Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bayern Munich v PSG: Mbappe avuga ko kazoza kiwe katazova kuri uru rukino
Kylian Mbappe avuga ko kazoza kiwe mu murwi Paris St-Germain katazovana n’urukino rw’uno musi na Bayern Munich rwo gusubiza mu nkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Ligue des champions/Champion League).
Mu rukino rwa mbere, Bayern yatsindiye PSG ku kibuga cayo ca Parc des Princes igitsindo kimwe cinjijwe na Kingsley Coman yigeze kuba akinira uyu murwi wo mu Bufaransa.
PSG ntirigera itahukana ihiganwa rya Champions League.
Mbappe ati: "Mu gihe nofatira kazoza kanje kuri Champions League, ntashatse kwerekana ko ntubaha umurwi, mba naramaze kugenda kera”.
Mu gihe kazoza kiwe kabandanya kavugwako vyinshi, uyu musatirizi w’Ubufaransa yabaye umukinyi wa mbere muri uno murwi wa PSG yinjije ibitsindo vyinshi ku wa Mungu aho yinjirije uyu murwi igitsindo kigira 201 – mu gihe agifise imyaka 24 gusa.
Avuga ati: "Si nibaza ko uru rukino ruzogira ingaruka. Ndi ng’aha kandi ndishimiye kuba ndi ng’aha. Nta kindi kiri mu mutwe wanje uretse gukora kugira ibintu bigende neza muri PSG”.
PSG uza kuba udafise uwundi musatirizi wayo w’igihangange, Neymar, aho agiye kumara ikiringo gisigaye c’uno mwaka w’inkino adahonyoye mu kibuga, inyuma y’aho abagiwe ijisho ry’ikirenge.
Eka na kizigenza wayo Marquinhos co kimwe na mugenziwe bakinana inyuma Nordi Mukiele, bompi bafise ibibazo.
Bayern Munich imaze gutsinda inkino zose indwi imaze gukina muri Champions League muri uno mwaka w’inkino, aho muri zitandatu mw’izi yazirangije itigeze yinjizwa igitsindo na kimwe.
Umumenyereza wayo, Julian Nagelsmann, avuga ati: "Paris irafise ibiyiranga bizwi hamwe n’ingeso ushobora gukorerako, ariko irashobora kugukubita ku mupira w’umuvuduko uravye nabi.
"Ni ngombwa ko twirinda gufata umwanya munini mu kwinjira mu rukino. Igikorwa kimwe dufise ni ukutabaha umwanya munini ku ruhande rw’inyuma. Biza kuba ngombwa ko tuzibira [Lionel] Messi ntaronke imipira, tumubuze kandi no kuguma ahindagura ibibanza”.