Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Real Madrid irashaka Alexander-Arnold wa Liverpool - ni mu yavugwa kuri uno wa gatatu
Real Madrid iripfuza umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza ku ruhande rw'i buryo Trent Alexander-Arnold, mu gihe amasezerano afitaniye n'umurwi wiwe wa Liverpool asigaje ikiringo c'umwaka umwe.(Talksport)
Manchester United nta cizere c'uko ishobora kuronka uwahoze ari umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Gareth Southgate mu gihe yoramuka isezereye Erik ten Hag. Ahubwo, Thomas Tuchel yahoze amenyereza Chelsea yiteze kuba ari we aronderwa. (Mail)
Aston Villa isaba umurwi Al-Ittihad imiriyoni 60 z'amapawundi mu gihe vyoba ngombwa ko igurisha umusatirizi w'Umufaransa Moussa Diaby w'imyaka 25 kuri uno murwi wo mw'ihiganwa rya Arabia Sawudite, Saudi Pro League. (Talksport)
Manchester United iri mu biganiro n'abaserukizi b'umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa Leny Yoro inyuma y'aho Lille yemereye imiriyoni 52 kuri uno mukinyi w'imyaka 18, mu gihe amasezerano afitaniye nayo asigaje ikiringo c'umwaka umwe, kandi na Real Madrid ikaba imuraba ryiza.(Guardian)
Marseille yemeye ko ishobora kugura umusatirizi wa Manchester United umwongereza Mason Greenwood w'imyaka 22 ku giciro c'imiriyoni 26.7 z'amapawundi. (The Athletic )
Umusatirizi w'Ububirigi Romelu Lukaku w'imyaka 31yabwiye Napoli ko yiteguye kwimukira muri uno murwi avuye muri Chelsea mu gihe umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w'imyaka 25 yosezera muri iri ci. (Fabrizio Romano)
Cole Palmer ariko agerageza kwumvisha mugenziwe wo mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza akinira Aston Villa umusatirizi Ollie Watkins w'imyaka 28, ko yokwimukira muri Chelsea muri rino ci. (Football Insider)
Aston Villa iriko iritegura guhangana na Chelsea hamwe na Barcelona mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Athletic Bilbao Nico Williams w'imyaka 22, aherutse gukorera ibidasanzwe Espagne mu gikombe ca Bulaya c'uno mwaka wa 2024 (Euro 2024). (Teamtalk)
Chelsea yashitse ku masezerano na Boca Juniors yo kugura umukinyi w'inyuma wa Argentine Aaron Anselmino w'imyaka 19 ku miriyoni 17 z'amapawundi hongeyeko n'utundi turusho. (Football Insider)
Al-Nassr yahagaritse ibiganiro vyo kurondera umunyegori wa Manchester City Ederson w'imyaka 30, inyuma y'aho uno murwi wo mu Bwongereza wankiye imiriyoni 30 yari yemeye gutanga, ubu ikaba iriko igerageza kurondera mugenziwe wa Brezili Bento w'imyaka 25 akinira Athletico Paranaense.(Fabrizio Romano)
Arsenal yiteze iyindi mirwi iza kurondera Umwongereza akina hagati Emile Smith Rowe w'imyaka 23 inyuma yo kwanka amahera atangwa na Fulham, Crystal Palace na yo nyene ikaba imwipfuza. (Evening Standard)
Leicester City yemeye ko ishobora gutanga imiriyoni 21 z'amapawundi hakajako n'uturusho tw'imiriyoni zine z'amapawundi ku mukinyi wo hagati wa Argentina Matias Soule w'imyaka 21, ariko aya mafaranga ntakwiye kuri Juventus, imuronderako nibura imiriyoni 25 z'amapawundi . (Gazzetta dello Sport - mu gitaliyano)