muri ico gihugu (NFF).

Ivy’uko Algeria, Afrika y’Epfo na Senegal navyo bishobora gusaba kwakira izo nkino vyavuzwe n’abantu gusa, n’ubwo benshi bifuza ko Senegal ariyo yokwakira izo nkino.

BBC Sport Africa yamenye ko urwego rw’umupira w’amaguru muri Tunisia rukiriko rurarondera gushigkirwa na reta imbere y’uko ruja mw’ihiganwa. Tunisia niyo yakiriye inkino zo mu 1994 na 2004.