Inyuma y'imyaka ine, Uburundi bwongeye kwakira inkino mpuzamakungu z'umupira w'amaguru

Abafana b'umugwi nserukiragihugu w'Uburundi bambaye udupira mu mabara y'igihugu, iritukura, iryera n'irisa n'urwatsi rubisi harimwo uwuriko aravuza vuvuzela, Bujumbura, 19 Nyakanga, 2025
Insiguro y'isanamu, Stade Intwari yo mu gisagara ca Bujumbura yari imaze imyaka ine iriko irasubirwamwo ngo ikwize ibisabwa n'inzego mpuzamukungu zijejwe umupira w'amaguru
    • Umwanditsi, Patrick Waso
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bujumbura

Ikibuga c'umupira w'amaguru Stade Intwari co mu gisagara ca Bujumbura caraye gisubiye kwakira inkino mpuzamakungu z'umupira w'amaguru inyuma y'imyaka 4 gihagaritswe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika CAF kuko kitari gikwije ibisabwa.

Iyo myaka ine yari iheze ico kibuga - cahora citwa Stade Prince Louis - kiriko kirasubirwawo kugira gikwize ivyo ibisabwa vyose n'inzego mpuzamakungu z'umupira w'amaguru muri Afrika no kw'isi, CAF na FIFA.

Urukino rwa mbere rwahakiniwe rwahuje Intamba mu Rugamba - umugwi nserukiragihugu w'Uburundi - z'abigeme batarenza imyaka 20 hamwe n'umugwi nserukiragihugu wa Zambia w'abigeme batarenza iyo myaka nyene.

Kari akanyamuneza ku bakunzi b'umupira w'amaguru muri Stade Intwari. Bari baje bambaye amabara y'igihugu: iryera, aritukura, n'iry'icatsi kibisi. Abandi bisize amarangi y'ayo mabara. Winjiye imbere mu kibuga wakirwa na za vuvuzela, ingoma n'indirimbo zihayagiza umurwi nserukiragihugu, Intamba mu Rugamba..

"Ku bwanje ni iteka kandi ni akarusho ku Burundi kuko bwatewe iteka ryo kwakira izo nkino inyuma y'imyaka ine", bivugwa na Alice Irakoze yaje ava mu ntara ya Burunga mu bumanuko bw'Uburundi aje muri ivyo birori vyari bimaze imyaka ine bitaboneka mu gihugu.

Irakoze asanzwe ari n'umunyamabanga mukuru w'umwe mu migwi y'umupira w'amaguru ikomeye muri iyo ntara Aigle Noir.

Yonyegeyeko ko ari "kwikukira mu vy'inkino kuko amahanga ni amahanga. Igihugu cahora kihatakariza amahera menshi kandi ugasanga umusaruro w'imigwi utameze neza."

Vyinshi vyarakozwe ariko hari ibigiherahezwa

Ku bw'icegera c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, FFB, ngo ibintu vyinshi vyarakozwe kuri ico kibuga kugira cemerwe na CAF hamwe na FIFA.

Elysée Niyubahwe avuga ko cahawe uruhusha rudasanzwe ngo kibe kirakira inkino mpuzamakungu zimwe zimwe.

"Harashizweho umusezero w'ikizungu wemewe na FIFA kandi niyo yawuduhaye. Ubu ubuhinga bwa Internet burahari kandi buzohabwa aba komiseri eka n'abamenyeshamakuru mu gihe inkino zizoba ziriko ziraba. Ivyumba abakinyi baja kuruhukiramwo vyarasubiwemwo mu buryo CAF na FIFA bavyifuza".

Uburundi bugiye kwunguka vyinshi kuko gukinira ku bihugu bitiwe mu bindi bihugu vyasaba uburyo bwinshi. Ikibuga co hanze cakotwa amafaranga ari hagati ya 6.000 na 12.000 vy'amadorari y'Abanyamerika nk'uko Elysé Niyubahwe abivuga.

"Igihugu cahomba amahera y'amatike yo kwinjira mu kibuga. Ku nkino zose zabera hanze y'Uburundi twarariha ibintu vyinshi harimwo amatike y'indege, amahoteli, imodoka zo kwiyunguruza. Ubu ayo mahera yose azoca agaruka mu kigega ca FFB na leta".

Ubwugabo busakaye burimwo abarorerezi mu ntebe z'amabara yera, atukura n'urwatsi rubisi hicayemwo abantu ariko hari n'intebe zigaragara, i buryo bw'ubwugamo hicaye abarorerezi benshi imbere y'aho hari ikibanza c'abahagarikira urukino, abamenyereza n'abaforoma
Insiguro y'isanamu, Ikibuga kirasakaye igice kimwe mu bwugamo bw'iteka

Ikibuga Intwari gisakaye igice kimwe mu bwugamo bw'iteka. Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB rivuga ko ico kibuga gishobora kwakira abantu bashika 14.500 bose bicaye.

Ku bw'abarongoye urwego rw'umupira w'amaguru mu Burundi, ico kibuga ubu gisa n'icujuje ibisabwa. Ni co gituma cabaye kiraronka uruhusha rudasanzwe.

Bavuga ko hagisigaye udukorwa twa nyuma nko gutunganya neza ahahagara imiduga no mu micungararo yose y'ikibuga. Baja baratanga icegeranyo c'aho ibikorwa bigeze buri indwi hanyuma CAF izoze gusuzuma itange uruhusha ntabanduka.

Mu menezo wo gusubira kurorera inkino mpuzamakungu kuri ico kibuga c'Intwari, icaciriyemwo abarorerezi ni uko mu rukino rwa mbere rwahabereye Intamba mu Rugamba zatsindiwe iwabo na Zambia 2 kuri 1 mu muce w'abigeme batarenza imyaka 20, mu nkino zo gukuranamwo mu kurondera itike y'igikombe c'isi kizobera muri Pologne.