Uwahinguye imashini yo kwiyahura ategekanya kuyerekana icese muri Suisse

Ahavuye isanamu, Sarco
Kompanyi yakoze imashini 3D pod ishobora gufasha abantu uburyo bwo kwiyahura ivuga ko yizeye ko ishobora gukoreshwa muri Swisse mu mwaka uza.
Sarco yarabajije umuhinga muvyo amategeko muri Swisse, yasanze iyo mashini itarenga ku mategeko y'ico gihugu.
Ariko abandi banyamategeko bafise amakenga kuri ivyo yashitseko.
Ishirahamwe ryishinze gufasha abiyahura Dignitas rivuga ko iyo mashini ishobora "kutizerwa cane".
Gufasha mu kwiyahura, aho umuntu ahabwa uburyo bwo kurangiza ubuzima bwiwe, birarekuwe n'amategeko muri Swisse. Abantu bashika 1.300 barapfuye muri ubwo buryo mu 2020.
Yaba uwufashwa mu kwiyahura canke mu gupfa kuko ageze kure, aho umuganga arangiza ubuzima bw'umuntu yipfuza gupfa, nta na kimwe cemewe mu Bwonereza.
Impari
Uburyo ubu bokoreshwa muri Swisse n'uguha umuntu ibintu bitandukanye bimeze nk'amazi, mu gihe abinyoye, bishobora kumutwara ubuzima.
Bitandukanye n'imashini Pod - ushobora gutereka ahari ho ose - ukayuzuzamwo azote igabanya urugero rw'impemu vyihuta.
Ivyo bishobora gutuma umuntu yugaraniyemwo atakaza ubwenge agaca apfa mu minota nka cumi.
Iyo mashini Pod yo kwiyahura yakirizwa imbere, ikaba inafise aho ufyonda kugira usohoke ikitaraganya.
Daniel Huerlimann, umuhinga muvyo amategeko akaba n'umwigisha kuri kaminuza ya St Gallen, yarasabwe na Sarco kwihweza nimba ikoreshwa rya Pod ritoba riciye iruhande y'amategeko ya Swisse.
Yabwiye BBC ko yasanze iyo Pod "ata kintu na kimwe co kwa muganga ifise", ko rero itarabwa n'itegeko ry'Ubuswisse ryitwa Therapeutic Products Act.
Yibaza kandi ko bitazobangamira amategeko agenga ikoreshwa rya azote, ibigwanisho canke ikoreshwa neza ry'ibintu.
Avuga ko "Ibi bisigura ko Pod itarabwa n'amategeko ya Swisse."
Ariko Kerstin Noelle Vkinger, umuganga, umushingwamanza akaba n'umwigisha wa kaminuza i Zurich, yabwiye ikinyamakuru co muri Swisse Neue Zurcher Zeitung ati:"Ibintu bijanye n'ubuvuzi biragenzurwa kuko bitegerezwa gukoreshwa mu nzira nziza gusumba ibindi bintu. Kubera ko ibintu bitajanye n'ivyo amagara y'abantu, ntibisigura ko bitarabwa n'ayandi mategeko ajanye n'igenzurwa ko bikoreshwa neza."
Dignitas yabwiye BBC ati:"Kuva mu myaka 35, biciye mu mashirahamwe abiri Swiss Exit no kuva mu myaka 23 mw'ishirahamwe Dignitas, Swisse ifise amakompanyi karuhariwe mu kwiyahura n'abakozi babizi neza, bakorana n'abandi bahinga.
"Mu gukurikiza imigenzo ihasanzwe, igenzuwe neza kandi y'ubunyamwuga, ntitwibaza ko ikinini gihinguwe ku buhinga ku muntu yipfuza kwiyica kizokwishimirwa cane canke kizohurumbirwa muri Swisse."
Dr Rupfu
Mu gihe iyo mashini yokwemererwa gukoreshwa muri Swisse, iyo Pod ntizoshobora kugurishwa mu nzira zisanzwe.
Ahubwo, uwahinguye iyo mashini, Dr Philip Nitschke, avuga ko ategekanya kwerekana uko ikorwa ku buryo umuntu wese ashobora kuyikura kuri internet. Ibi bizokorwa ku buntu.
Intumbero yiwe ni "Gukura ukwicwa hakoreshejwe ubuvuzi". Uko ni ko yavuze mu kiganiro cashizwe ku rubuga rwa Exit International, ishirahamwe ryo gufasha abipfuza gupfa ku gushaka yashinze.
"Dushaka gukura ikintu cose kijanye n'ipimwa ry'ubugwayi bwo mu mutwe muri iki gikorwa hanyuma tureke abantu bakontorore bonyene uburyo bakoresha."
Yahoze aharanira uburenganzira bwo kwiyahura, ivyatumye atazirwa izina "Dr Death".
Ubu hari ubwoko bubiri bwa Sarco pod, mu gihe iyindi ya gatatu iriko irakorerwa muri Hollande.
Dr Nitschke yaranebaguwe cane kubera iyo pod, aho bamwe bavuga ko uko yakozwe ikwegakwega abashaka kwiyahura










