Zambia: Kujabuka ibarabara uri kuri telefone bigiye guhanwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi ba Zambia bemeje itegeko ribuza abagenda n'amaguru kujabuka ibarabara bariko bitaba terefone.
Uwuzorenga kuri iryo tegeko azohanishwa ihadabu ry'amahera y'amakwacha 1.000 ($16, £12), nk'uko biri muri iryo tegeko.
Uwugenda n'amaguru ategerezwa kurindira amatara yo kw'ibarabara agahinduka umutuku kugira imodoka zihagarare imbere yo kujabuka amahwane y'ibarabara agenzurwa n'amatara.
Frederic Mubanga, umuvugizi w'urwego rujejwe kwubahiriza umutekano mw'ibarabara, yavuze ko iryo tegeko rifise intumbero yo kugabanya amasanganya yo mw'ibarabara.
Yabwiye BBC ati:"Ufatiye ku matohoza, abantu barenga 50% bapfa bazize impanuka zo mw'ibarabara n'abagenda n'amaguru. Kandi kenshi, abagenda n'amaguru ntibaba bubahirije amategeko y'ibarabara.
"Mu ntumbero yo kugenzura uko abagenda n'amaguru bigenza mu mabarabara, vyabaye ngombwa ko dushiraho izo ngingo kugira ngo abagenda n'amaguru mu mabarabara badakurikije amategeko babihanirwe.
Yavuze ko muri kahise, utwigoro twinshi twaja ku bagendesha ivyuma vy'umuriro, ariko uko imisi igenda, bizogenda bihinduka.
Mubanga yavuze ko igipolisi kizosaba umutahe wo gufata abarenze kuri iryo tegeko banse kuriha iryo hadabu.
Yavuze ko igipolisi ca Zambia n'ikigo kijejwe kugenzura uruja n'uruza mu mabarabara, bahawe ububasha kugira bashobore kwubahiriza iryo tegeko.










