Africa: Aho abantu biyahura cane kurusha ahandi kw’isi

Ahavuye isanamu, Illustration
Ishami rya ONU riraba amagara y’abantu kw’isi OMS/WHO rivuga ko Afrika ifise urugero rwa mbere runini rw’abantu bicwa no kwiyahura kw’isi.
Mw’itangazo, OMS yavuze ko Africa irimwo ibihugu bitandatu kuri 10 biza kw’isonga ry’aho abantu biyahura cane kw’isi.
Umugabane wa Afrika bivugwa ko ufise umuganga umwe w’indwara zo mu mutwe ku bantu 500.000 – incuro 100 munsi y’urugero rusabwa na OMS.
Hafi abantu 11 ku bantu 100.000 barapfa biyahuye buri mwaka muri Afrika, urugero ruri hejuru y’urw’isi aho bigereranywa ko abantu icenda ku 100.000 ari bo bapfa biyahuye buri mwaka, nk’uko OMS ivuga.
Indwara zo mu mutwe zifise uruhara rungana na 11% mu bishobora gutuma umuntu kwiyahura, ku bw’iryo shami.
OMS ivuga ko n’abaganga b’indwara zo mu mutwe bake bahari ubasanga mu bisagara.
Uwumuyobozi wa OMS muri Afrika Matshidiso Moeti, avuga ko kwiyahura ari ikibazo gikomeye c’amagara y’abantu n’ubwo ari gake usanga cahawe ikibanza c’imbere mu migambi y’amagara y’abantu.
Iryo shami ubu ryataguje isekeza ryo ku mbuga hwaniro ryo gukinga kwiyahura muri Afrika kugira abantu bakangurirwe kumenya ico kibazo no kucirinda.
Iryo sekeza ryo kumbuga hwaniro ryatangujwe mu mwiteguro wo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara yo mu mutwe, uba buri tariki ya 10 Gitugutu (10).










