Russia mu ma videwo: Raba ingene abarwanyi ba Wagner bava muri Rostov
Ino videwo izunguruka ku mbuga hwaniro ivugwa ko yerekana ingene abarwanyi ba Wagner bava mu gisagara ca Rostov-on-Don.
Umukuru w'uno muhari w'abacangero ni we yabategetse gusubira inyuma mu gihe bariko batera baja ku mugwa mukuru Moscou.
Mu gihe abarwanyi ba Wagner bava ku cicaro c'igisirikare c'Uburusiya mu gisagara ca Rostov-on-Don, abanyagihugu bari bashwabadutse mu kwerekana ingene babashigikiye.
Amashusho yerekana abanyagihugu bakoma amashi, batera impundu bongera basezera abo barwanyi, bamwe muri bo barasa amasasu mu kirere bariko baragenda.
Umukuru wa Wagner yabonetse ava mu gisagara ca Rostov-on-Don abarwanyi biwe bari bigaruriye mu gitondo c'ejo ku wa gatandatu.
Yevgeny Prigozhin yavuye ku cicaro c'igisirikare c'Uburusiya muri ico gisagara.
Progozhin yateye aja muri Biélorussie/Belarus kandi ivyaha vyose yagirizwa hamwe n'ivy'abarwanyi biwe bizohanagurwa "kugira ngo ntihagire amaraso aseseka".

Ahavuye isanamu, ARKADY BUDNITSKY/EPA-EFE/REX/Shutterstock



