Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ghana FA: "Musengere Atsu" yaheze mu bihomoka nyuma ya nyamugigima muri Turkiya
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Ghana ryasavye abafana “gusengera” uwahoze ari umusatirizi wa Chelsea na Newcastle, Christian Atsu, bivugwa yuko yaheze mu bihomoka vy’inzu nyuma ya nyamugigima ikomeye cane muri Turkiya.
Atsu w’imyaka 31 hamwe n’umuyobozi ajejwe inkino mw’ikipe yiwe Hatayspor, Taner Savut, baheze munsi y’ibihomoka nyuma ya nyamugigigma, nk’uko bitangazwa n’umunyamakuru akomeye w’inkino muri Turkiya, Yagiz Sabuncuoglu.
Hatayspor niyo kipe ikomeye i Hatay, umwe mu miji yakozweko na nyamugigima w’ubukomezi bwa 7,5, imaze guhitana abantu barenga 2.000 muri Turkiya na Syria.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Ghana ryashize ubutumwa kuri twitter bugira buti “Turasengera Umukinyi Mpuzamakungu wa Ghana Atsu hamwe n’abandi babangamiwe na nyamugigima muri Turkiya na Syria”.
Ubwo butumwa bwabandanije bugira buti “tubandanya n’utwigoro two kugerageza kuvugana n’abajejwe ikipe ya Hatayspor hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Turkiya, mu gihe ibintu bitoroshe”.
Atsu, amaze gukinira Ghana inshuro 65, yamaze igihe kinini c’ugukina kwiwe mu Bwongereza aho yatanguriye mw’ikipe ya Chelsea muri Nyakanga (9) 2013.
Uyu mukinyi wo mu mpande yaratijwe amakipe menshi arimwo Everton, Bournemouth na Newcastle United, iyi akaba yaciye ayisinyira bwegu mu 2017.