Somalia: Al-Shabaab ntishobora gutsindwa mu nzira ya gisirikare – umuhinga

Ingabo z'Ubumwe bwa Afrika zarirukanye Al-Shabaab mu bisagara ariko iracagenzura uturere tutari duke mu mitumba

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubumwe bwa Afrika zarirukanye Al-Shabaab mu bisagara ariko iracagenzura uturere tutari duke mu mitumba
    • Umwanditsi, Bernard Bankukira
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Umushakashatsi wo mw'ishirahamwe International Crisis Group (ICG) abona ko hakwiye kuba inzira y'ibiganiro n'umuhari wa al-Shabaab mu ntumbero yo gutorera umuti intambara y'igihe kirekire irangwa muri Somalia.

Uyu muhari wasubiye kuvugwa cane muri ino misi inyuma y'igitero cawo ciciwemwo abasirikare benshi b'Abarundi barungitsweyo kugarukana amahoro mu butumwa bwitwa ATMIS, bwahoze ari AMISOM.

Abajijwe ibitigiri vy'abishwe be n'ibikorwa vyo gutahukana ibiziga vyabo aho bigeze, umuvugizi wa ATMIS mu ndwi iheze yabwiye BBC ko amakuru yose ajanye n'iki kigero "akiriko aregeranywa" ko azoyadutangariza hanyuma.

Igisirikare c'Uburundi kivuga ko ico gitero cishwemo intwazangabo zabwo 10, al-Shabab yoyo ivuga ko yishe abasirikare barenga 170 b'abarundi.

Omar Mahmood, umushakashatsi mukuru muri ICG, abona ko inzira ya gisirikare yonyene ubwayo idashobora kurangiza ikibazo c'uyu muhari w'intagondwa kimaze imyaka yababa 20.

Ingabo za ATMIS zarashoboye gutuza al-Shabaab mu bisagara bitari bike vy'igihugu, ariko ibitero vya irya n'ino bibandanya, vyerekena ko uyu muhari ugifise inguvu.

Al-Shabab kandi iracagenzura uturere two mu misozi tutari duke hagati mu gihugu, ari naho ibandanya itegurira ibitero ku ngabo za reta n'iz'Ubumwe bwa Afrika.

Hari ubwoba ko mu gihe izi ngabo zotahukanwa uyu muhari ushobora kwigarurira ubutegetsi nk'uko biherutse kugenda muri Afghanistan n'umuhari w'aba Taliban.

Omar Mahmood yabwiye BBC Gahuzamiryango ko itahukanwa ry'izi ngabo rizovana n'ingene ibintu bizoba bimeze mu gihugu, kimwe muri vyo kikaba ari uko Somalia izoba ifise igisirikare cikwije.

Ati: "Muri iyi nteguro nshasha yo gutahukana izi ngabo, ni uko reta ya Somalia yiteguriye kuba yashinze kandi yigishije igisirikare c'ingabo zababa 20.000".

Avuga ko prezida mushasha aherutse gutorwa afise gukora uko ashoboye kugira ngo ategure igihugu ku buryo bagenda hanyuma ntihabe igihengeri.

Hagati aho, abona ko "uravye ingene ibintu bimeze muri kino gihe bigoye ko ikibazo c'umuhari al-Shabaab catumye izi ngabo zirungikwa muri ico gihugu kizoba carangiye".

Ati: "Ni vyo ko igisirikare ca Somalia gifatanije n'ingabo za Afrika bashoboye kwigarurira ibisagara bimwe bimwe vy'igihugu, ariko uturere turi hanze y'ibisagara turacari mu minwe ya al-Shabaab, na rirya ari uturere tugoye kugenzura.

"Rero ibi bica biha ubushobozi uyu muhari bwo kwegeranya uburyo bw'amafaranga".

Mahmood avuga ko hampande y'ibi hari n'ibibazo vya poritike n'imibano birangwa mu gihugu, ibi navyo bigaca biha akaryo al-Shabaab ko gutsimbataza ibikorwa vyayo.

Al-shabaab ikura inguvu hehe?

Mahmood abona ko abantu bakwiye gutahura ko al-Shabaab ari umuhari wihaye ikibanza muri poritike y'igihugu, mu gihe igenzura uturere tunini cane cane mu bumanuko bwa Somalia.

Ifise kandi abanyagihugu bagendera ku mategeko yabo mu turere bagenzura, vyumvikana rero ko "bafise ubushobozi bwo kuba bafise abanyagihugu babayoboka".

Ati: "Hanyuma kandi bafise ibikorwa bakorera abanyagihugu usanga bibangabanganwa n'ivyo bakorerwa na reta, n'aho vyinshi hakoreshwa igitsure, ugasanga umuntu ntashobora guhitamwo hagati y'ivyo ahabwa na reta n'ivyo ahabwa na al-Shabaab.

"Gusa hariho aho bitaworohera, aho abanyagihugu bagarariza kuko akenshi usanga al-Shabaab ivyo itanga ataho bihuriye n'ivyo isaba, rero ugasanga hari abashaka kugarariza. Ariko irafise imigenderanire n'abanyagihugu.

Ibihugu bifise ingabo muri Somalia

"Nico gituma ari vyiza kuyifata nk'umuhari ufise ikibanza muri poritike hakuwufata nk'umuhari w'iterabwoba gusa, kuko ni umurwi uhiganwa na reta mu kwigarurira abanyagihugu.

"Gusa si mvuze ko atari umuhari w'iterabwoba, ahubwo nshatse kuvuga ko hariho urundi ruhande dukwiye kuwubonamwo nk'umurwi ufise ikibanza muri poritike mu gihugu".

Ibiganiro na al-Shabaab?

Mahmood ashimangira ko inzira ya gisirikare yonyene idashobora kuba umuti, akabona ko ikintu nyamukuru ingabo za Afrika zakoze ari ugucira inzira urubuga rwa poritike.

Ati: "Nibaza ko ari nkenerwa kuraba nimba hari inzira ya poritike canke urwego kanaka rwo kwegera al-Shabaab mu ntumbero yo kuyizana mu biganiro.

"Abanyeporitike hafi bose baremera ko al-Shabaab idashobora gutsindwa mu nzira ya gisirikare yonyene, ko rero ibiganiro ari vyo bishobora kurangiza burundu iyi ntambara."

Ibi abona ko bishoboka gusa ari uko abo biraba bavyifuza kuko ngo nta yindi nzira abona yo kurangiza iki kibazo.

Abona uyu ari umwanya mwiza w'ubutegetsi bushasha kwegera al-Shabab.

Ati: "Bishobora kwanka canke bikagorana, ariko ni vyiza igihe cose kugumana mu mutwe ko hampande y'inzira za gisirikare, hariho n'izindi nzira zishobora gufasha".

ATMIS igiye ntihoba nk'ivyabaye muri Afghanistan?

Mahmood abona ko iki ari kimwe mu bishobora gushika ariko akagira icizere ko hari vyinshi bizoba bimaze gukorwa imbere y'uko ico gihe gushika.

Abasirikare b'u Burundi bo mu ngabo za ATMIS

Ahavuye isanamu, ATMIS

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'u Burundi bo mu ngabo za ATMIS

Ati: "Ubwa mbere na mbere, nibaza ko kugira izo ngabo zizotahukanwe bizovana n'ingene ibintu bimeze ku rubuga, kandi ko hategerezwa kuba hari ibizobanza gukorwa, rero mu gihe bitazoba birakorwa sinibaza ko muri Kigarama 2024 bazohava bafata ingingo yo kuzitahukana."

Ingabo za Somalia zisanzwe zitizigiwe mu kugira inguvu zihagije n'ubushobozi bwo kurwanya al-Shabab, ivyo na Mahmood afiseho amakenga.

Ati: "Rero reka turabe ingene bizogenda kuri ubu butegetsi bushasha ingene buzokwitaho iki kibazo, ariko amakenga yoyo ntashobora kubura ko hashobora kuba iki gihengeri".

Hokorwa iki ngo ivyabaye muri Afghanistan ntibibe hano?

Ku bw'uyu mushakashatsi w'ishirahamwe ICG, ibintu bibiri nyamukuru vyo gukora ni ugushinga ubwa mbere igisirikare c'igihugu cikwije, hanyuma kandi no kurwanya al-Shabaab gushika ineshejwe.

Ati: "Mu gihe inzego z'umutekano zoba zikwiye, zoca zitangura kuzezwa ibikorwa birangurwa n'ingabo mvamakungu, gutyo zigashobora gutahukanwa ata gihengeri kirinze kuhaba".

"Hampande y'izo nzira, ni ya nzira ya poritike yo kurondera ingene hoba umwumvikano n'uyu muhari, rero izi nzira za gisirikare zijane n'inzira za poritike."

Arongera ati: "Gusa mvugishije ukuri mbona ko kazoza k'igihugu gashobora kwubakwa n'inzira ya poritike gusumba ibindi vyose."