Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyamugigima rutura muri Turukiya imaze guhitana abarenga 2000
Nyamugigima ikomeye cane yumvikanye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turukiya, hafi y’urubibe rwa Syria, aho abantu baharurwa mu majana bahasize ubuzima abandi batari bake barakomereka.
Mu gihe ibitigiri vy’abaguye muri nyamugigima yakubise Turukiya biguma biduga, icegera c’umukuru w’igihugu wa Turukiya Fuat Oktay mu ntango yatangaje ko abamaze kumenyekana ko bapfuye bagera ku 284, nayo abandi 2323 barakomereka.
Ikigo ca Amerika Geological Survey kivuga ko iyo nyamugigima ipima uburemere bwa 7.8 yumvikanye kw’isaha icumi n’iminota 17 mu masaha yo muri Turukiya, ni ukuvuga isaha icenda n’iminota 17 mu masaha ya Bujumbura na Kigali, hafi y’igisagara ca Gaziantep.
Amazu menshi yasenyaguritse, abajejwe ubutabazi bakaba barungitsweyo kurondera aboba bagihema bakizibiriwe mu bihomoka.
Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe intwaro yo hagati Suleymon Soylu avuga ko ibisagara cumi ari vyo vyakozweko: Gaziantep, Kahramanmaras, Hatay, Osmaniye, Adiyaman, Malatya, Sanliurfa, Adana, Diyarbakir na Kilis.
Abahinga bamwe bavuga ko iyi ari yo nyamugigima ya mbere ikomeye, isa n’iyabaye haraciye imyaka 80.
Stephen Hicks, umuhinga mu bijanye na za nyamugigima kw’ishure kaminuza University College London, avuga ko iyiheruka yari ikomeye cane ari iyabaye muri Kigarama (12) 1939 mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu cahitanye abantu 30.000.
Iyi nyamugigima kandi yageze no muri Syria, aho ibinyamakuru vya reta bivuga ko hari abantu bapfuye mu ntara za Aleppo, Hama na Latakia.
Mu gatondo ko kuri uno wa mbere, Perezida Bashar Assad yakoranije inama yihuta inyuma y’aho ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu rya Syria, Syrian Observatory for Human Rights, ritangarije ko abantu barenga 320 ari bo bahasize ubuzima, abarenga 600 nabo barakomereka.
Hagati aho, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buvuga ko butaramenya igitigiri c’abapfuye mu ntara igenzurwa n’inyeshamba zirwanya ubutegetsi.
Umutingito wumvikanye kandi muri Libani na Chypre/Cyprus.
Mohamad El Chamaa, umunyeshure yiga ku mugwa mukuru wa Libani Beirut, yabwiye BBC ati: "Nariko ndandika ikintu hanyuma ubwo nyene nza numva inzu yose iriko iranyiganyiga kandi rero si natahura ivyo ndiko ndumva”.
"Nari hafi y’idirisha, rero natinya ko ibiyo bishobora kumeneka. Vyabandanije gushika ku minota itanu kandi vyari biteye ubwoba. Vyari biteye ubwoba koko”.
Rushdi Abualouf, umunyamakuru wa BBC mu karere ka Gaza, avuga ko inzu yarimwo yagigimvye mu misegonda hafi 45.
Abahinga mu bijanye na za nyamugigima muri Turukiya bavuga ko iyi nyamugigima yari ifise uburemere bwa 7.4. Bavuga ko uwundi mutingito wumvikanye muri ako karere inyuma y’iminota mikeya.
Turukiya iri mu turere dukunze gukubitwa na nyamugigima kw’isi.
Mu 1999, abantu barenga 17.000 barapfuye inyuma y’aho nyamugigima ikomeye cane yateye uburaruko bushira uburengero bw’ico gihugu.