Euro 2024: 'Havutse uwundi mu superstar' - Yamal ariko yerekana ubuhinga budasanzwe

Buri gihe, iyo hari igitsindo cinjijwe ku buhinga budasanzwe mw'ihiganwa rya Bulaya, kiramara igihe cibukwa, cerekanwa kandi kivugwa cane. Ni benshi bagiye berekana ubuhinga budasanzwe hano.

Igitsindo ca Lamine Yamal yaraye yinjije mu rukino rwa nijoro hagati ya Espagne n'Ubufaransa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri iri higanwa ry'igikombe ca Bulaya uno mwaka wa 2024 (Euro 2024) na co gishobora kuba muri bimwe mu bizokwibukwa cane.

Igihe Espagne yari imaze gutsindwa 1-0, Yamal yateye ishuti ikomeye ari hanze ya ca gice ca mukor'umbone, umupira ugenda wizunguriza gushika hejuru mu mfuruka y'igori, maze aba yinjiye mu gitabo c'ibihangange.

Ku myaka 16 n'imisi 362 yaraye abaye umukinyi wa mbere akiri muto yinjije igitsindo kuva muri kahise k'iri higanwa - asiga abarorerezi batamariwe.

Gary Lineker yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza ati: "Haravutse umu-superstar. Iki cabaye igihe kidasanzwe muri urwo rukino, mbere gishobora kuba igihe kidasanzwe c'iri higanwa".

Alan Shearer, na we nyene yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza yongerako ati: "Ni ibintu bitangaje. Twagumye tumuvuga muri iri higanwqa ryose kandi tuvuga ku myaka yiwe ko ari ikintu gitwengeje.

"Gukora ibintu nk'ibi, ni ibisigabwenge".

Nayo inyuma y'iki gitsindo, umumenyereza wa Espagne Luis de la Fuente, yavuze ati: "Twese dukeneye kumwitaho. Ndipfuza ko yobandanya akorana ubwitonzi nk'ubu, agashira umutima hamwe, akabandanya yiga.

“Mvugishije ukuri, aboneka nk'umukinyi afise uburambe budasanzwe. Ndishimye kubona ari mu murwi wacu, kubona ari umunya-Espagne.

"Tumwitezeko vyinshi kandi nta nkeka ko azodushimisha mu myaka itari mike iri imbere".

Yamal yipfuza 'gutsinda, gutsinda, gutsinda no gutsinda' inyuma yo gushika ku ndoto

Yamal ariko yiha ikibanza ku rwego mpuzamakungu, ariko yari yamaze kwubaka izina ryiwe mu gihe ciza yari amaze muri Barcelona.

Yabaye umukinyi wa mbere wa Espagne akiri muto kandi yinjiza ibitsindo, ndetse akaba ari we mukinyi wa mbere akiri muto yinjiza ibitsindo mw'ihiganwa rya Espagne La Liga.

Yamal azokwuzuza imyaka 17 ku wa gatandatu w'iyi ndwi itariki 13 z'uku kw'indwi - umusi umwe imbere y'urukino rwa nyuma ruzohuza Espagne n'iyiza gutsinda mu rukino rwo kuri uno wa gatatu hagati y'Ubwongereza n'Ubuholande.

Uravye ikintu kiri mu mutwe iwe, uno musore yavuga ko ico yipfuza mu gihe azoba ariko ahimbaza ivka ryiwe kwari "gutsinda, gutsinda, gutsinda no gutsinda".

Umurwi uwo ari wo wose uzohura na Espagne mu rukino rwa nyuma, nya yindi nama wogirwa atari uko utosubira guha akandi karyo uno musore nk'uko kumbure Ubufaransa bwabikoze.

Imbere y'uko urukino rwa nijoro rutangura,umukinyi wo hagati Adrien Rabiot yavuze ko Yamal yari akeneye "kwerekana ibirenze ku vyo amaze gukora gushika ubu muri iri higanwa".

Urukino rurangiye, Yamal yishimiye intsinzi yabo avugira kuri camera y'imboneshakure ati: "Ubu rero vuga, ubu rero vuga".

Rio Ferdinand yahoze akina inyuma mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza avuga ati: "Ni nk'aho Yamal yabonye Rabiot amaso yiwe agaca akayangana akavuga ati: 'Ngiye kukwereka'.

"Igitsindo ciza cane ku mwana akiri muto nk'uyu".

Yamal yagaragaye mu kiganiro n'abanyamakuru inyuma y'urukino isaha zitandatu n'iminota 15 z'ijoro (00h15) , mugihe abandi bana benshi bafise imyaka 16 bari kuba basinziriye, maze abazwa uwo yabwiye amajambo yiwe.

Yishuye ati: “Umuntu mvuga, uyu muntu azomenya uyu muntu uwo ari we.

"Ni indoto igiye mu ngiro kubona nshitse mu rukino rwa nyuma n'umurwi nserukiragihugu".

Ata bwoba afise imbere y'ibinyamakuru vyari vyiyegeranije, Yamal yerekanye ukwihagararako nk'uko yari ameze mu kibuga.

Ubu ikimuraje ishinga ni urukino rwa nyuma rwo ku wa Mungu i Berlin.

Abajijwe abo yipfuza kuzohura nabo, yishuye ati: "Uwo ari we wese nta ngorane.

"Iyo ushitse mu rukino rwa nyuma utegerezwa gukina neza kandi inkino zose ni zimwe.

"Tuzorindira kandi dukine n'uwo ari we wese”.

None Yamal ni nde?

Yamal ateje iteka karitiye yarerewemwo, Rocafonda 304, akarere ka Barcelona kadakunzwe kugenderwa n’amamiriyoni ya ba mukerarugendo bisukira muri uno mugwa mukuru w’intara ya Catalogne/Catalonia, mbere kakaba ari kamwe mu turere twa ba ntahonikora, atari gusa muri Catalogne ariko kandi muri Espagne yose.

Uno mwana yavyawe na nyina akomoka muri Guinée équatoriale na se akomoka muri Maroc. Barcelona imaze kumubona ikamushima afise imyaka indwi gusa igihe yariko akinira mu kibanza c’iteramiro i Rocafonda, se wiwe yamufashe ukuboko amujana muri Barcelona, hanyuma abaza ati: "Murashaka ko umwana wanje akinira Barcelona?"

Igihe bishura bati "ego", na we yishuye ati: "Ni vyiza, ariko banze mumwigishe".

Niho rero Yamal yinjira mw’ishure ry’umupira w’amaguru rya Barcelona, La Masia.

Ivan Carrasco yamwigishije akiri umwana, avuga ati: “Azokora ibintu tudashobora kwiyumvira.

“Ndamwibuka nk’umwana w’umuhungu yari azi neza ubuhinga bwiwe. Mu nkino, abantu benshi bafise ubuhinga bwinshi bama bashaka kwigungirako, ariko Yamal si uko.

“Nabonye umwana mwiza atashaka kwishira hejuru. Nk’umumenyereza, rimwe na rimwe uribaza uti: ‘None nomwigisha iki mu gihe akora ibintu na jewe aho ndi ntashobora kwibaza?'

“Uko wegera Lamine, niko ubona ko ari umukinyi adasanzwe, adasanzwe koko".

Uno musore w’amayeri menshi akina ku ruhande – izina ryiwe ryose rikaba ari Lamine Yamal Nasraoui Ebana – amaze gukinira Barcelona inkino 51, yinjiza ibitsindo indwi.

Hari abatari bake bamugereranya n’uwahoze ari rurangiranwa muri uno murwi - umunya-Argentina Lionel Messi, mbere na we nyene ntiyacitswe n’ubuhinga bwa Yamal.

Mu butumwa yandikiye umwe mu bagenzi biwe, kino gihangange ca Argentina yanditse ati: "Urabona ukungene Lamine yorosha ibintu?"

Eka mbere n’igihe yabazwa abakinyi bashobora kuzorwanira Ballon d'Or (umupira w’inzahabu) mu myaka iri imbere, Messi ntiyahigimanze mu kuvuga izina rya Yamal.

Hagati aho, ku bantu batari bake bamugereranya na Messi, Yamal yishura ati: "Nta wundi muntu ameze nka Messi azokwigera abaho”.