Ivyatowe ku gihamana bifashije kurwanya malaria

    • Umwanditsi, Na Naomy Grimley
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu gisata c'amagara

Abahinga (muri science) batoye ubwoko bw'utunyabuzima (bacterie) bubaho mu buryo kama bushobora gufasha guhagarika iherekanywa rya malaria kuva ku mibu ija mu muntu.

Babitoye ku gihamana, inyuma y'aho imibu yari yorowe ku mvo z'ubushakashatsi ihagaritse kwinjirwamwo n'umugera (canke agakoko) utera malaria.

Abo bashakashatsi bavuga ko izo bacterie zishobora kuba igikoresho gishasha co kurwanya imwe mu ndwara za kera kw'isi, yica abantu 600.000 buri mwaka.

Igeragezwa ry'ingene ivyo bikora ata ngorane biteye mu buzima bwa minsi yose ririko rirakorwa.

Abahinga mu kigo c'ubushakashatsi muri Espagne, ikigo ca kompanyi y'imiti GSK, batoye ivyo bintu bamaze kubona ko imibu yari yorowe kugira ikoreshwe mw'ikorwa ry'imiti yahagaritse kwinjirwamwo na malaria.

''Urugero rwo kwinjirwamwo na malaria rwatanguye kugabanuka cane hanyuma umwaka uriko urahera imibu ntiyaba icandukirwa n'umugera wa malaria", nk'uko bivugwa na Dr.Janneth Rodrigues, yari arongoye ubwo bushakashatsi.

Abo bahinga baciye bakonjesha ivyo bipimo vyabo bariko bariga mu 2014 basubira kuja kubiraba haheze imyaka ibiri ngo barabe icabaye.

Ivyigwa vyabandanije vyerekanye ko ubwoko bwihariye bwa bacterie -TC1- busanzwe bubaho mu buryo kama mu bidukikije, bwahagaritse kwinjirwamwo n'imigera ya malaria mu nda y'imibu.

''Tumaze kwizizira imibu, bica bimara ubuzima bwose umubu usigaje kubaho" nk'uko Dr Rodrigues, abandanya avuga.

''Kandi twasanze, ego, ari izo bacterie zatumye iherekanywa rya malaria rigabanuka muri iyo mibu.''

Ivyigwa vyasohowe mu kinyamakuru c'ubuhinga Science magazine vyerekana ko izo bacterie zishobora kugabanya imigera ya malaria mu mubu gushika ku 73%.

Uko iyo bacterie ikora irekura agace k'akaremangingo (molecule), kazwi nka harmane, nako kakabuza ibihe vya mbere y'ugukura kw'umugera wa malaria mu nda y'umubu.

Bakoranye na kaminuza ya Hopkins University, abahinga ba GSK batoye ko harmane ishobora kumirwa n'umubu iciye mu kanwa kawo, iyo ivanganijwe n'isukari, canke ikinjira iciye mu rukoba rwawo iyo bikoranyeko.

Ivyo vyuguruye inzira y'uko bishoboka ko ahantu iyo mibu ikunda kuba hapompwa umuti uhinguwe harimwo iyo harmane.

Ntitukigeramiwe

Igeragezwa risumvye ngaho ririko rirakorwa mu kigo c'ubushakashatsi muri Burkina Faso kugira harabwe urugero rwo gukora neza no kuba ata ngaruka kw'ikoreshwa rya harmane mu buzima bwa minsi yose.

Icizere ni uko hahinguwe umuti ushingiye kuri iyo bacterie, abahinga bashobora kuronka vuba ikindi gikoresho co kurwanya imwe mu ndwara za kera cane kw'isi.

Malaria yica abantu hafi 620.000 buri mwaka - kenshi abana batarashikana imyaka itanu. Haramaze gukorwa incanco, ariko ikoreshwa ryazo riracari mu ntango muri Africa.

Gareth Jenkins, wo mw'ishirahamwe ry'abagiraneza, Malaria No More, yavuze ko ivyatowe bitanga icizere.

''Malaria yica umwana buri munota. Haramaze guterwa intambwe ifadika mu kugabanya umutwaro uturutse kuri malaria, ariko kugira tugume ku murongo mwiza wo kuyirwanya turakeneye ubuhinga bushasha bwiyongera ku buhasanzwe.

''Mu gihe hari ibiri mu nzira yo gutorwa kandi bikomeye, birashoboka ko turangiza umusugerezo wa malaria mu buzima bwacu.''