Sénégal: Sentare yafuse itegeko ry'umukuru w'igihugu ryunguruza amatora

Sénégal imaze imisi izingamitswe n’imyiyerekano ikomeye inyuma y'itegeko bwirizwa ry'umukuru w'igihugu ryunguruza amatora yari ategekanijwe mu mpera z'uku kwa kabiri

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Sénégal imaze imisi izingamitswe n’imyiyerekano ikomeye inyuma y'itegeko bwirizwa ry'umukuru w'igihugu ryunguruza amatora yari ategekanijwe mu mpera z'uku kwa kabiri
    • Umwanditsi, Na James Gregory
    • Igikorwa, BBC News

Ingingo yo kwunguruza amatora ategekanijwe muri uku kwezi muri Sénégal iteye kubiri n’ibwirizwashingiro, nk’uko vyemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwashingiro muri iki gihugu.

Iyi sentare yafuse itegeko bwirizwa rya Perezida Macky Sall hamwe n’integuro y’itegeko iherutse kwemezwa n’inama nshingamateka ryo kwungururiza ano matora muri Kigarama (12).

Iki gihugu co muri Afrika y’Uburengero cahora gifatwa nk’akarorero ka demokarasi kimaze imisi kizingamitswe n’imyiyerekano ikomeye.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ibi ari “ugutembagaza inzego z’igihugu”.

Sall yari yatangaje ko yari yunguruje ano matora kubera ivyo yavuga ko ari impungenge ku burenganzira bw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwo kwitoza.

Iyi nteguro yiwe yari yemejwe n’abashingamateka 105 kuri 165 bagize inama nshingamateka. Mu ntango, yari yasavye ko amatora yokwigizwa inyuma ikiringo c’amezi atandatu, ariko impinduka zo ku munota wa nyuma zatumye iki kiringo congerezwa gushika ku mezi cumi, ni ukuvuga ku wa 15 Kigarama.

Perezida Sall yashimangira ko ata mugambi yari afise wo gusubira kwitoza. Ariko abamunegura bamwagiriza ko ari amayeri yo kugerageza kuguma ku butegetsi canke kurondera kwifatira uwari we wese azomusubirira.

Iyi ngingo ya sentare yo ku mugoroba w’ejo ku wa kane nta nkeka ko izoha inguvu abanyaporitike biyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu hamwe n’abashingamateka bo ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari bitwaye kenshi mu ntumbero yo kurwanya iyi nteguro.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Khalifa Sall asanzwe ari kw’isonga ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kandi yahoze ari umukuru w’igisagara ca Dakar (umugwa mukuru wa Sénégal), ariko akaba ataco apfana n’umukuru w’igihugu, yari yavuze ko kwunguruza ano matora ari “coup d’Etat ikorewe inzego zubakiwe kw’ibwirizwashingiro”. Ni mu gihe Thierno Alassane Sall, uwundi yiyamamariza iki kibanza, na we nyene ataco apfana n’umukuru w’igihugu, abona ko iyi nteguro ari “uguhemukira igihugu”.

Sentare ivuga ko bidashoboka ko amatora aba ku gihe cari gitegekanijwe co ku wa 25 Ruhuhuma (2) – ni ukuvuga mu misi idashika cumi, ariko isaba abategetsi kuyategura “vuba bishoboka”.

Abenshi mu basanzwe biyamamariza iki kibanza bari barahagaritse imyiyamamazo kuva Perezida Sall asohoye itegeko bwirizwa ryiwe ryo ku wa 3 Ruhuhuma, hasigaye amasaha make ngo imyiyamamazo itangure.

Iyi ngingo ya sentare isohokeye rimwe n’irekurwa ry’abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike batari bake bari bapfunzwe, icemezo bamwe babona ko ari ico guhumuriza igihugu.

Kuva kera, Sénégal yaboneka nk’igihugu kimwe mu bihugu birangwa n’intwaro rusangi ikomeye mu karere. Ni co gihugu conyene co muri Afrika y’uburengero kitarigera kivugwamwo itembagazwa ry’ubutegetsi rikozwe n’igisirikare. Kimaze guhanahana ubutegetsi mu mahoro incuro zitatu kandi gushika mu ntango z’uku kwezi nticari bwigere cunguruza amatora y’umukuru w’igihugu.

Perezida Sall ari ku butegetsi kuva mu 2012, ikiringo ciwe kigira kabiri kikaba gitegekanijwe kurangira mu mpera za Ndamukiza (4).