Vladimir Putin avuga ko abari barongoye imigumuko bashaka “guta Uburusiya mu nyenga y’amaraso”

Putin

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Na James Gregory & Sarah Rainsford, umunyamakuru akorera mu buseruko bwa Bulaya
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yagirije abari barongoye imigumuko y’abarwanyi ba Wagner mu mpera z’indwi iheze ko bashaka “guta Uburusiya mu nyenga y’amaraso”.

Mw’ijambo rigufi ariko ryuzuye imvugo ikarishe, Putin yiyemeje gushengeza “imbere y’amategeko” abateye iyo migumuko.

Ariko avuga ko ingabo zisanzwe za Wagner ari “abantu bakunda igihugu” bashobora kwemererwa kwinjira igisirikare, kuja muri Biélorussie/Belarus canke bagasubira mu gihugu.

Ntiyadomyeko urutoke umukuru wa Wagner Yevgeny Prigozhin yari yahakanye ko ata mugambi yari afise wo gusenyura ubutegetsi bwa Putin.

Wagner ni umurwi wa gisirikare wigenga usanzwe wifatanije n’igisirikare c’Uburusiya mu ntambara yo muri Ukraine.

Iyi migumuko yamaze akanya gato ariko ikaba yatumye abarwanyi ba Wagner bigarurira igisagara gikomeye imbere y’uko batera baduga batera baja ku mugwa mukuru Moscou yari iyo kwihora ku migambi ya reta yo kurondera gufata mu minwe Wagner, nk’uko Prigozhin yabivuze mu butumwa bw’ijwi bw’iminota 11 bwacishijwe ku rubuga rwa Telegram ejo ku wa mbere.

Muri uku kwezi kwa gatandatu, ni ho Uburusiya bwavuze ko “imirwi y’abakutsakivi” bazosabwa kugiriranira amasezerano n’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, ingingo yabonywe n’abatari bake ko izoba ari iyo kwaka ububasha Prigozhin afise kuri Wagner.

Uyu mukuru w’abacangero avuga kandi ko imigumuko yiwe yari iyo kwiyamiriza amakosa akorwa n’abajejwe ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu ntambara yo muri Ukraine.

Ariko yashimangiye ko igihe cose Wagner yamye ikorera inyungu z’Uburusiya.

Aya niyo majambo ya mbere Prigozhin avugiye ku mugaragaro kuva yemeye amasezerano yo guhagarika imigumuko, amasezerano avugwa ko yamuhaye akaryo ko kuja muri Biélorussie kandi agahanagurwako ivyaha yagirizwa – n’aho ibinyamakuru vy’Uburusiya vyegamiye reta bisubiramwo ibivugwa n’abategetsi ko agikorwako amatohoza.

Avuga ko yahagaritse imigumuko kugira ngo “amaraso y’abasirikare b’Uburusiya ntaseseke”, akongerako y’uko bamwe mu basivire b’Abarusiya bababaye cane kubona uru rugendo ruhagarara.

Ariko yagerageje gushimangira ko ata ntumbero yari afise yo kugerageza gukombora abategetsi b’Uburusiya bitorewe n’abanyagihugu.

Ariko ryari ijwi gusa, rero ntibizwi neza aho Prigozhinari ubu n’ico agiye gukora inyuma y’ibi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’ijambo rigufi yashikirije Abarusiya, Putin avuga ko abateguye urugendo rwo kurondera gufata Moscou “bazorengutswa imbere y’ubutungane”, akaba yavuze ko ivyakozwe n’uwari mugenziwe wo kuva kera Prigozhin ari incamugongo ku Burusiya.

Yakoresheje iri jambo mu kugerageza kugarura ubutegetsi bwiwe, no kwemeza abantu benshi ubu bibaza ko inyishu yiwe ku migumuko ya Wagner ata nguvu yari ifise. Ijwi yakoresheje muri iryo jambo ryari iry’uburakari.

Ubutumwa umukuru w’igihugu yashaka gutanga kwari uko abateguye akaguma bahemukiye igihugu n’abanyagihugu - kandi ko bariko barakora igikorwa c’abansi bose b’Uburusiya mu kugerageza gukwegera igihugu mu ndyane zari gusesa amaraso zigacanishamwo n’igihugu.

Yagirije Uburengero ko bushaka ko Abarusiya “bicana hagati yabo”, ariko Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku wa mbere ko Amerika n’incuti zayo ata ruhara bafise muri iyo migumuko ya Wagner yapfuvye.

Prigozhin

Ahavuye isanamu, Reuters

Putin avuga ko ukungene yavyifashemwo mu guhangana n’iki kibazo vyatumye ibara ritagwa. Ariko uko siko abatari bake babibonye kandi biragoye kwibaza ko bazokwishimira ingene vyagenze.

Avuga kandi ko azoguma ku vyo yemereye abanyagihugu ko ingabo za Wagner zitagize uruhara “mu gusesa amaraso ya benewabo” zizokwemererwa kuja muri Biélorussie.

Ati: "Ndashimira barya basirikare n’abakomanda ba Wagner bafashe ingingo nziza – ntibashimye gusesa amaraso ya benewabo, bagarukiye ku murongo wa nyuma.

"Uno musi murafise akaryo ko kubandanya mukorera Uburusiya mu gutera igikumu ku masezerano n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi canke n’izindi nzego za gisirikare n’iz’umutekano, canke mugasubira mu miryango yanyu n’incuti zanyu.

"Abashaka barashobora kwigira muri Biélorussie. Ivyo nemeye bizoja mu ngiro”.

Putin yavuze ko "ingingo zafashwe kugira ngo amaraso menshi ntaseseke" kuva imigumuko igitangura, kandi ko abayiteguye “babonye ko ibikorwa vyabo vyari ivyaha”.

Arashimagiza ubumwe bw’abanyagihugu b’Uburusiya akanakengurukira umukuru w’igihugu ca Biélorussie Alexander Lukashenko – uyu akaba avugwa ko ari we yahagarariye amasezerano yo guhagarika imigumuko - ku twigoro yagize two kurangiza ikibazo mu mahoro.

Ibivugwa na Putin ko igihugu cose kiri inyuma yiwe biratandukanye cane n’amashusho y’ivyariko biraba mu gisagara ca Rostov ku wa gatandatu, aho Wagner yacigaruriye, abanyagihugu nabo basanzwe bakibamwo bagakomera amashi abarwanyi mu mabarabara, babagwa mu nda bongera bifotozanya nabo.

Kumbure iki ni co catumye Putin aha abarwanyi ba Wagner akaryo ko gusohoka, avuga ko bahenzwe kandi bakoreshejwe.

Imigumuko yo mu ndwi iheze yaje inyuma y’amezi atari make yari aheze hari icuka kibi hagati ya Wagner n’ubutegetsi bw’igisirikare c’Uburusiya.

Prigozhin avuga ko urugendo rwiwe rwo “kurondera ubutungane” rwerekanye "ingorane zikomeye ku bijanye n’umutekano mu gihugu cose”.

Yagarutse kandi ku ruhara rwa Lukashenko mu gushika ku masezerano yo guhagarika aka kaguma, akavuga ko uyo mutegetsi yahaye akaryo Wagner ko kubandanya ibikorwa vyayo “mu nzira ijanye n’amategeko”.

Umukuru w’uyu murwi w’abacangero aremera ko urugendo rwiwe rwatumye haba ingabo z’Uburusiya zihasiga ubuzima igihe abacangero ba Wagner bakorora za kajugujugu zari zibateye.

Ariko yongerako y’uko ata “musirikare n’umwe yiciwe ku butaka”.

Ati: "Turababajwe n’uko vyabaye ngombwa ko turasa irya ndege, ariko bariko baradutera amabombe n’amamisire”.