Tanzania: Magufuli 'yatwaye igihugu mu kaga' – Tundu Lissu

Tundu Lissu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Tundu Lissu aba mu buhungiro mu Bubiligi

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzania Tundu Lissu yavuze ko urupfu rwa Prezida John Pombe Magufuli rutanze akaryo ko "gutora inzira nshasha no kuva ku nkombe y'akaga".

Tundu Lissu ni we yari akomeye cane mu bahiganywe n'umuhisi Prezida Magufuli mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye mu kwezi kw'icumi mu 2020.

Avugira mu kiganiro Newsday co kuri BBC kuri uyu wa kane, Lissu yavuze ko "poritike, imigambi n'uguhakana Covid vya Magufuli" vyajanye "igihugu mu kaga".

Imbere y'aho, Tundu Lissu yari yabwiye television yo muri Kenya KTN ko urupfu rwa Magufuli rutamutangaje na gato.

Lissu, asanzwe aba mu buhungiro mu Bubiligi, yavuze ko yari azi kuva mbere ko Magufuli arwaye cane kuva yanditse kuri Twitter itariki 7 z'ukwezi kwa gatatu abaza iyo umukuru w'igihugu ari.

Yavuze ko yari yamenye abikuye ku masoko yo kwizera cane muri reta ko prezida yari arwaye Covid-19.

Ati: "Jewe ikintangaza conyene n'uko babandanya kubesha, n'ubu reta yiwe ibandanya kubesha".

"Magufuli yishwe na corona, ico ni kimwe. Ica kabiri, Magufuli ntiyapfuye kuri uyu [wa gatatu] ku mugoroba…mfise amakuru y'ayo masoko nyene ko Magufuli yari yapfuye imbere y'aho," ni ko Lissu yabibwiye KTN.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Icegera c'umukuru w'igihugu wa Tanzania Samia Suluhu Hassan, mw'itangazo yasomye kuri televiziyo, yavuze ko Prezida Magufuli hari haheze amasaha make apfuye kubera ikibazo c'umutima mu bitaro i Dar es Salaam.

Umukuru w'igihugu yari amaze indwi zirenga zibiri ataboneka ku mugaragaro, ibihuha bikaba vyakomeje gucanacanako ku bijanye n'amagara yiwe.