Kuki Général Brice Nguema yatembagaje ubutegetsi muri Gabon arondera gushigikirwa na Evariste Ndayishimiye?

Umukuru w’igihugu w’imfatakibanza wa Gabon, Général de Brigade Brice Clotaire Oligui Nguema, kuri uyu wa gatanu yagize urugendo rw'amasaha make mu Burundi aho yabonanye na perezida Evariste Ndayishimiye.
Brice Clotaire Oligui Nguema yatembagaje Ali Bongo kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro (8) 2023.
Vyabaye umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu uhejeje gutangaza ko Ali Bongo yatsindiye ikiringo kigira gatatu, ibitari bishigikiwe na gato n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ku bisannzwe Uburundi na Gabon nta migenderanire ikomeye vyari bisanganywe.
Nta n'ababanyagihugu benshi bo mu gihugu ca Gabon bagaragaye ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye kuko hasanzwe haba imparurwa. Abari bahari vyaboneka ko basa n’abaje bamuherekeje.
Ariko ivyo bihugu vyompi biri mw'ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, communauté Economique des Etats d'Afrique Centrale (CEEAC).

None General Nguema yarondera iki kuri perezida Ndayishimiye?
Uwo mukuru w’intwaro ya gisirikare muri Gabon ku kibuga c’indege ca Bujumbura agishika yakiriwe nk’abandi babakuru b’ibihugu: umusezero utukura, icubahiro ca gisirikare, ingoma, intambo n’imvyino.
Yasanganiwe n’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Albert Shingiro ari kumwe n’umushikirikranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Martin Niteretse, imbere y’uko ajanwa ku biro vy’umukuru w’igihugu ari naho Perezida Evariste Ndayishimiye yamuhereye umubonano.
General Nguema yavuze ko yari yaje gusaba perezida w'Uburundi kumushigikira mu ntwaro mfatakibanza yashizemwo igihugu ciwe kuko Uburundi na Gabon bihurira muri CEEAC, Uburundi bukaba kandi mu nama ijejwe amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika, Union Africaine.

'Urugendo rwashitse ku vyo twari turwitezeko'
Mw’ijambo rigufi yashikirije abamenyeshamakuru imbere yo kwurira indege ava mu Burundi, General Nguema yavuze ko atashe ashimishijwe n'urugendo ''rwashitse ku vyo twari turwitezeko''.
Nta kiravugwa ku co umukuru w'Uburundi yabwiye uwo yamusavye kumushigikira kandi yashitse ku butegetsi bidaciye mu nzira ya demokarasi.
Ni mu gihe yagendeye Uburundi mu minsi iheze havuzwe ibuhuha vy'abashaka gutembagaza ubutegetsi gushika aho umukuru w'igihugu aremesha Abarundi avuga ko ivyo bihuha vyazanywe n’abahora bashaka “gucafuza Uburundi kuko babona bwongeye kugira ijambo mu makungu”.
Hari mu kwezi kw'icenda atashe avuye mu rugendo rw'indwi zibiri muri Cuba no mu nama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Uburundi ni kimwe mu bihugu vyavuzwemwo ‘coups d'État’ nyinshi muri Afrika muri kahise– uharuye izashobotse n’izaburijwemo zose hamwe ni 11.
Iyageragejwe vuba igatekuruzwa ni iyo mu 2015 yashaka gutembagaza ubutegetsi bw'umuhisi perezida Pierre Nkurunziza.
Ariko General Nguema we yavuze ko Perezida Ndayishimiye ''yatwijeje kuduherekeza [kudushigikira] muri ico kiringo c'imfatakibanza''.
Yizeye ko azobishobora ''uravye uburongozi bwiwe mu bijanye n'amahoro n'umutekano''.
General Nguema avuga ko perezida Ndayishimiye yamubwiye ko ''amahoro ategerezwa gusasagazwa imbere y'ibindi vyose bishobora kwibazwa''.
Uwo mutegetsi mushasha wa Gabon amaze imisi agendera ibihugu vya Afrika.
Mu ntango z'iyi ndwi yagendeye Urwanda, imbere y'aho yari yagendeye Repuburika ya Demokarsi ya Congo.











