Uwashaka gutegeka Kenya yagirijwe kugerageza kwiyahura

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwashaka kuba umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri Kenya yagirijwe gushaka kwiyahura no kwonona ibiro vy'umugwi ujejwe amatora i Nairobi.
Bivugwa ko Peter Solomon Gichira yoba yaramenye idirisha anagerageza kwikorora hasi ari kw'igorofa rya gatandatu, amaze kubwirwa ko ubukandida bwiwe budashobora kwemerwa, ariko vyose arabikana.
Uwujejwe kwiyamamaza kwa bwana Gichira yavuze ko ahorwa kuba yaranenze amategeko y'umugwi ujejwe amatora ku bijanye n'abitoza ku giti cabo.
Abandi bakandida batatu mu matora yitezwe mu kwezi kw'umunani nabo bankiwe kwitoza.
Kwiyamamariza ayo matora vyatanguye icese uno munsi.






