Joe Biden ariko avugwa cancer y'uruhu

Joe Biden ariko ashikiriza ijambo mu nama ngarukamwaka ya Society for Human Resource Management (SHRM) Annual muri San Diego Convention Center kuwa 2 Mukakaro i San Diego. Yari yambaye kositimu y'ubururu n'ishati yera imbere, na karuvati, afise urupapuro n'ikaramu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Uwahoze ari perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden aheruka kubagwa cancer yo ku ruhu, nk'uko bitangazwa n'umuvugizi wiwe.

"Biden aheruka gukoregwa 'Mohs surgery' (n'ukuvuga uburyo bwo gukurako igice c'uruhu rwononekaye hagasigara ahakomeye) – niko uwo muvugizi wa Biden yabwiye ikigo c'itangazamakuru CBS News co muri Leta zunze Ubumwe za Amerika gikorana na BBC.

Ubwo buryo bwo kuvura kanseri bukoreshwa ku ruhu, bukorwa mu gukata igice c'uruhu cafashwe n'iyo ngwara, ku buryo ata hari kanseri hasigara.

Uyu mutama w'imyaka 82 yarigeze kuboneka afise igikomere ku ruhande rw'iburyo mu mutwe.

Mu 2023 , Biden yaravuwe kanseri yo ku ruhu nyene mu gikaraza igihe yari agiye mw'isuzuma risanzwe ryo kumenya uko amagara yiwe yifashe.

Muri Rusama, yari yasuzumwe kanseri ikaze ifata mu bihimba vy’irondoka vy’abagabo (cancer ya prostate) yahavuye itandukira n'amagufa.

Mu kwezi kwa Rusama, yari yasuzumwe kanseri ikaze ifata mu bihimba vy'irondoka vy'abagabo (cancer ya prostate) yahavuye itandukira n'amagufa.

Biden ico gihe yanditse ku rubuga hwaniro ati: "Kanseri ni ingwara ishobora kudukorako twese. Kimwe n'abandi benshi muri mwebwe, Jill nanje twarize gukomera mu bandi bakomerewe n'ibihe bikomeye (bibi)."

Biden yarigeze kandi kurwara ubundi bwoko bw'ama kanseri yo mu ruhu bita 'non-melanoma skin cancers' (ni kanseri idakunze kuboneka, iteba kwiyongera kandi idashoka ikwiragira mu bindi bice vy'umubiri, bitandukanye na melanoma cancer yoyo ikara cane kandi ikwiragira ningoga iyo iramutse yadutse) imbere y'uko aba perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Asa n'uwutakiboneka cane, kuva aho aviriye ku butegetsi muri Nzero kandi yabonetse gake cane mu mirimo yo ku mugaragaro.

Umuryango wa Biden urazwi ko wakomeje gukora ubuvugizi kuva kera mu bikorwa vyo kurwanya no kuvura kanseri.

Umuhungu wabo mukuru, Beau, yapfuye azize ingwara ya kanseri yo mu bwonko mu 2015.