'Nta n'umwe nizera' -Ingene Kipchoge yababajwe n'abamutyoza ku mbuga hwaniro

    • Umwanditsi, Celestine Karoney
    • Igikorwa, BBC Sport Africa in Eldoret

Eliud Kipchoge, amaze guca umuhigo wa Olympics incuro zibiri, avuga ko yagize ubwoba bw'ubuzima bwiwe n'ubwo umuryango wiwe igihe haba isekeza ryo ku mbuga hwaniro ryo kumuvuga ko ibintu bibi bimubeshera ko yagize uruhara mu rupfu rwa mugenziwe w'umunya-Kenya yiruka marathon (42km) Kelvin Kiptum.

Kiptum, yari asanzwe afise umuhigo w'isi akaba yaboneka nk'uwushobora guhiga Kipchoge kuri 42km, yapfuye ku myaka 24 mw'isanganya ry'imodoka muri Ruhuhuma (ukwezi kwa kabiri).

Bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro batanguye gushikuza ko Kipchoge yari mu mugambi wo kwica Kiptum, yari yamanuye umwanya wa mbere w'isi ku masaha abiri n'amasekunda 35 mu kwezi kw'icumi i Chicago.

''Narababaye kubona abantu ku mbuga hwaniro bariko baravuga ngo ''Eliud arafise uruhara mu rupfu rw'uwu muhungu', '' nk'uko uwo munonotsi w'imyaka 39 yabwiye BBC Sport Afrika.

''Iyo ni yo yabaye inkuru ya mbere mbi mu buzima bwanje.

''Naronse ibintu vyinshi bibi; ku bazoturira ikigo (co kwimenyererezamwo) ko bazoturira ibikorwa vyanje mu gisagara, bazoturira inzu yanje, bazoturira umuryango wanje.

''Ntivyashitse ariko uko ni uko isi imeze.''

Ico Kipchoge yashotse agira aho atanguriye kubona ivyandikwa kuri izo mbuga n'ibihuha vy'ibinyoma kwari ugusuzuma ko umuryango wiwe uri mu mutekano.

''Nta bubasha mfise bwo kuja ku giporisi ngo ndababwire ko ubuzima bugeramiwe. Rero icari kindaje ishinga kwari ukubwira umuryango wanje kwiyubara cane'', nk'uko yavuze.

''Naciye ntangura guhamagara abantu benshi.

''Naragize ubwoba cane bw'abana banje mu kuja kw'ishure no kugaruka.

''Hari igihe baja kw'ishure n'ikinga, ariko twaciye tubabuza kuko ntuba uzi igishobora gushika. Twaciye dutangura kubajana no kubatahana n'imodoka ku mugoroba.

''Umukobwa wanje yiga mw'ishure ry'uburaro - ivyo vyari vyiza kuko ataho yahurira n'imbuga hwaniro - ariko birababaje abahungu bawe bariko barumva ngo ''so yarishe umuntu'.''

Gutakaza abagenzi n'icizere

Kipchoge yaratwawe n'ibigumbagumba igihe yariko aratanga ikiganiro ku rugo rwiwe i Eldoret avuga ingene iryo sekeza ryo kumucafuza ryagize ingaruka kuri nyina wiwe.

''Igihe ca mbere cambereye kibi n'igihe nagerageza guhamagara mama [kuri terefone]'', nk'uko avuga.

''Yambwiye ati 'Uragaba' hanyuma ati 'hari vyinshi biriko biraba'.

''Aho mva ni ruguru cane. Ku myaka mama afise, naciye mbona ko imbuga hwaniro zishobora gushika ahantu hose.

''Ariko yaranteye intege. Kwabaye ukwezi kugoye cane.''

Ariko, Kipchoge, yabaye umuntu wa gatatu atwara umudari wa olympic yikurikiranya muri marathon igihe yagwanira ko atawumuca imbere i Tokyo mu 2021, yafashe ingingo yo kutagira ivyo yiyubara ku mutekano wiwe.

''Nobonye ataco bivuze guhindura aho ngirira imyimenyerezo kuko ubuzima bwanje buri ku mugaragaro,'' nk'uko yasiguye.

''Imyimenyerezo yacu ntibera mu nzu, isaba kuja hanze kwiruka. Jewe nca mu barabara nidegemvya.''

Kipchoge avuga ko ''yatakaje hafi 90% y'abagenzi muri uko kubesherwa ko yagize uruhara mu rupfu rwa Kiptum no gutukwa ku mbuga hwaniro.

''Vyarambabaje cane kwumva no ku bantu b'iwacu, abo tugirira imyimenyerezo hamwe, abo dusanzwe tuvugana, kandi amajambo mabi akava muri bo,'' nk'uko yongerako.

''Vyari bibabaje cane kubibona.''

Ingaruka ku mwanya yahora agira

Abakorana na Kipchoge baciye bafata ingingo zo kumuvana ku mbuga hwaniro muri ico gihe yariko aratyozwa, ariko avuga ko atigeze yiyumvira kwugara konte ziwe.

''Mfuse konte zanje bica vyerekana ko uca umenga hari ico nshaka kunyegeza'', nk'uko yavuze.

''Nzogumana konte zanje, nta na kimwe nakoze.''

Ariko yibaza ko ivyo yakorewe ku mbuga hwaniro vyagize ingaruka ku mwanya yahora agira mu mahiganwa.

Kipchoge yabaye uwa 10 muri marathon ya Tokyo ku wa 3 Ntwarante (ukwezi kwa gatatu), umwanya wa mbere wiwe mubi kuva atanguye amahiganwa mu 2013, aho yashitse iminota irenga ibiri n'inusu inyuma y'uwabaye uwa mbere Benson Kipruto.

''Igihe nari i Tokyo nari mfise iminsi itatu, nta n'umwe naryamye,'' nk'uko yavyivugiye.

''Niwo mwanya wa mbere mubi nagize.''

Ariko n'aho yasubiye inyuma ku wa gatatu yarashizwe ku rutonde rwa Kenya mu bazokwiruka marathon mu nkino za Olympics z'i Paris uyu mwaka, ubu akaba arajwe ishinga no gutegura kwandika ayandi mateka muri izo nkino kuko afise intego yo gutahukana intsinzi ubugira gatatu yikurikiranya.

''Ni ukuvyuka ugasubira ugatumbera ico urondera,'' ni ko Kipchoge yongeyeko. Uwo mugabo mu 2019 ni we yabaye uwa mbere mu kwiruka marathon mu mwanya uri munsi y'amasaha abiri, n'ubwo ibihe vyo kwirukamwo vyaba bigenzurwa i Vienne.

''Nshaka kuja mu bitabo vy'amateka, kuba uwa mbere muri kahise k'umuntu gutsinda gatatu nikurikiranya.''

Kugwanya ivyo gutyozwa mu nkino za Paris 2024

Mu gihe Kipchoge ari mu batyojwe akanaterwa ubwoba, avuga ko kompanyi z'imbuga hwaniro ''zidakora ibihagije'' kugira zituze abatyoza abantu ku mbuga.

''Abo bantu utabona abo ari bo barashirako ibintu bibi cane kandi barabangamye cane.'' nk'uko avuga.

''Iyo werekanye konte zimwe zimwe bifata umwanya kugira izo konte zifutwe.

''Bari bakwiye kunyarutsa, bakarondera ukuri, bagafuta ama konte. Abantu bari bakwiye kumenya ko uvuze ikintu kitari ciza ko konte yawe izoca ifutwa.''

Ariko, Kipchoge yakiriye neza ivyatangajwe na komite mpuzamakungu y'inkino za Olympics ko ifise umugambi wo ''gukora'' kugira izokingire abitaba inkino gutyozwa ku mbuga hwaniro mu gihe c'inkino za Paris 2024.

CIO/IOC ishaka gukoresha ubuhinga bw'ubwenge bw'ubucurano (articifial intelligence) kugira ifashe mu gutora ibintu bityoza hanyuma ibishikirize kompanyi z'imbuga hwaniro.

Ariko ku bwa Kipchoge, bije bitevye kugira bimubuze inkovu vyagize ku nyifato yiwe.

''Nahakuye icigwa ko ubugenzi budashobora kwamaho,'' nk'uko avuga.

''Birababaje kuba vyashitse ndiko ndahimbaza imyaka 20 maze muri sport.

Ivyabaye vyantumye ntizera umuntu n'umwe. N'igitutu canje, sinzocizera.''