Umukuru w’intwaro ya gisirikare wa Gabon yanse umushahara w'umukuru w’igihugu

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w’intwaro ya gisirikare wa Gabon Jenerali Brice Oligui Nguema avuga ko ahevye umushahara w'umukuru w’igihugu, ko azohabwa gusa umushahara yari asanzwe ahembwa nk‘umukuru w’ingabo zicungera umukuru w’igihugu.
Itaganzo ryasohotse nijoro ku wa gatatu rigasomwa n’umuvugizi w’ubu butegetsi, rivuga ko Jenerali Nguema yafashe iyi ngingo kubera yari “azi ibibazo vyihutirwa igihugu kirimwo mu mibereho n’ivyo abanyagihugu benshi ba Gabon bipfuza”.
Colonel Ulrich Manfoumbi ati: “Uko bukeye uko bwije niko CTRI (Comité pour la Transition et la Restauration des Institutions) imenya ingene ibintu vyifashe nabi mu gihugu , na cane cane mu kigega c’igihugu”.
Ubutegetsi bwa Perezida Ali Bongo aherutse kubogozwa ku mwaka ugira 14 bwaranzwe n’ibirego vy’igiturire n’ayandi marorerwa mu vyo kunyuruza amafaranga, abategetsi ba gisirikare bakavuga ko ikigega c’igihugu “cishwe n’ubukozi bw’ikibi bweruye”.
Uretse kwanka umushahara w’umukuru w’igihugu, Jenerali Nguema yafashe kandi ingingo yo kugabanya amafaranga reta ikoresha mu kugabanya umushahara w’abashingamateka, gukuraho amafaranga agenewe ibikorwa vya poritike no kugabanya amafaranga y’agashirukabute mu makoraniro. Umukuru w’igihugu avuga ko ibi bishobora gutuma ikigega kibomboka.
Iyi ngingo ibonwa ko ari ukugerageza kugarura icizere c’abanyagihugu mu butegetsi bw’igihugu.






