Igitero ca US co mu kirere muri Somalia 'cishe aba al-Sbabab 30'

Ahavuye isanamu, AFP
Igitero co mu kirere co gufasha ingabo za reta muri Somalia cishe abarwanyi ba al-Shabab bashika 30, bivugwa n’igisirikare ca Amerika.
Ico gikorwa cabereye hafi y’igisagara ca Galcad, ku 260km mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Mogadishu.
Ingabo za reta ya Somalia n’abagwanyi ba al-Shabab bamaze iminsi bariko bararwanira kugenzura ico gisagara.
Ico gitero co mu kirere co ku wa gatanu cabaye mu gihe ingabo za reta zariko ziraterwa n’abagwanyi barenga 100, nk’uko bivugwa n’ubutegetsi bw’ingabo za Amerika muri Afrika (US Africa Command).
Imbere y’aho abo bagwanyi bari bishe abasirikare indwi ba reta inyuma yo gutera ikambi ya gisirikare muri Galcad. Umushikiranganji wa Somalia ajejwe amakuru avuga ko haguye aba al-Shabab baharurwa muri mirongo.
Al-Shabab irwanya reta ya Somalia kuva mu 2006, ironderaa gushinga intwaro igendera ku murongo ukaze cane w’idini rya Islam. N’aho yakuwe muri Mogadishu n’utundi turere tumwe tumwe, ibandanya kugaba ibitero ku gisirikare no ku banyagihugu basanzwe.
Ku wa mbere, reta yamenyesheje ko ingabo zayo hamwe n’imigwi yitwara gisirikare bafashe igisagara c’ikivuko ca Harardhere, cari gisanzwe ari inzira ikomeye al-Shabab icishamwo ivyankenerwa vyayo kuva mu 2010.
Mu cegeranyo cayo ku ntambara ya Galcad, US Africa Command yavuze ko imiduga itatu ya al-Shabab yasambuwe hanyuma ko ‘isanga ata banyagihugu basanzwe bakomeretse canke ngo bapfe’’. Ibiri muri ico cegeranyo ntibirahinyuzwaa mu buryo bwigenga.
Itangazo rivuga ko ‘’Ingabo za US Africa Command zizobandanya kwigisha, guha inama n’ibikoresho ingabo bakorana kugira zizifashe kuronka ibikenewe kugira zitsinde urufatangane rwa al-Shabab kw’isi’’.













