Tanzania yabujije ibicuruzwa biva Afrika y'Epfo na Malawi mu matati y'ubudandaji yakomeye

    • Umwanditsi, Sammi Awami
    • Igikorwa, BBC News, kw'ijabukiro ry'urubibe rwa Kasumulu

Ku rubibe rusanzwe rurangwa n'uruja n'uruza rwinshi hagati ya Tanzania na Malawi kuri uyu wa kane nta bikorwa vyinshi vyariko birahabera mu gihe amatati y'ubudandaji yakomeye.

Kuva sasita z'ijoro, Tanzania yabujije ko ibicuruzwa vyose vy'uburimyi bivuye muri Malawi na Afrika y'Epfo vyinjira muri ico gihugu kuko naco ibicuruzwa vyaco bitinjira muri ivyo bihugu.

Afrika y'Epfo imaze imyaka yarabujije ko ibitoke vyo muri Tanzania vyinjira muri ico gihugu. Malawi, ihana urubibe na Tanzania, yazibiye ifu, umuceri, tangawizi, ibitoki n'ibigori bivuye muri ico gihugu kibanyi mu buraruko.

''Dufashe iyi ngingo kugira dukingire inyungu z'ubucuruzi bwacu. Ubu ni ubucuruzi – mu bucuruzi, umwe umwe wese ategerezwa kwubaha uwundi,'' niko umushikiranganji wa Tanzania ajejwe uburimyi Hussein Bashe yavuze ku wa gatatu, igihe yemeza iyo ngingo.

Ukuvugana hagati y'ibihugu kugira hatorwe umuti w'ayo matati amaze igihe ntaco kwashitseko, ariko Bashe yavuze ko ibiganiro bishasha biriko biraba.

Ayo matati abaye mu gihe Afrika yari yitezwe gutera igana ku bwisanzure bw'ubudandaji gusumba biciye mu gushinga akarere k'ubudandaji kisanzuye ku mugabane wose, kamaze imyaka ine gatanguye gukora.

Ivyamwa bitandukanye vyava muri Afrika y'Epfo vyinjira muri Tanzania harimwo pome n'imizabibu bizokorwako n'iyi ngingo. Hagati aho, Malawi, igihugu kitagira umuhora ushika kw'ibahari, cakoresha ibivuko vya Tanzania mu gushora ibintu birimwo itabi, isukari n'isoja mu makungu, ubu izoca itegerezwa guca mu yandi mayira.

Ingingo ya Malawi yo kubuza ko hinjirayo ibicuruzwa bimwe bimwe, yatangajwe mu kwezi kwa gatatu, yari igamije kuba ingingo y'igihe gito yerekeye ibicuruzwa bivuye mu bihugu vyose kugira hakingirwe ivyimburwa mu gihugu, nk'uko abategetsi b'ico gihugu babivuga.

''Ni uburyo bwo kugira ubudandaji mu gihugu butere imbere butariko buragundwa n'ibicuruzwa bivuye hanze,'' nk'uko ico gihe vyavuzwe n'umushikiranganji wa Malawi ajejwe ubudandaji Vitumbiko Mumba.

Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe uburimyi yavuze ko ingingo ya Malawi yakoze mu buryo butaziguye ku badandaza mu gihugu ciwe aca avuga ko izo ngingo ''zitabereye kandi zonona''

Yemeza iyo ngingo yo kubuza ivyinjira, Bashe yijeje abanya-Tanzania ko batazogira ibibazo vy'ivyo kurya.

''Nta munya-Tanzania azokwicwa n'uko ataronse imizabibu yo muri Afrika y'Epfo canke pome,'' niko yavuze, yongereko ati: ''Dufashe izi ngingo kugira dukingire inyungu za Tanzania''.

Yaba Afrika y'Epfo, yaba na Malawi ntaco baravuga kuri iyo ngingo ya Tanzania.

Kw'ijabukiro rya Kasumulu, ahaca vyinshi mu bicuruzwa hagati ya Tanzania na Malawi, ikamyo nkeya cane nk'izirimwo ibitoro nizo zaboneka ku ruhande rwa Tanzania.

Ku munsi usanzwe, ikamyo zirenga 15 zuzuye ivyo kurya zirajabuka urubibe, nk'uko abashoferi babwiye BBC.

Ku ruhande rwa Malawi, ikamyo zari kuba ziri kuba zitwaye ibitoke n'amatomati bica muri Tanzania zari zihagaze ziri gusa.

''[Abashoferi] ubu bariko bararondera ibindi botwara. Birabagoye cane kuko bamenyereye gutwara ivyo kurya, none ubu ntibashobora gutwara ibitoke n'amatomati, n'ibigori n'ibiraya ni uko,'' Happy Zulu, umucuruzi, niko yabwiye BBC.

Ihererekanywa ry'ibicuruzwa hagati ya Tanzania, Malawi na Afrika y'epfo, - vyose bihurira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika y'Ubumanuko SADEC, ishirahamwe rya poritike, umutekano n'ubutunzi mu karere - ryari ryamaze kugirwako ingaruka kuva ku wa gatandatu.

Ku wa gatandatu Bashe yashize ku mbuga hwaniro video yerekana ikirundo c'ibitoke vyaboreye mw'ikamyo yaheze ku rubibe rwa Malawi avuga ko bigoye ko Tanzania yokwihanganira iyo ngendo.

Amatoni y'itomati nazo nyene zarononekariye ku rubibe ubu vuba inyuma y'aho amakamyo avuye muri Tanzania yankiwe kwinjira muri Malawi.

Malawi yagiye iraba isoko ikomeye ku bicuruzwa biva muri Tanzania muri iyi mwaka iheze, aho ibishoka muri ico gihugu vyigwije na gatatu hagati ya 2018 na 2023, ku bw'ibiharuro biva mu nzego za Tanzania.

Mu gihe Tanzania ishobora kurondera ayandi masoko nka Kenya, Namibia na Sudan y'Epfo, Malawi vyoyigora cane gusohora ibicuzwa vyayo.

Vyinshi mu vyo ico gihugu gishora hanze bica ku kivuko ca Dar es Salaam muri Tanzania, co kimwe n'ivyo Malawi igurira hanze harimwo ibitoro n'imashini.

Malawi idashoboye guca ku kivuko ca Dar es Salaam vyoca bituma icisha ibicuruzwa vyayo mu bivuko vya Mozambique vya Beira na Nacala – ariko vyosaba uburyo bwinshi gumba.

Bashe yasiguye ko iyo ngingo atari iyo gutera intambara y'ubudandaji ariko ari ukugira inyungu za Tanzania zikingirwe.

''Tanzania ntizobandanya kwemera ko hakomeza ukutangana mu gushika ku masoko kubangamira abanyagihugu bacu'', niko yavuze.

Wycliffe Muia, Alfred Lasteck na Wedaeli Chibelushi batereye muri iyi nkuru