Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivyo womenya k'umuhari Wagner n’abarwanyi bawo
Umuhari Wagner (uzwi neza nka PMC Wagner) watanguye kuboneka mu 2014, igihe washigikira inyeshamba zari zishigikiwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine.
Ico gihe, wari mu kinyegero, ukorera cane cane muri Afrika no mu Burasirazuba bwo hagati, ukaba wari uzwi ko wari ufise abarwanyi 5000 bonyene – abenshi bakaba bari abakukuruke mu gisirikare c’Uburusiya hamwe no mu ngabo zidasanzwe.
Kuva ico gihe, wagiye ukura.
Mu kwa mbere, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza bwavuze buti: "Wagner ubu ata gukekeranya ufise abarwanyi 50.000 muri Ukraine kandi uriko ugira uruhara rudasanzwe mu ntambara ya Ukraine”.
Ubu bushikiranganji bwavuze ko uno muhari watanguye kwinjiza abarwanyi ku bwinshi mu 2022 kubera Uburusiya bwari mu bibazo vyo kuronka abarwanyi binjira mu gisirikare.
Hafi 80% vy’ingabo za Wagner bava mu mabohero, nk’uko Inama nkuru y’umutekano ya Amerika yabivuze mu ntango z’uno mwaka.
N’aho abacangero batemewe n’amategeko mu Burusiya, umuhari Wagner waranditswe mu bitabo nk’ikompanyi yemewe n’amategeko mu 2022, mbere uca wugurura n’ibiro bikuru mu gisagara ca Saint Petersburg.
Dr Samuel Ramani wo mw’ishirahamwe ry’abahinga Royal United Services Institute avuga ati: "Urinjiza abarwanyi ku mugaragaro mu bisagara vy’Uburusiya, ugacisha amatangazo ku vyapa, mbere ibinyamakuru vyo mu Burusiya bikaba biwita ishirahamwe ry’intwari”.
Wagner yatanguye gute?
Amatohoza yakozwe na BBC kuri Wagner yerekana ko uwabigizemwo uruhara ari uwahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburusiya, Dmitri Utkin.
Ino ntwazangabo yarwanye urugamba rw’Uburusiya muri Tchétchénie/Chechnya azwi ko ari we yatanguye kuba umukomanda wayo, kandi ko ari we yayihaye izina mu kuyitirira izina ry’ijwi ry’iradiyo yiwe yo gutumatumanako (radio call sign).
Umukuru wayo muri kino gihe ni Yevgeny Prigozhin, umurwizatunga atunze cane atazirwa "Putin's chef" (twogereranya mu Kirundi nka ‘umuboyi wa Putin’) kubera ari we yagaburira Kremlin.
"Urugamba rwa mbere rwa Wagner rwabaye urwo gufasha Uburusiya kwigarurira akarere ka Crimée/Crimea mu 2014", nk’uko bivugwa na Tracey German, umwigisha kuri kaminuza ya King's College London.
Mu mayinga y’imbere y’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine, bizwi ko Wagner yakora ibitero vyo kurondera inyendamuvano yiyoberanije, mu ntumbero yo guha Kremlin icitwazo co gutangura intambara.
Wagner ikorera he?
Kuva mu 2015, abacangero ba Wagner barakorera muri Syria, aho bafatanya n’ingabo za reta mu ntambara bakacungera n’ibibanza bicukurwamwo ibitoro.
Hari kandi n’abacangero ba Wagner bari muri Libya, aho bagiye gufasha ingabo za Jenerali Khalifa Haftar.
Centrafrique nayo nyene yaratumyeko Wagner gucungera ibibanza bicukurwamwo ubutare bwa diamant/diamond, ikaba kandi izwi ko icungereye ibibanza bicukurwamwo inzahabu muri Sudani.
Reta ya Mali, mu burengero bwa Afrika nayo nyene irakoresha abacangero ba Wagner mu ntambara yayo n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.
Prigozhin azwi ko yinjiza amahera muri ibi bikorwa vya Wagner irya n’ino. Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga ko akoresha uyo muhari mu gutungisha amakompanyi yiwe yimba ubutare, bukaba bwaramufatiye ibihano.
Ni ibihe vyaha Wagner yagirizwa?
Umuhari Wagner waragize uruhara rudasanzwe mw’ifatwa ry’igisagara ca Bakhmut, mu buseruko bwa Ukraine.
Ingabo za Ukraine zivuga ko abarwanyi bawo barungitswe mu bitero ahantu henshi ku rubuga rw’intambara rwiyaguye, aho benshi batikiriye nk’ingaruka mbi.
Mu ntango, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ntibwavuga ko Wagner ifise uruhara mu ntambara. Hagati aho, mu nyuma bwagiye gushimagiza abacangero bayo “bitanga batiziganya” ku rugamba.
None vyagenze gute ngo Wagner icanemwo n’abakuru b’igisirikare c’Uburusiya?
Mu mezi aheze, Prigozhin yabandanije yagiriza umushikiranganji wo kwivuna abansi Shoigu hamwe n’umukuru w’igisirikare muri Ukraine, Valery Gerasimov, ko ataco bamaze, kandi ko bima uburyo n’ibigirankana abarwanyi ba Wagner muri Ukraine.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko “amashirahamwe y’abakutsakivi” muri Ukraine ategerezwa kugiriranira amasezerano nabwo, imbere y’impera z’uku kwa gatandatu.
Umuhari Wagner ntiwadomweko urutoke mw’iryo tangazo, ariko iyi ngingo iboneka ko ari reta iriko iragerageza kurondera ingene yowugenzura gusumba.
Prigozhin yasohoye itangazo ry’uburakari avuga ko ingabo ziwe zidashobora kwitabira aya masezerano.