Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ububiligi: Igipolisi cemeza iyicwa ry'umurundikazi Rose Ndayishimiye yatowe ikiziga ku mugenzi
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru, Bruxelles
Rose Ndayishimiye, umurundikazi w'imyaka 48, yarishwe ku musi wa kabiri wa rino yinga mu gisagara ca Charleroi mu Bubirigi mu buryo bukigoye gutegera.
Amakuru adushikira avuye mu gipolisi c’Ububiligi avuga ko Rose yiciwe ku muhana w’umugenzi wiwe w’umurundi mu gihe yari ahaciye gufasha umukenyezi wo muri urwo rugo udukorwa two muhira, kuko yaheruka kwibaruka.
Rose yatowe ari ikiziga kuwa kabiri italiki 12 n’igipolisi munsi y’uburiri bw’umwana mu rugo kwa Ndayishimiye Bienvenue na Florence Kanyamuneza, ruri mu gisagara ca Charleroi, ni mu ntara ya Hainaut, ku birometero 59 uvuye ku murwa mukuru w’Ububiligi i Buruseli.
Nk’uko abegereye umuryango wabuze bavuganye na BBC Gahuzamiryango bavyemeje, uwo mupfasoni Rose Ndayishimiye yari asanzwe abanye neza n’abandi naho ata myaka myinshi yaramaze mu Bubiligi, kuko yaheruka gushika n’umuryango aje gusanga umugabo wiwe afise uburenganzira bwo kuba mu Bubiligi nk’impunzi.
Bemeza ko Rose Ndayishimiye yakunda kugendera imiryango y’abarundi batuye muri ako gace ari navyo vyatumye uwo munsi w’italiki 12 aja kuramutsa umugenzi wiwe, ariko biba ngombwa ko abanza guca gufasha uwundi udukorwa two mu nzu, aho yatowe ikiziga, naburya abo yaraje gufasha bari bafise uruyoya.
Uwo mugore wo muri urwo rugo yaheruka kwibaruka, nawe nyene yaheruka gushika mu Bubiligi avuye mu Burundi.
Rose ariko ntiyahavuye abandanya iyo yari agiye, na telephone yiwe yarahamagara ntihagire uwitaba.
Umwe mubabanyi biwe yagize ati: “Roza yari umuntu akundana. Yarafise umugenzi aja kuramutsa basangire icayi, ariko aca abona yoca kwaramira uwo mupfasoni afise uruyoya rutarenza amezi atatu, kuko abagabo babo bari abagenzi kandi ariho agishika ava mu Burundi.
“Ariko uwo bavuganye ko basangira yaramurindiriye arabura na telephone yiwe ntiyitaba kandi kare bariko barandikiranira.
“[…] amakenga naho yatanguriye. N'ukuri ubu bunyamaswa ntitubuzi […] ni bishasha ku barundi baba mu Bubiligi”.
Kurondera kw'igipolisi...
Hageze amasaha y’umugoroba umugabo wiwe yaramuhize aramubura, abajije nyene urwo rugo ko ata mugore yamuboneye arabihakana, niko kwitura igipolisi, ico naco gica kija mu vyambu.
Hafi ya saa kumi zo mu buca niho abapolisi baja muri urwo rugo gusaka baca batora ikiziga ca Rose Ndayishimiye munsi y’uburiri bw’umwana. Bivugwa ko yoba yakubiswe ikintu mu mutwe imbere yuko anigwa.
Igipolisi caciye gihagarika umugore wo muri urwo rugo Florence Kanyamuneza ku mvo z’amatohoza nayo umugabo wiwe akaba acidegemvya.
Umwe mu bakuru b’igipolisi ca Charleroi yabwiye BBC Gahuzamiryango ko uwo mupfasoni ari mu minwe y’inyamiramabi kandi ariko arasuzumwa amagara yo mu mutwe.
Yavuze ko vyinshi bizomenyeshwa n’ubutungane igihe amatohoza azoba yarangiye, harimwo na rapporo y’abaganga karuhariwe mu gusuzuma icishe umuntu (Autopsie) irindiriwe mu minsi ya vuba.
Rose Ndayishimiye akaba apfuye ata gihe gishika umwaka kihaciye ashitse mu Bubiligi aho yari yaje asanga umugabo wiwe ahaba nk'impunzi, akaba yahoze ari umukozi w'ishirahamwe ritegekaniriza kazoza abakozi mu Burundi (INSS).
Abarundi baba muri ako gace bavuga ko batangajwe n’ubwo bwicanyi naburya iyo miryango yari isanzwe igenderanira.