‘Ballon d’Or ntiyubaha Real Madrid’ – ni inyuma y’uko Vinicius ayimwe

Umukinyi wo hagati wa Manchester City na Espagne Rodri ni we yaraye atahukanye agashimwe ka Ballon d'Or (Umupira w’Inzahabu) ku ruhande rw’abagabo – agashimwe gahabwa umukinyi wa mbere w’umwaka - ku ncuro ya mbere muri kahise k’umurwi wiwe.

Uno mukinyi w’imyaka 28 yahawe aka gashimwe mu birori vyabaye nijoro i Paris mu Bufaransa inyuma yo gufasha igihugu ciwe gutsindira ihiganwa ry’ibihugu vya Bulaya (Euro 2024) mu kw’indwi kw’uno mwaka.

Muri uno murwi wiwe wa Manchester City, Rodri yatsindiye kandi ihiganwa ry’Ubwongereza, Premier League. Yatsindiye kandi igikombe c’ihiganwa rya UEFA Super Cup rihuza imirwi yatsindiye Ligue des Champions na Europa League, hamwe n’igikombe ca Club World Cup rihuza imirwi yabaye iya mbere ku migabane.

Ku rukino rumwe gusa yatakaje mu murwi wiwe no mu gihugu ciwe, Rodri yatahukanye aka gashimwe arushije umukinyi wo ku ruhande wa Real Madrid n’umurwi nserukiragihugu wa Brezili Vinicius Jr, ari na vyo vyatumye uno murwi wanka kwitaba ibi birori.

Real Madrid ni nayo yatsindiye agashimwe k’umurwi wa mbere mwiza w’umwaka, umumenyereza wayo na we Carlo Ancelotti atsindira agashimwe k’umumenyereza wa mbere mwiza w’umwaka.

Hagati aho, nta muntu n’umwe yari yaserukiye uno murwi kugira ngo atore ubu bushimwe.

Inyuma yo kwumva ko umukinyi wayo Vinicius atari we yari yatowe ngo atahukane Ballon d’Or, Real Madrid yafashe ingingo yo kutitaba ibi birori.

Inyuma yo gufasha umurwi wiwe gutsindira ihiganwa rya Espagne, La Liga, be n’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, Ligue des Champions/Champions League, Vinicius Junior yatangajwe ko ari we yari afise amahirwe menshi, ariko mu nyuma ibintu birahinduka.

Vyatanguye nk’ibihuha, mu nyuma ibinyamakuru vyo muri Espagne bivamwo birashira ukuri ahabona, ari naho Real Madrid yaca itangaza ko itashobora kwitaba ibirori, ikavuga ko ari agakengere.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP risubiramwo ivyatangajwe n’uno murwi uvuga uti: "Nimba ingingo zifatirwako zitagenye Vinicius, izo ngingo nyene zategerezwa kugena Carvajal ko ari we yatsindiye aka gashimwe.

"Kubera rero atariko vyagenze, biragaragara ko Ballon d’Or ya UEFA itubaha Real Madrid. Rero Real Madrid ntishobora kuba ahantu itubashwe".

Igihe Real Madrid yatangazwa ko itsindiye agashimwe k’umurwi wa mbere mwiza w’umwaka Ancelotti na we agatsindira aka gashimwe k’umumenyereza wa mbere mwiza kitiriwe Johan Cruyff, nta majambo yahavugiwe kuko nta numwe yari yaserukiye uno murwi.

Kuri Ancelotti, Real Madrid yatsindiye La Liga isumvya amanota 10 umurwi Barcelona waza ubwa kabiri mu mwaka w’inkino uheze, itsndira kandi igikombe Super Cup ca Espagne, mu gihe kandi yari yatsindiye Champions League – ku ncuro igira 15.

Yari ifise abakinyi bayo indwi bari ku rutonde rw’abahiganira Ballon d’Or ku ruhande rw’abagabo.

Agashimwe ka Ballon d'Or gahabwa umukinyi wa mbere mwiza w’umwaka atorwa n’umurwi w’abamenyeshamakuru bava mu bihugu 100 vya mbere mu rutonde rw’isi rwa FIFA.

Ni bwo bwa mbere kuva mu 2003 Lionel Messi w’imyaka 37 yatsindiye aka gashimwe incuro umunani hamwe na Cristiano Ronaldo w’imyaka 39 yagatsindiye incuro zitanu batabonetse ku rutonde rw’abagahiganira.

'Intsinzi y'abakinyi bo hagati'

"Ni umusi udasanzwe kuri jewe, ku muryango wanje no ku gihugu canje", niko Rodri yavuze, igihe yaja gutora agashimwe kiwe agendera ku vyuma kubera imvune yagize mu kw’icenda, igihe umurwi wiwe wahura na Arsenal muri Premier League.

Ati: "Uno musi si intsinzi yanje, ni iy’umupira w’amaguru wa Espagne, ku bakinyi benshi cane batashoboye gutsindira aka gashimwe kandi bari bagakwiriye, nka [Andres] Iniesta, Xavi [Hernandez], Iker [Casillas], Sergio Busquets, n’abandi benshi cane. Ni intsinzi y’umupira w’amaguru muri Espagne, n’iy’abakinyi bo hagati".

Mu mwaka w’inkino wa 2022-2023, Rodri yafashije Manchester City gutsindira ibikombe bitatu, ariko akaba yarangije agira gatanu ku rutonde rw’abahiganira Ballon d’Or.

Yabandanije yitwara neza muri City yongera agira uruhara rudasanzwe muri Euro 2024 mu murwi nserukiragihugu wa Espagne, aho yigaragaje nk’umwe mu bakinyi b’ibihangange kw’isi.

Igihe Espagne ihura n’Ubwongereza mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2024, Rodri ntiyarurangije aho yavuye mu kibuga acumbagira igice ca mbere kirangiye, ariko akaba yari yamaze gukora ibikenewe vyose kugira ngo agenwe nk’umukinyi wa mbere mwiza w’iryo higanwa.

Igihe yahabwa aka gashimwe na George Weah yagatsindiye mu 1995, yagize ati: "Uno musi abagenzi benshi banyandikiye bambwira ko ari intsinzi y’umupira w’amaguru, kubera uhaye iteka abakinyi benshi cane bo hagati bakora ibidasanzwe ariko bikaguma mu gipfungu, uno musi igikorwa cabo kikaba kigiye mu muco”.

"Ndi umuntu nsanzwe mfise indanga gaciro, umuntu yiga, agerageza gukora neza kandi adakunda gukurikira agaharawe, ariko nubwo biri uko nashoboye kuba uwa mbere kandi ni ku bwanyu mwese”.

Abajijwe ku mvune yiwe izotuma atazosubira mu kibuga muri uno mwaka wose w’inkino, yishuye ati: "Ndiko ngerageza kwitwararika amagara yanje. Kuruhuka, kunezerwa ndi kumwe n’umuryango wanje, kandi ndizeye ko nzogaruka nkomeye”.

Mu bandi baronse ubushimwe harimwo umukinyi wo ku ruhande wa Barcelona na Espagne, Lamine Yamal w’imyaka 17 ubu, yahawe agashimwe kitiriwe Kopa Trophy gahabwa umukinyi wa mbere mwiza w’abatarenza imyaka 21.