Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
William Ruto: Menya ingene uno mukuru w’igihugu ca Kenya w’ivugabutumwa yacanyemwo n'amashengero
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC, Nairobi
William Ruto, inyuma y'imyaka ibiri abaye umukuru w’igihugu ca Kenya aho abakristu benshi bamutoreye, biragaragara ko atorohewe kuva mu mezi make aheze aho abarongozi b’amashengero yose bariko baratakaza icizere kuri we - bakamubona ko ata kintu kinini abamariye, ahubwo bakaba bamufata nka wa mutozakori w’umwina avugwa muri Bibiliya.
Igihe yariko yiyamamariza amatora yatsindiye, bamwe mu banyamashengero bamukunda cane bari bamutaziriye "Dawudi", rya zina rya wa muhungu w'umwungere wo muri Bibiliya yahavuye aba umwami.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bari bamubatije "icegera ca Yezu/Yesu", aho bamwagiriza gukoresha Ubukristu/Ubukristo ku nyungu ziwe za poritike, mu kwama yitaba amasengesho mu mashengero atandukanye, kuva muri Katolika gushika no mu dushengero two mu gifuri.
Yari umuntu yashobora kwambara umwambaro wa buri shengero yaba agiyemwo, rimwe na rimwe agapfukama agasenga, mbere bikanashika akanakorora n'amosozi kubera insiguro zo mw'isengero.
Amaze gutsinda amatora, yakengurukiye Imana ko ari yo yamuhaye intsinzi, mbere aca abandanya azunguruka igihugu yitaba amasengesho mu mashengero atandukanye buri ku wa Mungu.
Ariko inyuma y’aho abanyagihugu batari bake bamurwanije kubera imisoro y'umurengera yashinzwe na reta yiwe, uno mugabo w'imyaka 57 yahawe izina rishasha : “Zakayo” - wa mutozakori w’i Yeriko w’umutunzi kandi atakundwa cane, avugwa muri Bibiliya.
Uno mukuru w'igihugu wewe abandanya ashimangira ko, nimba abanyagihugu bashaka ko reta ibakorera ivyo bashaka kandi umuzigo w'amadeni igihugu gifise ukagabanuka, bategerezwa gutanga amakori.
Mu myaka ibiri, amakori ku mishahara yaraduze cane, amakori ku gitoro yikuba incuro zibiri, mu gihe kandi abanyagihugu barihishwa ikori rishasha ry’inzu be n'irindi ry'ubwishingizi mu vy'ubuvuzi ataco riramarira Abanyakenya benshi.
Igihe mu kwa gatandatu haduka imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza aya makori, urwaruka rwayikora, rwamenyekanye cane kw'izina rya Gen Z, rwariyamirije amashengero ko yishira ku ruhande rw'abanyaporitike akabaha akaryo ko guhagarara ku ruhimbi bashikiriza amajambo yabo.
Uburakari bw'uru rwaruka bwatumye reta ihagarika integuro y'amafaranga yarimwo amakori mashasha y'umurengera - buca burakanuza amashengero nayo, aho abayarongoye baciye batangura kunegura Ruto na poritike yiwe.
Iki kandi cabaye igihe kidasanzwe c'uruhombo runini muri iki gihugu, aho 80% vy'abanyagihugu ari Abakristu.
Mu kwezi guheze, Teresia Wairimu yatanguje ishengero rizwi nka FEM (Faith Evangelistic Ministries), riri ku mugwa mukuru Nairobi, ari naho Ruto n'umuryango wiwe bakunze kuja gusengera, yavuze ko Umwami wabo Dawudi ariko asubira mu bwatsi intama zirishamwo.
Igihe yariko arasigura, yagize ati: "Nk'uwutora, birampagaritse umutima".
Iyindi nsiguro ya Pasitori Tony Kiama wo mw'Ishengero River of God (twogereranya na Uruzi rw'Imana), yarazunguritse cane inyuma y'uko yiyamirije reta ya Ruto ko "itariko ikorera umugambi w’Imana ahubwo ko ikorera sekibi", aho yafatiye ku bantu bishwe mu gihe c'iyo myiyerekano, ubuzima buzimvye n'igiturire cabaye ndanse.
Kandundura ni itangazo rinegura reta yiwe ryasohowe mu ndwi iheze n'Inama y'Abepiskopi Katorika, itangazo ry'uburemewe bwinshi kubera icubahiro n’ububasha bafise muri Kenya.
Bagirije reta ya Ruto ko iriko iratsimbataza "umuco w'ikinyoma", bisunze ivyo yemereye abanyagihugu mu gihe c'imyiyamamazo ariko atariko abishira mu ngiro.
"Mu bisanzwe, bisa nk'aho ukuri kutakibaho, nimba naho kukibaho, ni ukuvugwa na reta gusa", niko ino Nama y'Abepiskopi Katorika ivuga, aho kandi yiyamiriza igiturire, umwina n'amakori y'umurengera biriko bihungabanya ubutunzi bw'igihugu.
Umusenyeri umwe yise Kenya igihugu "c'ubutegetsi bw'agahomerabunwa bwa Orwellian", aho abatavuga rumwe na bwo "baterwa ubwoba, banyuruzwa canke mbere bakicwa".
Aha yafatira ku bantu 60 bapfuye abandi 1300 barahagarikwa muri ca gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza amakori. Abandi 74 nabo baranyurujwe 26 nabo bakaba batazwi irengero ryabo mu mezi atanu aheze, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rya reta ya Kenya rijejwe agateka ka zina muntu.
Iri jambo rinyengetera ry'aba bepiskopi ryakurikiwe n'ingingo yo kwanka intererano y'ibihumbi 40 vy'amadorari ya Amerika (ni ukuvuga imiriyoni zirenga zitanu z'amashilingi ya Kenya) yari yatanzwe na Ruto igihe yitaba imisa mw'isengero Katorika rya Soweto i Nairobi ku wa Mungu uheze - aho Musenyeri mukuru wa Nairobi yavuze ko ari “mu ntumbero yo kwubahiriza inyifato ibereye no kugira ngo Ekleziya ntihave ikoreshwa ku nyungu za politike".
Abakristu benshi ba Kenya ni abakatorika - hafi imiriyoni 10, ni ukuvuga 20% vy'abanyagihugu bose, nk'uko biri mu biharuro vya reta.
Abandi bakristu bari mu mashengero atandukanye, harimwo Ishengero rya Anglikani yo muri Kenya hamwe n'ishengero Presbiteriyani.
Hanyuma igihagararo ca Ekleziya Katorika muri Kenya kirarengeye ibijanye n'ukwemera kubera uruhara ifise mu bijanye n'amashure, ubuvuzi n'ibindi bikorwa bijanye n'imibereho y'abanyagihugu.
Ekleziya Katorika kandi irashavujwe n'akajagari kandurutse ku mpinduka zishingiye ku mugambi mushasha w’ubwishingizi mu vy'ubuvuzi, aho reta ifitiye umwenda w’amamiliyoni y’amadolari ibitaro vyegukira amashengero.
Iri jambo ryeruye ry'abepiskopi ku bijanye n'ingene igihugu cifashe ryibukije abanyagihugu ba Kenya uruhara rw'abarongoye amashengero igihe mu myaka ya 1990 bagondoza reta ko yosubira mu ntwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi.
Ico gihe, Ndingi Mwana a’Nzeki wa Ekleziya Gatolika, Alexander Muge, Henry Okullu na David Gitari ba Anglikani hamwe na Timoteyo Njoya w'ishengero Presbiteriyani, barahagaze rugabo bararwanya ata bwoba intwaro y'agahotoro y’umugambwe umwe yari irongowe na Perezida Daniel arap Moi.
Ariko abihweza ibintu n'ibindi, bavuga ko ku ntwaro z'abasubiriye Moi - Mwai Kibaki na Uhuru Kenyatta, bompi bakaba ari abakatorika - abarongoye amashengero ntibarukuye mu kanwa.
"Ku butegetsi bwa Perezida William Ruto, ibintu vyarabaye urudubi gusumba kuko ibintu vyinshi vy'amashengero bisa n'ivyariko vyigarurirwa", vyanditswe muri ino ndwi n'umunyamakuru w'inararibonye Macharia Gaitho akorera ikinyamakuru ca Kenya Daily Nation, aho avuga ko ico gihe "amashengero yatamitswe kugira ngo ntavuge".
Ijambo ry'Abepiskopi Katorika ryarashigikiwe n'ayandi mashengero, co kimwe n'abarongoye idini rya Islam - nubwo amadini yashigikiye cane Ruto kuri poritike yiwe yo kurwanya ubutinganyi hamwe no kwanka ibijanye no gukoroza imbanyi.
Itangazo rusangi rya bamwe mu barongoye ishengero rya Pentekoti n'amashengero y'abavugabutumwa ryashimiye abo basenyeri kubera ubutwari bwabo no kubera “bakoze ibintu ata muntu yiyumvira ko vyokorwa" mu kwanka amahera ya Ruto.
Musenyeri mukuru wa Anglikani yo muri Kenya Jackson Ole Sapit, ari na we yari arongoye amasengesho y'igihugu umusi Ruto yatangazwa ko ari we yari yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu 2022, yarifatanije n'abepiskopi Katorika mu kwiyamiriza ico yise "intwaro mbi yarenze urugero, ukudahana, hamwe n'uguhonyanga uburenganzira bwa muntu".
"Iyo ibintu bimeze uku, ntidukwiye kuzinga amaboko dusenga dusaba ibitangaro", niko Ole Sapit yavuze, aho yongerako ko Abepiskopi Katorika bashikirije akari mu mitima y'Abanyakenya benshi.
Daniel Wambua wo mw'ishengero ry'Ababatisti yongerako ko abarongoye amashengero ubu bahagurutse kugira ngo bahagarike "ubucuti bw'amacandya" na reta.
Hagati aho, Sheikh Abubakar Bini, arongoye Inama y'aba-Imam n'abavugabutumwa b'idini rya Islam mu karere ka North Rift, atera akamo reta gufata ijambo ry'abepiskopi Katorika nk'impanuro aho kurifata nk'uko ari ukuyinegura.
Mu ntango, Ruto n'abamushigikiye barivunye - aho umwe yagirije abepiskopi gukwiragiza "amakuru atari yo".
Ariko abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko Ruto, mu gihe akunze kwisunga imirongo yo muri Bibiliya mu kwishura abamunegura, akwiye kuraba neza ntahangane n'amashengero kuko, nubwo yoba ari mato mato, usanga ashobora kuronka ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi, bigashobora kumugirira ingaruka mbi mu gihe azoba ariko arondera ikiringo kigira kabiri.
Uno mukuru w'igihugu amaze gutangura guhangana n'abamurwanya mu turere tumwe tumwe yatowemwo cane mu matora ya 2022, inyuma y'aho uwari icegera ciwe Rigathi Gachagua abogorejwe mu kwezi guheze.
Baracanyemwo bivuye ku kungene bafashe imyiyerekano yo kurwanya amakori, ivyo bikaba vyatumye ubutegetsi bwa Ruto buhungabana.
Incuti ya hafi cane y'umukuru w'igihugu, umushingamateka Oscar Sudi, yarariye umutima amenyo aja ku rubuga rwa X, asaba imbabazi abepiskopi Katorika kw’izina rya reta.
Ruto we nyene ubwiwe kuva ico gihe asa n'uwiyorosha mu kwishura abamunegura babandanya biyongera, avuga ko yumvise akamo k'abarongoye amashengero kandi ko yiteguye gukora ivyo asabwa gusumba.
Ku wa kane, yanditse kuri X ati: "Nta nkeka twarateye intambwe mu gihugu cacu. Ariko, haracasigaye vyinshi vyo gukora. Dutegerezwa kubandanya dukorera hamwe kugira ngo dushire mu ngiro nigonga na ningoga ivyo twiyemeje no guhindura Kenya".
Ico uno mukuru w’igihugu ca Kenya wa mbere w’umukristu w'umuvugabutumwa ategerezwa kwemera ni uko amashengero yakoresheje cane kugira ngo ashike ku butegetsi ni yo ashobora no kumusenyura mu matora azokurikira.
Gaitho ati: "Arazi neza ko adashobora kurwana n'amashengero".