Imbuga hwaniro zahagaritswe muri Gabon kubera 'ugukwiragiza ibinyoma'

Ishusho yerekana ibiranga imbuga ngurukanabumenyi zizwi cane nka Facebook, YouTube, Instagram, WhatsApp, TikTok, WeChat, Telegram, Messenger na Snapchat, ziboneka mw'iterefone.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abategetsi ntibarasigura neza imbuga zizokorwako n'iyo ngingo .
Igihe co gusoma: iminota 3

Umurwi wigenga ujejwe kugenzura ibinyamakuru muri Gabon watangaje ihagarikwa ry'imbuga hwaniro "kugera igihe igihe kizomenyeshwa hanyuma", uvuga ko ibishirwa kuri izo mbuga biriko bituma haba ukutumvikana no gucanamwo mu gihugu.

Mw'itangazo ryatanzwe kuri televiziyo ku mugoroba wo ku wa kabiri, uUrwego rujejwe kumenyesha amakuru rwavuze "ugukwiragizwa kw'amakuru y'ibinyoma, ugutera ubwoba n'ugukwiragiza amakuru y'abantu mu buryo bunyuranye n'amategeko'' nk'impamvu z'iyo ngingo.

Umuvugizi w'uwo murwi , Jean - Claude Mendome, ntiyavuze imbuga zizokorwako n'iyo ngingo izari zo, ariko WhatsApp, Facebook na TikTok nizo zikoreshwa cane muri ico gihugu.

Gabon irongowe na General Brice Oligui Nguema, yatsinze amatora ya perezida mu mwaka uheze inyuma yo kurongora abasirikare batembagaje ubutegetsi mu 2023.

Uwo mukuru w'igihugu w'imyaka 50 ari mu bibazo vy'imyiyerekano igenda yiyongera, aho abarimu hamwe n'abandi bakozi ba reta bamaze imisi bari mu migumuko basaba ukuduzwa kw'imishahara no gutunganya neza ivy'akazi.

Mu masaha yo mu gitondo co kuri uwu wa gatatu, hari inkuru zavuga ko hari imbuga hwaniro zimwe zimwe zamaze gutangura guhungabana.

Nk'uko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryabivuze, hari abantu batagishoboye gukoresha Facebook na TikTok.

Itangazo rya Mendome ryatangaje benshi muri ico gihugu co muri Afrika yo hagati gifise abanyagihugu bashika imiliyoni 2.5, aho imbuga hwaniro zikundwa cane cane n'urwaruka ruzikoresha mu bikorwa vy'ubudandaji no kwinezereza.

Umwe mu bafise uburiro mu gisagara ca Libreville, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yabwiye BBC ko iryo hagarikwa rizogira ingaruka zikomeye ku bikorwa vyiwe, kuko akoresha hwaniro mu kumenyekanisha ivyo akora.

Yagize ati: "Hafi ya 40% vy'abakiriya banje bafashe ingingo yo gutumako canke kuza mu buriro (restaurant) inyuma yo kubona amatangazo yacu ku mbuga hwaniro … Sinzoshobora kuronka abakiriya bashasha, kuko abakiriya bazanwa n'ivyo babona, ivyiyumviro vy'incuti zabo hamwe n'amafoto."

Yongeyeko ati: "Turiko twinjira mu gihe tutazi neza nimba turiko turaterana imbere n'isi canke nimba turiko dusubira inyuma mu gusigara inyuma burundu."

Ariko rero, umwe mu bagendesha ipikipiki ntiyabonye iyo ngingo nk'ikibazo, yabwiye BBC ati: "Ntakabura imvo."

"Kugira ngo abategetsi bafate ingingo nk'iyo, mu vyukuri hari ikiba cabitumye."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

General Nguema yatsinze amatora yo mu mwaka uheze aronse amajwi arenga 90%, haciye imyaka ibiri inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi ryarangije imyaka irenga mirongo itanu y'ubutegetsi bw'umuryango wa Bongo.

Ico gihe yiyemeje guteza imbere Gabon, igihugu gitoyi gifise ubutunzi bwinshi bw'ibitoro n'ibiti, aho ubutegetsi bwahora bukoresha guhagarika internet kugira bugenzure amakuru.

Ku ncuro ya mbere, ibinyamakuru mpuzamakungu n'ivyigenga vyaremerewe gufata amashusho y'ibikorwa vyo guharura amajwi mu gihe c'amatora.

Umuvugizi w'urwego rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru yavuze ko iryo hagarikwa ryatewe n'ukwiyongera cane be n'ugukwiragiza ibintu "binyuranye n'akaranga, biteye amahinyu, vyuzuyemwo urwanko ndetse n'ugutukana" ku mbuga hwaniro n'ahandi hose hakoresha ubuhinga bwa none, bikaba "bihungabanya agateka ka zina muntu, bigahungabanya ubumwe bw'abanyagihugu, n'ugutekana kw'inzego z'igihugu be n'umutekano w'igihugu."

Yavuze kandi ko ivyo bishobora guteza imishamirano mu kibano no guhungabanya ubumwe bw'igihugu, iterambere rya demokarasi n'ivyo igihugu kimaze gushikako.

Ariko Mendome yongeye kuvuga ko uburenganzira bwo kuvuga ico umuntu yiyumvira, harimwo no gutanga ivyiyumviro canke kunegura, buguma ari uburenganzira shingiro bwemewe muri Gabon.

Abarimu bo muri Gabon batanguye imyiyerekano mu kwezi kwa Kigarama (12) basaba iduzwa ry' imishahara n'uburyo bakoreramwo, hanyuma imyiyerekano ifise ibibazo bisa n'ivyo irandukira no mu zindi nzego za leta, harimwo igisata c'amagara y'abantu n'indero.