Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki Iran inyonga abagore benshi gusumba ibindi bihugu vyose
Icitonderwa: Iyi nkuru irimwo amashusho ashobora kutagwa neza bamwe mu bayisoma
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko Irani iriko iranyongwa abantu ku muvuduko udasanzwe. Mu ndwi yanyuma yonyene ya Mukakaro (7), abantu 32 baranyonzwe, harimwo abagore batatu banyonzwe bagirizwa kwica abagabo babo.
Roya Boroumand, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Iran Abdorrahman Boroumand Cente riri muri Amerika, avuga ati:"Nta munyororo ku bwicanyi [muri Irani]. Uhitamwo kubabarira canke kwica".
Mu gihe ibindi bihugu binyonga abantu benshi gusumba Irani, nta handi abagore banyongwa nko muri iki gihugu, nk’uko ibiharuro ishirahamwe Amnesty International risohora buri mwaka bivyerekana.
None ni kubera iki Irani inyonga abagore?
Igihano c’urupfu
Hampande y’abagore batatu banyonzwe mu ndwi iheze, abandi batandatu bari bishwe mu mezi atandatu ya mbere y’uno mwaka nk’uko ishirahamwe Abdorrahman Boroumand Center ribivuga.
Nivyo ko abenshi mu banyongwa mu gihugu ari abagabo, ariko aba bagore icenda biyongereye ku gitigiri kibandanya kiduga.
Boroumand yabwiye BBC ati: "Hagati ya 2000 na 2022, twaharuye abagore n’imiburiburi 233 banyonzwe”.
Yongerako ati: "Abagore 106 banyonzwe ku caha c’ubwicanyi, nayo 96 banyongwa ku vyaha bifatiye ku biyovyabwenge”.
Bakeya cane bazwi ko banyonzwe kubera bashurashuye hanze.
Boroumand avuga ko hafi 15% y’izi manza ari zo zatangajwe ku mugaragaro – izi zindi tukaba twazibwiwe n’impfungwa za poritike canke abategetsi batumenera akabanga ababarongoye batabibarekuriye.
Iki gitigiri kinini c’abanyongwa ku ruhande rumwe kiva ku mategeko agumye, Boroumand akavuga ati: “Nk’uko amategeko y’igihugu abivuga, reta ntishobora kugabanya igihano c’urupfu ku wishe – ingingo yo kubabarira iri mu minwe y’umuryango wiciwe uwawo”.
Nta bufasha
Atena Daemi, umunya-Iranikazi aharanira agateka ka muntu, yaragerageje kurondera ingene yosabira imbabazi umwe mu bagore banyonzwe kubera bishe abagabo babo mu ndwi iheze, umugore w’umunya-Afghanistan w’imyaka 40, Sanubar Jalali.
Daemi yari yizeye ko yari kuvugana n’umuryango w’umugabo wa Jalali kugira umubabarire.
Daemi yabwiye BBC ati: "Twaragerageje kurondera umuryango wiciwe tuwusaba kuvyura ikigongwe, ariko abarongoye ibohero ntaco bafashije. Baraduhaye inomero ya terefone y’umushingwamanza wawo, ariko yaturavye irarirari ku vyo twariko turamusaba”.
"Abarongoye amabohero rimwe na rimwe barafasha kwumvisha umuryango kwemera amafaranga hanyuma ugatanga imbabazi, ariko si igihe cose”.
Ariko Boroumand arashobora gushika ku ntego - akoranye n’abandi baharanira agateka ka muntu avuga ko yashoboye kurokora abantu babiri bagomba banyongwe hamwe n’abandi umunani bagomba bacibwe ibihimba vy’umubiri.
Mu bandi bagore babiri banyongewe umusi umwe na Jalali, umwe yari umugore yari yarongowe akiri umwana, ku myaka 15. Uwa gatatu yari umugore yari yarahagaritswe kubera yishe umugabo wiwe, hari haciye imyaka irenga itanu.
Kwiregura bidakwiye
Daemi yamaze imyaka indwi mu munyororo kubera igikorwa ciwe co kurwanira uburenganzira bwa muntu. Avuga ko amabohero y’abagore ata vya nkenerwa afise kandi ko n’impfungwa rimwe na rimwe bakubitwa.
Amasentare nayo nyene ntizorohereza abagore, kuko abacamanza ari abagabo gusa kandi ugasanga n’abashingwamanza ni abagabo.
Amasentare ya Irani ategerezwa gutanga umushingwamanza, ariko Daemi avuga ata bufasha bukwiye batanga “kuko usanga abenshi muri aba bashingwamanza batangwa bahoze ari abacamanza”.
Daemi ati: "Kwiregura ntivyoroshe mu manza z’urupfu. Mu manza nk’izo, ibivugwa n’umuryango wiciwe nivyo ahanini bifatirwako gusumba umuryango wa nyene kwagirizwa”.
Imico iha ububasha bwose umugabo
Umumenyeshamakuru w’umunya-Irani Asieh Amini, ubu asanzwe aba muri Norvège /Norway, yarakurikiraniye hagufi imanza z’aho abagore baciriwe urwo gupfa. Avuga ko imvo nyamukuru y’iki kibazo ari ubucamanza bwo nyene.
Amini yabwiye BBC ati: "Nk’uo amategeko abivuga, se na sekuru nibo bakuru b’umuryango kandi nibo bashobora gufata ingingo ku bakobwa harimwo no kurongorwa”.
Ibi bisigura ko abakobwa barongozwa ku nguvu bashobora guhura n’ingorane zikomeye, harimwo ihohotera ryo mu rugo, kandi azosanga bitanashoboka ko amasentare yo muri Irani yomwahukanisha, nk’uko abivuga.
Abagore bacirwa urwo gupfa akenshi usanga n’abavyeyi biwe batanamufasha, ugasanga bashimye kugumana ico bafata ko ari ‘icubahiro’.
"Kubera ibi, abagore bamwe babandanya bakorerwa amabi imyaka idahera”.
Abandi nabo bagahitamwo kwica abagabo babo
Ati: "Bamwe muri aba bagore baremeye ko bishe bo nyene ubwabo canke bafashijwe n’abandi. Ariko hafi bose bashimangira ko iyo haba uburyo bwo kubakingira ku gatotezo bariko barakorerwa, kumbure nibari gushika aho bakora icaha co kwica”.
Hakurondera ko uyo mwigeme w’umuyabaga yotunganirizwa, abacamanza ahubwo bafashe ingingo ko uyo mukobwa yagiye gushurashura hanze.
Amini ati: "Yaciriwe kunyongwa amaze kwemera ko yaryamanye n’abagabo bamwe, kandi mu bisanzwe yari yafashwe ku nguvu”.
Asigura ko nk’uko itegeko mpanavyaha rya Irani rishingiye kw’idini rya Islam ribivuga, mu gihe umuntu yibana asiguye ko yasambanye hanze, azocibwa igihano co gukubitwa inkoni 100. Hanyuma asubiriye incuro zitatu, bashobora kumucira urwo gupfa ku ncuro ya kane.
"Ariko ku rubanza rwa Atefeh, n’iri tegeko ruburakingongwe ntiryakoreshejwe, kubera nasanze yari amaze gukubitwa inkoni 100 incuro zibiri gusa imbere y’uko umucamanza afata ingingo ko yategerezwa kunyongwa”.
"Ku ncuro ya kane, uyu mucamanza we nyene yitwa Haji Rezaei niwe yambitse Atefeh ikiziriko mw’izosi.
Ukwihora ntibiherera aho gusa. Narges Mohammadi aharanira ko igihano co gupfa kihava yasohoye videwo ku rubuga ngurukanabumenyi aho yavugamwo ingene umuhungu w’umugore yaciriwe urwo gupfa yagiriwe n’icaha co kwica umugabo wiwe ari we yahenuye agatebe nyina yari ahagazeko mu cumba c’inyongero.
Mohammadi yemeza ko umuryango w’uyu mugabo yishwe wateye igitsure cinshi uyu muhungu n’incuti ziwe kugira ngo agarukane “iteka mu muryango”.
Igikoresho co guturubika
Amini yidoga avuga ko ikumira mu mategeko, mu masentare no mu mico “rifise uruhara mu kwica aba bagore, mu kubagira inkozi z’ikibi canke abakorerwa amabi”, ariko ntatahura aravye uru rukurikirane rw’inyongwa.
Ati: "Ni ukuri sinigeze ntahura mu myaka yose nakurikiranye izi manza mw’ibohero n;irindi, ingene reta ya Irani yungukira muri ibi bihano vy’ubugome”.
Ariko Boroumand afise iciyumviro.
Amabohero ya Irani muri kino gihe ararengewe n’ubwinshi bw’abapfungwa kubera impfungwa za poritike n’abakoresha ibiyayuramutwe, rero kugira ngo bagabanye ikibazo c’iyuzura ry’amabohero, yibaza ko abategetsi bashira igitsure ku miryango y’abishwe gufata ingingo vuba bishoboka – ari imbabazi canke inyongwa.
Boroumand afise ubwoba ko ibi bishobora gutuma benshi barungikwa kunyongwa.
Yibaza kandi ko abategetsi bafise ivyinyegeje inyuma mu gutanga iki gihano ruhasha.
"Umugabo umwe aherutse gucibwa ukuboko i Tehran. Bazana abapfungwa bo mu bindi bisagara bakaba ari babaca ibihimba vy’umubiri, nk’uko abivuga.
"Ntibabitangaza ariko barabikora ku buryo inkuru y’iki gihano izokwira mu gihugu cose, bigatera ubwoba abaharanira agateka ka muntu”.
Reta ya Irani ntiyishura BBC iyo ibasavye kugira ico ibivugako, ariko igisata ca Irani kijejwe ubutungane carigeze kuvuga ko ikihano co kunyonga kijanye n’amategeko kandi ko kitateye kubiri n’ivyo Irani yiyemeje ku rwego mpuzamakungu (amasezerano yateyeko igikumu). Reta ya Irani yamye ihakana amakuru y’iyicarubozo no guhatira abagirizwa kwemera icaha.