Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Namibia yatangaje igitigiri kitari bwaboneke ca rhinoceros ziciwe mu ruhigi rwa magendo
Abajejwe intwaro bavuga yuko igitigiri ca rhinoceros, zisanzwe ziri ku mushiro, ziciwe mu ruhigi rwa magendo muri Namibia mu mwaka uheze, ari co kinini kimaze kuboneka kandi kikaruta incuro zibiri ico mu mwaka w'imbere yaho.
Ibiharuro vya leta vyerekana ko rhinoceros 87 zishwe ugereranije na 45 mu mwaka wa 2021.
Nyinshi ziciwe muri Etosha, parike nini kurusha izindi muri Namibia, nk’uko bitangazwa n’abajejwe intwaro.
Ibitigiri vya rhinoceros muri Afrika vyaragabanutse cane mu myaka nka mirongo iheze kubera guhurumbirwa kw’amahembe yazo mu Bushinwa no muri Vietnam.
Abahigi ba magendo barishe rhinoceros 61 zirabura na 26 zera cane cane i Etosha, aho 46 zatowe zapfuye, nk’uko bitangazwa na Romeo Muyunda, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, amashamba hamwe n’ubukerarugendo.
Bwana Muyunda yagize ati: “Biraduteye umwitwarariko cane kubona parike y’akarorero, Etosha National Park, ari icibare c’abahigi ba magendo”.
Imigwi mpuzamakungu y’inkozi z‘ikibi ubu ikoresha ibikoresho biteye imbere mu kurondera no gusinziriza izi nyamaswa imbere yuko bazirandura amahembe, bakazisiga zivirirana gushika zipfuye.
Uruhigi rwa magendo muri Afrika y‘Epfo na Botswana rwatumye imigwi ijejwe ibikoko vyo mw’ishamba iza iraca amahembe ya rhinoceros kugira bazirinde kwicwa.
Haraciye inganwe nyinshi ihembe rya rhinoceros rikoreshwa mu buvuzi kama bwo mu Bushinwa naho ata cemeza kihari c’uko ari umuti koko.
Uru ruhigi rw’amagendo kandi ruterwa n’ukuronderwa kwa cane kw’ayo mahembe muri Vietnam, aho afatwa nk’ibisharizo vyerekana ubutunzi.
Inyamaswa igeramiwe cane ni rhinoceros yirabura mu gihe hasigaye gusa izishika 5.000 zikiri nzima.
Ku rundi ruhande, uruhigi rwa magendo rw‘inzovu muri Namibia rwaragabanutse kuva ku gitigiri ca 101 mu 2015 gushika kuri zine gusa mu mwaka uheze.