Indonesia: Abarenga 170 baraye bapfuye mu kajagari kadutse mu mupira w’amaguru
Abantu n’imuburiburi 174 nibo bamaze kumenyekana ko bapfiriye mu musunikano wadutse igihe hariko haba urukino rw’umupira w’amaguru, rimwe mu masanganya mabi cane kw’isi amaze kubera mu kibuga.
Ababa 180 barakomerekeye muri uwo musunikano inyuma y’aho umurwi Arema FC utsindiwe muhira 2-3 n’umurwi w’abakeba ruhebwa wa Persebaya Surabaya muri ico kibuga cari carengeje abantu mu karere ka Malanga, intara ya East Java.
Ibi vyabaye igihe abapolisi batera ivyuka bikoroza amosozi abafana bari binjiye mu kibuga ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu.
Umwe mu mabibonye, yitwa Dwi, yabwiye ikinyamakuru Kompas co muri Indonesia gikorera ku rubugua ngurukanabumenyi ko yabonye “abantu benshi bahonyanzwe” bariko bagerageza guhunga.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Umushikiranganji ajejwe umutekano muri ico gihugu avuga ko ico kibuga, ku bantu bangana na 38.000 categerezwa kwakira carengejeko 4000.
Perezida Joko Widodo yategetse ko inkino zose zitegekanijwe mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Indonesia zihagarara gushika amatohoza arangiye.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, rivuga ko “ata vyuka” bikwiye kwinjizwa canke gukoreshwa n’abazamu canke abapolisi mu gihe c’inkino.
'Haciye haduka akajagari' - igipolisi
Amavidewo yerekana abafana biruka mu kibuga ifirimbi ya nyuma ivugijwe, ari naho igipolisi caca gisukira ivyuka bikoroza amosozi.
Nico Afinta arongoye igipolisi muri East Java avuga ati: "Haciye haduka akajagari. Batanguye gutera abapolisi, bamenagura amamodoka”. Yongerako y’uko aba polisi babiri bari mu bapfuye.
Ati: "Twashaka kumenyesha ko…atari bose bateye akajagari. Ni abababa 3000 gusa binjiye hagati mu kibuga”.
Yongerako y’uko mu guhunga, abafana "biteye ku muryango umwe gusa w’isohokero. Abantu babaye umurengera, rero mu musunikano bamwe babuze impemu”.
Amavidewo yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana abafana burira ku mpome z’uruzitiro mu guhunga, ayandi mavidewo yerekana abantu bapfuye barambaraye hasi.

Ahavuye isanamu, EPA
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Indonesia (PSSI) rivuga ko ryatanguje amatohoza, rikongerako y’uko iri sanganya “ryacafuje ishusho y’umupira w’amaguru muri Indonsenia”.
Imigumuko mu gihe c’inkino z’umupira w’amaguru si ikintu gishasha muri Indonesia, kandi Arema FC na Persebaya Surabaya ni abakeba kuva kera.
Abafana ba Persebaya Surabaya barabujijwe kugura amatike muri uru rukino ku bwoba bw’uko bari guteza akajagari.
Ariko umushikiranganji w’umutekano Mahfud MD yanditse kuri Instagram ko amatike 42.000 y’urwo rukino yagurishirijwe ku kibuga ca Kanjuruhan.
Perezida Widodo yasavye ko iri riba “isanganya rya nyuma mu mupira w’amaguru mu gihugu” inyuma yo gutegeka ko inkino zose zo mu cicaro ca mbere zibangira mu kurindira amatohoza.
Mu bahamererewe nabi 'harimwo n'abana benshi' - uwabibonye

Ahavuye isanamu, BBC Indonesian
Muhamad Dipo Maulana w’imyaka 21, yari yagiye kurorera urwo rukino, nawe avuga ko yabonye ingene vyose vyatanguye n'ingene vyabandanije.
Yabwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’iki-indoneziya ko inyuma y’uru rukino, abafana bababa batandatu ba Arema binjiye mu kibuga baja aho abakinyi bayo bari kugira ngo berekane akababaro kabo. Ubwo nyene igipolisi caciye kibahagarika, kirabakubita gushika aho bagwa hasi.
Niho abandi bafana baca binjira mu kibuga biyamiriza ingene aba bapolisi bakubise aba bafana bagenzi babo, gushika aho ibintu biba “urudubi”, nk’uko uyu yavyiboneye abivuga.
Dipo avuga kandi ati: "Abapolisi bafise imbwa n'inkinzo, hamwe n'abasirikare baciye ba banguka".
Dipo avuga ko yabonye abantu bataye umutwe, buzuye ubwoba vyanka n’uko bahema mu gihe bariko bagerageza kuva mu kibuga.
Avuga kandi ko hari n’abana benshi hamwe n’abatama ibi vyuka vyagizeko ingaruka mbi.
Rimwe mu masanganya mabi cane mu mupira w'amaguru
Aka kajagari niko gaheruka mu rukurikirane runini rw’amasanganya mabi amaze kubera mu bibuga.
Mu 1964 abantu bashika 320 barapfuye abandi nabo barenga 1000 barakomereka mu kajagari kadutse mu rukino rwo kurondera itike yo mu nkino za Olempike hagati ya Peru na Argentina rwabereye i Lima, umugwa mukuru wa Peru.
Mu 1985, abantu 39 barapfuye abandi nabo 600 barakomereka ku kibuga ca Heysel i Buruseri (Bruxelles/Brussels ) mu Bubirigi, igihe abafana basunikiwe ku rukuta rugaca rubomoka, hari mmu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Bulaya hagati ya Liverpool yo mu Bwongereza na Juventus yo mu Butaliyano.
Mu Bwongereza, harabaye uguhonyorana ku kibuga ca Hillsborough mu karere ka Sheffield, bituma abafana 97 ba Liverpool bari bagiye kurorera urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma rw’igikombe ca FA (FA Cup) rwayihuza na Nottingham Forest bahasiga ubuzima.











