General Alain Guillaume Bunyoni ubucamanza bwavuze ivyaha akekwako

Inyuma y'iminsi ine General Alain Guillaume Bunyoni afashwe n'inzego z'igiporisi, urwego rw'ubucamanza bw'Uburundi rwashize ahabona ivyaha akekwako.

Umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa, Agnes Bangiricenge yavuze ko ari ivyaha bitatu:

  • guhungabanya umutekano w'igihugu;
  • guhungabanya ubutunzi bw'igihugu;
  • no kuronka inyungu z'akazi zidaciye mu mategeko.

Nta carenze ngaho kw'ido n'ido ry'ivyo Bunyoni yakoze muri ivyo bintu bitatu.

Madame Bangiricenge yabivugiye mu kiganiro c'abavugizi b'inzego z'Uburundi n'abamenyeshamakuru n'abanyagihugu, cabereye mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira ubuseruko bw'Uburundi kuri uyu wa mbere.

Uwo muvugizi yemeje kandi ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ari mu minwe y'urwego rw'iperereza. Ariko nawe ntiyavuze neza na neza aho rumufungiye aho ari ho.

Urwo rwego rufise icicaro gikuru mu gisagara ca Bujumbura, ariko kandi rufise aho rukorera mu gihugu hose.

Madame Bangiricenge yemeje ko gushika ubu umuryango wa Bunyoni utarahabwa uruhusha rwo kuja kumuraba ''ariko vuba bazoba bafise uburenganzira bwo kumuraba''.

Umushikirizamanza Kizigenza wa Repubulika y’Uburundi yari yamenyesheje ko Jenerali Alain-Guillaume Bunyoni ari mu minwe y’igipolisi nk’uko biri mw’itangazo yasohoye ku wa Mungu igenekerezo rya 23 Ndamukiza (4).

Muri iryo tangazo, Sylvestre Nyandwi amenyesha ko yasohoye umutahe wo kumurondera inyuma y’aho igipolisi kimuburiye muhira iwe, mu gikorwa co kumusaka cari categetswe n’uyu mushikirizamanza mukuru “kubera amakuru yari afise ku vyaha vyoba vyarakozwe”.

Ni inyuma y’aho umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, umenyeshereje ejo ku wa gatandatu ko wagendeye uyu yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi ariko ukaba utavuze aho aherereye.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwayo rwa Twitter bwerekana ko yahagaritswe, CNIDH yavuga ati: “Ameze neza. Ntiyigeze akorerwa iyica rubozo na rimwe canke ikibi ico ari co cose kuva ahagaritswe”.

Iri tangazo rya Sylvestre Nyandwi, Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika, rivuga riti: “Kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2023, iryo sakwa ryarabaye aho igipolisi cari gishinzwe ico gikorwa casanze General de Police Alain Guillame Bunyoni atakiri mu rugo iwe. Niho rero umushikirizamanza kizigenda wa Repubulika yaca asohora umutahe wo kumurondera”.

Sylvestre Nyandwi avuga ko Jenerali Bunyoni yafatiwe aho yari yinyegeje ku wa 21 z’uku kwa kane - ni ukuvuga ku wa gatanu w’indwi iheze - ku mutumba Nyamuzi wa Zone Mubone muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura.

Amenyesha ko ivyavuye mw’isaka hamwe “n’ibindi bimenyetso bigaragaza ivyaha yoba yarakoze biriko biregeranywa kugira ngo azoce ashikirizwa umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika nawe aheze afate ingingo yisunze amategeko”.

Jenerali Bunyoni yabaye umushikiranganji wa mbere kuva Perezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi inyuma y’amatora ya 2020.

Yagiye gukurwa mu mabanga mu kw’icenda kw’umwaka uheze wa 2022 asubirirwa na Jenerali Gervais Ndirakobuca, kuva ico gihe akaba atasubiriye kwibonekeza cane.

Bunyoni yahora afatwa nk'uwugira kabiri mu gihugu kandi akaba umwe mu bantu bakomeye cane mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.