Mu mafoto: Amatora yo muri DR Congo

Muri komine Lingwala
    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango, Kinshasa

Ayo matora rusangi yo kuri uyu wa 20 ukwezi kwa Kigarama 2023 yaranzwe no gutangura atevye kubera ingorane zijanye n'ibikoresho.

Umukozi wa Ceni ariko aramanika intonde z'abatora
Insiguro y'isanamu, Henshi mu bibanza vy'amatora, mu gitondo umugwi ujejwe amatora CENI ntiwari bwaheze kumanika intonde z'abatora kandi ari zo barabirako abanditswe na cane cane nko ku batigira amakarata y'itora kuko yafuditse canke yatakaye.
Athenee de la Gombe
Insiguro y'isanamu, Ku biro bikuru vya Athenee de la Gombe ahazokwegeranirizwa amajwi yo mu gisagara ca Kinshasa, amatora yatanguye atevye. Niho hatoreye Martin Yayulu na Denis Mukwege, bamwe mu bakomeye mu bahiganwa na perezida Tshisekedi. Na wenyene ubwa mbere vyari vyavuzwe ko ari ho aza gutorera...
Felix Tshisekedi ariko aratora kuri Saint Georges i Kintambo ku wa 20/12/2023
Insiguro y'isanamu, ...ariko yahavuye aja gutorera kuri Saint Georges muri komine Kintambo aho ibiro vyuguruwe inyuma y'isaha 10 z'umuhingamo mu gihe amatora yari ategekanijwe gutangura isaha 12 zo mu gitondo agahera isaha 11 z'umugoroba.
Kanyaruchinya

Ahavuye isanamu, Innocent Buchu

Insiguro y'isanamu, Ku biro vya Kanyaruchinya muri Kivu ya ruguru (ku birometero 10 vya Goma) ibikenewe mu gutora vyahashitse isaha zitatu zo mu gitondo ariko gutora vyatanguye sasita z'umutaga mu gihe benshi batibona ku ntonde z'abatora.
Bunia

Ahavuye isanamu, Charlie Omba

Insiguro y'isanamu, Ku biro vy'amatora biri kuri Institut Supérieur Pédagogique, ISP Bunia, umugwi w'abantu bateshejwe izabo basanzaje ibikoresho vy'amatora kw'ishavu ry'uko nabo batashoboye kuja mu bigwati iyo bavuka mu karere ka Djugu ngo bashobore gutora.
Lubumbashi umugwa mukuru w'intara ya Katanga niho Moise Katumbi yigeze kuyirwara yatoreye ku wa 20/12/2023

Ahavuye isanamu, Byobe Malenga

Insiguro y'isanamu, Lubumbashi muri Katanga aho Moise Katumbi yatoreye hari mu habonetse imirongo miremire y'abaje gutora kandi baje hakiri kare
SYMOCEL
Insiguro y'isanamu, Ku bw'urunani rw'amashirahamwe y'abanyagihugu yiyemeje gukurikirana amatora SYMOCEL (Synergie des Missions d'Observation Citoyenne des Elections), 60% y'ibiro vy'amatora vyuguruye bicerewe, 34,15% vyugurura ku gihe.
Patricia Nseya

Ahavuye isanamu, CENI

Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w'umugwi CENI, Patricia Nseya, yemeye ko hari ibiro vyacerewe mu kwugurura amenyesha ko ibiro vyose bija gukora amasaha 11 uhereye igihe vyugururiye nk'uko bitegekanywa n'amategeko.