Tundu Lissu atavuga rumwe na reta ya Tanzania ari mu minwe y'igipolisi

Uwutavuga rumwe na reta ya Tanzania Tundu Lissu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Tundu Lissu yahatswe kwicwa arashwe amasase 16 mu 2017
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC News, Dar es Salaam

Igipolisi ca Tanzania cahagaritse umunye politike azwi cane Tundu Lissu n'abandi bategetsi babiri b'umugambwe utavuga rumwe na reta Chadema, nk'uko bivugwa n'uwo mugambwe.

Igipolisi kivuga ko abo bantu ko ari batatu bafashwe ku musi wa Mungu mu gisagara ca Mbeya kiri bumanuko bushira uburengero, buca haba ikoraniro ryo kwigina umusi wahariwe urwaruka kw'isi.

Uko guhagarikwa kubaye inyuma y'umwaka prezida Samia Hassan akuye itegeko ryabuza abatavuga rumwe na reta kugira amakoraniro anemera ko agiye kugarukana ihiganwa muri politike.

Ku musi wa Mungu, igipolisi carahagaritse ikoraniro rya Chadema kivuga ko rifise intumbero yo guhungabanya umutekano.

Basubiramwo akamo katerwa n'uwo mugambwe ku bantu ko boja hamwe "nk'urwaruka rwo muri Kenya" - basa n'abashaka kuvga imyiyerekano imaze idwi zitari zike yo kwiyamiriza reta yahitanye abantu benshi muri ico gihugu kibanyi co mu karere k'ubuseruko bwa Afrika.

Kuri uyu wa mbere mu gitondo, umutegetsi umwe wa Chadema yabwiye BBC ko batazi aho abategetsi babo bapfungiwe.

Igipolisi ntikiravuga ku mugaragaro ivyerekeye iryo hagarikwa. BBC yabavugishije kugira bagire ico babivuzeko.

Umuvugizi w'umugambwe Chadema, John Mrema yavuze ko imigwi y'urwaruka iri mu modoka zunguruza abantu zakoteshejwe bahagaritswe bagategekwa gusubira mu turere baturukamwo baherekejwe n'abajejwe umutekano bafise inkoho.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Urwaruka rugera ku 10.000 vyari vyitezwe ko ruhurira i Mbeya kwigina umusi waruhariwe, ku civugo, "Fata mu minwe kazoza kawe", nk'uko bivugwa n'igisata c'urwaruka c'uwo mugambwe.

Ariko mw'itangazo igipolisi casohoye, kivuga ko ata nama nk'izo zishobora kwmerwa muri ico gisagara canke ahari ho hose muri ico gihugu.

Abategetsi ba Chadema bakwiragije amafoto y'umugwi munini w'abanywanyi babo boba bashika 100, bavuga ko bapfungiwe Iringa, mu gisagara cegereye i Mbeya. Mu nyuma bararekuwe, baca baraherekezwa gushika iyo baje bava.

Chadema yemeje iryo fatwa, aho n'umukuru w'uwo mugambwe Freeman Mbowe yasavye ku rubuga rwa X"irekurwa ubwo nyene, atagisabwe ry'abategetsi bacu, abayoboke n'abadushigikiye bahagaritswe hirya no hino mu gihugu".

Lissu, yacitse kw'icumu mu 2017 inyuma yo kuraswa incuro 16, yagarutse muri Tanzania mu mwaka uheze inyuma y'imyaka ibiri ari mu buhungiro mu gihugu c'Ububiligi.

Yagarutse inyuma y'aho prezida Samia akuriyeho itegeko ribiza abanyepolitike kugira amakoraniro ryari ryashizweho n'uwahoze arongoye Tanzania yakoreye mu ngata prezida John Magufuli mu 2016.

Iryo tegeko ryabuza imigambwe kugira amakoraniro canke mbere kuganira ku bikorwa vya politike vyo hagati mu gihugu.

Samia yashitse ku butegetsi mu 2021 inyuma y'urupfu giturumbuka rwa Magufuli, yarashimagijwe cane kuba yarakuye nyinshi mu ngingo zari zarafashwe n'uwo yasubiriye.

Ariko inyuma y'iryo hagarikwa, bamwe mu banye politike batavuga rumwe na reta baramunebaguye, bavuga ko atiteguye ugusubiza hamwe muri politike.

Bitegekanijwe ko haba amatora y'umukuru w'igihugu n'ayo abashingamateka muri Tanzania mu mpera z'umwaka uza.